PARUWASE RUYIGI : UBUMARATIRI SI UGUSESA AMARASO GUSA.

PARUWASE RUYIGI : UBUMARATIRI SI UGUSESA AMARASO GUSA.

Ku musi w’Imana, igenekerezo rya 16 Ruheshi 2024, Paruwase Katedrale ya RUYIGI yari iramutse ihimbaza Abamaratiri b'i Buganda, nk'Abavunyi bayo. Twibukanye kandi ko ari n'Abavunyi ba Diyoseze yose ya RUYIGI nkuko Nyenicubahiro Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA yigeze kubitangaza. Urwo rubanza rweranda yari yaruteye ahagatiwe n’abasaserdoti batari bake baje baserukira amaparuwase yabo. Abashitsi batandukanyue hamwe n’abakristu isinzi bavuye mu bisata vyose vya paruwase bari basidukanye n’iyonka.

Mu nyigisho yashikirije mu Mperezwa y'Ukaristiya  Umwepiskopi yabanje kwibutsa ko Ubuganda  bwamenyeshejwe Inkuru Nziza n'Abamisiyonari b'Abapatiri bera kuva mu mwaka w'1879. Karoli LWANGA n'abagenzibe bapfuye bazira Izina rya Kristu ku wa 3 Ruheshi 1886. Ni na yo tariki tubahimbarizako muri Ekleziya yose iyo iva ikagera. Ariko Ekleziya y'i Burundi yashimye ko tubibuka ari ku musi w'Imana hakoranye abakristu benshi. Abo Bamaratiri b'i Buganda batangajwe icese ko bari mu rutonde rw'Aberanda ku 18 Gitugutu 1964 na Nyenubweranda Papa Pawulo wa VI.

Yashishikaye inyigisho yiwe ashimikira ku vyiyumviro bitatu :

Ubumaratiri ni Ingabirano : Ubumaratiri si ugusesa amaraso gusa ; ni ugushingira intahe ivyo wemera. Ubumaratiri buhera mu ndwano yo kuzigama indagano z'Ibatisimu. Kristu ntawigeze amwita Umumaratiri ariko ni We bose barabirako ; yarashingiye Intahe Ukuri, aba Umwungere yigura intama ziwe. Yaratsinze kandi Itsinzi yiwe ni iy'Uwumwemera wese. Ukuzigama amabwirizwa n'ukwirukira amasakramentu tubivomamwo inkomezi. Naho rero tutorinda gupfa turakeneye kuba abamaratiri. Twigenze rukristu kugira  ahari urwanko tuhazane urukundo. "Nta kizoshobora kudukura ku rukundo rw'Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu"( Rm 8, 39).

Ukwemera Ubuzima budahera: Icakomeje abamaratiri b'i Buganda ni Ukwemera ko uwo bapfuye bazira azobazozurira ubuzima budahera. Ku wutemera, urupfu ni umwijima n'iherengetera ry'ibintu vyose ariko ku wemera we, urupfu ni inzira ishikana mu buzima budahera.

Abavunyi bacu: Amazina yacu y'Ubukristu naze aratwibutsa abavunyi bacu, tubasabe kandi tubigane , twirinde guhemuka kw'ibanga.

"Hahiriwe abahamwa bahorwa Ubutungane, kuko Ubwami bw'Ijuru ari ubwabo *" (Mt 5, 10).

 Patiri Léonidas NTAKARUTIMANA