MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA RUYIGI, ABASASERDOTI N’ABADIYAKONI BARAYE BATIWE

MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA RUYIGI, ABASASERDOTI N’ABADIYAKONI BARAYE BATIWE

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Mukakaro 2022, niho muri Diyoseze Katolika ya RUYIGI haba ibirori vyo kwatira abasaserdoti n’abadiyakoni, hamwe n'itangwa ry'ibindi bice bijana muri iryo banga. Ivyo birori bikaba vyabereye muri Paruwase Nyabitare iri mu ntara y'ubutumwa ya Kumoso. Inkuka ya Misa ikaba yaherejwe n'Umwungere w’iyo Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA.

Mu nsiguro y'Ijambo ry'Imana, uyo Mwungere yashimikiye ku civugo c'uwo musi kigira giti: "Kumwe Data yantuma, nanje niko ndabatumye". Yarongeye aratanga impanuro zitari zike, aho yasavye abari aho na cane cane abo basaserdoti bashasha kwiyambura umuntu wa kera, kwengengana, kurekuriranira, gusubiza hamwe, no kwamana umutima w'ikigongwe kuko ubutumwa bw'ikigongwe ari ubutumwa bw'amahoro.

Tubamenyeshe ko hatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti imisore itandatu (6): Patiri Tharcisse Nshimirimana, Jean Berchimans Ntirampeba, Nicolas Nshimirimana, Canisius Nikobamye, Protais Niyongabo na Jérémie Nyandwi. Haratiwe kandi n'abadiyakoni ndwi (7) ; abaronse igice c'ubukorezi nabo ni icenda (9) hamwe n’abasomyi cumi (10).

Athanase Ntirusezerana, Diyoseze RUYIGI