PARUWASE MURIZA YO MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA RUYIGI YARAHIMBAJE YUBILE Y’IMYAKA 50

PARUWASE MURIZA YO MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA RUYIGI YARAHIMBAJE YUBILE Y’IMYAKA 50

Ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 28/8/2021 muri Paruwase yitiriwe “Mugabekazi wurijwe mw'ijuru" ya Muriza yo muri Diyoseze ya Ruyigi niho hahimbazwa Yubile y'imyaka 50 iyo Paruwase imaze ishinzwe. Ibirori vy'uyo musi vyatanguwe n'Inkuka ya Misa yaherejwe n'Umwungere wa Diyoseze ya Ruyigi Nyenicubahiro Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA ahagatiwe n’isinzi ry’abasaserdoti n’abakristu!

Uyo mwepiskopi yarakeje iyo Paruwase ku bikorwa biboneka vyaranguwe vyaba ivy'umutima n'ivy'umubiri muri iyo myaka 50 iheze iyo Paruwase ishinzwe. Tubamenyeshe ko iyo Paruwase ya Muriza yashinzwe mu mwaka w'1971 na Musenyeri Andreya MAKARAKIZA yari arongoye Diyoseze nkuru ya GITEGA ikaba yaragijwe Umuvyeyi Bikira Mariya Mugabekazi yurijwe mw’ijuru. Aho Diyoseze Ruyigi itanguriye mu mwaka w'1973, Paruwase Muriza yaciye iyegukira. Mu myaka 14 ya mbere, abapatiri bera nibo bari bajejwe iyo paruwase. Mu nyuma yaho, Musenyeri Yozefu NDUHIRUBUSA (Umwungere wa kabiri wa Diyoseze Ruyigi) yaciye ayishinga abapatiri b'imvukira.

Muri iyo myaka, Paruwase yarungutse abasaserdoti 7 n'Abihebeyimana 27. Amasengero mezameza kandi akomeye yarubatswe ku bisata, imibano rukristu yarateye imbere mu mashirahamwe bita SILC no mu kurimiranira ico bise: "Ikibiri c'iterambere". Turangize tubabwira ko hari ibizokwama vyibutsa iyo Yubile : ingoro y'Imana yasubiwemwo, ikaba ishajije neza; harubatswe n'icibutso c'Umuvyeyi Bikira Mariya. Iyo Yubile ikaba yahimbajwe ku civugo: "Turi kumwe na Bikira Mariya yurijwe mw'Ijuru, Iyubile yacu ni ibe ininahazwa ry'Imana mu ngo zacu".

Athanase Ntirusezerana.