IYUGURURWA RYA YUBILE Y'IMYAKA 100 YA PARUWASE RUSENGO

IYUGURURWA RYA YUBILE Y'IMYAKA 100 YA PARUWASE RUSENGO

Ku w'Imana igenekerezo rya 2 Gitugutu 2022 muri Paruwase ya Rusengo iri muri Diyoseze ya RUYIGI niho haba ibirori vyo kwugurura Yubile y'imyaka 100 iyo Paruwase izoba imaze ishinzwe. Ibirori vyatanguwe no guhezagira icibutso c'iyo Yubile kirangwa n'ishusho ya Yozefu Mweranda ari we Muvunyi w'iyo Paruwase. Cahezagiwe n’umwungere wa Diyoseze Nyenicubahiro Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA akaba ari we yarongoye ivyo birori kumwe n'abandi Baherezankuka bavuye mu ma paruwase atandukanye.

Mu nkuka ya Misa yarabwiye abari aho ko kubwa ngingo iyo Yubile yohimbajwe mu mwaka uza w'2023 ariko kubera ayandi mayubile azoba ari muri Diyoseze, iyo yo izoca ihimbazwa mu mwaka w'2024. Yaciye adondagura amayubile uko azohimbazwa: mwakuyu tuzohimbaza Yubile y'imyaka 125 ya Paruwase Muyaga, duhimbaze Yubile y'imyaka 50 ya Paruwase Cendajuru ; dusimbize tuje muri uyo mwaka wa Yubile yanyu, duhimbaze Yubile y'imyaka 100 twongere Yubile y'imyaka 25 ya Paruwase ya BUSORO. Ivyo tubihejeje, tuzoca duhimbaza mu mwaka w'2025 Yubile y'imyaka 50 Diyoseze ya RUYIGI izoba imaze. Ivyo tubihejeje tuzoca duhimbaza Yubile y'imyaka 50 Iseminari ntoya yo mu Dutwe izoba imaze mu mwaka w'2026.

Mu nyuma Patiri mukuru wa Paruwase ya Rusengo yaradondaguye amamuko y'iyo Paruwase yongera arashikiriza ivyipfuzo biri mu nteguro y'iyo Yubile hamwe n'icivugo : « Genda wigishe mu Bakristu, ahari umwijima habe umuco ».

 

Athanase Ntirusezerana