Ugukwangura umwaka w'ubutumwa muri Diyoseze Ruyigi

Ugukwangura umwaka w'ubutumwa muri Diyoseze Ruyigi

 

Ku wa 7 Gitugutu 2023, Umwungere wa Diyoseze  ya Ruyigi yaruguruye icese umwaka mushasha w'ubutumwa w'2023-2024.

Uyu musi waranzwe n'ibiringo bine bikurubikuru:
1. Ugusangira ikiyago cabereye mu nzu y'amanama yo ku Kirimba c'Umwepiskopi

2. Uguhimbaza Isakramentu ry'Ikigongwe

3. Ugasangira Imisa yahererejwe muri Katedrale Ruyigi

4. Ugusangira umusa 

Mu kiyago Umwungere wacu yagiriraniye n'abasangirabutumwa, yabibukije ko bakoranye kugira ngo bakerunguke umwaka w'ubutumwa 2022-2023 turiko turasozera bongere bakenguruke umwaka mushasha w'ubutumwa 2023-2024 Imana itugabiye.Tugeze mu mwaka ugira 3 mu ntumbero y'ubutumwa bw'imyaka itanu duhangiye kuva mu mwaka w'2021-2026.

Intumbero y'imyaka 5 ni iyi : "Twisunze Ijambo ry'Imana, ukurekuriranira n'ugusubiza hamwe nibibe Inkingi z'umubano mwiza n'Iterambere mu ngo zacu"

Yasavye abasangirabutumwa kuguma banoganza iryo jambo ibihe vyose. Yaciye atwibutsa intumbero y'uyu 2023-2024: Ukurekuriranira n'ugusubiza hamwe ni ingendo idufasha guhimbaza neza Yubile ya Diyoseze yacu

Kuva mu 2016, Diyoseze yacu yashize imbere ingo n'ubu tuzoshishikara, twongere twitegurire neza Yubile y'imyaka 50 ya Diyoseze yacu tuzohimbaza mu 2025.

Ivyiyumviro bizotumurikira biri mu gatabu k'Indinganizo y'ubutumwa bw'uyu mwaka. Ariko ibizoja imbere ni ibi:

1. Inyigisho n'Ingingo z'Inama ya mbere y'Umuryango wa Diyoseze2. Ubutumwa bwo kuremesha Ingo .

3. Ubutumwa bwo kuremesha Urwaruka

4. Ubutumwa bw'Ubutungane n'Amahoro.

5. Iterambere rijanye n'ivy'umubiri: isuku, uburimyi hamwe n'Imigambi ya Yubile ya Diyoseze yacu ya Ruyigi.

Ijambo ndongorabutumwa muri diyoseze rizoba ari  iri : TUMURIKIWE N'IJAMBO RY'IMANA, TUREKURIRANIRE, DUTSIMBATAZE ISANGIRAMUTIMA, SOKO RY'ITERAMBERE.Umwungere yasavye gusabira Inama Nsangizagendo ku misi ya Kane.

Uyo musi Umwungere yaboneyeho akaryo ko kuguha ikaze Abasangirabutumwa bashasha harimwo n'Umubano mushasha w'Ababikira urangurira Ubutumwa muri Paruwase Muhwazi: Abigeme b'Urukundo batangujwe n'Umweranda Visenti wa Pawulo. Yamenyesheje kandi ko Paruwase KAVUMWE yitiriwe Umuryango Mweranda w'i Nazareti izoshingwa icese ku wa 28/10/2023. Yasavye umwe wese kwakira Ubutumwa aharanira Ininahazwa ry'Imana. Haciye hakurikira umugirwa w'uguhimbaza Isakramentu ry'ikigongwe imbere yuko hatangura Inkuka y'imisa.

Inkuka y’imisa yari yitabwe n’abasaserdoti, abihayimana bose, abakristu baje baserukira abandi bava mu maparuwase yose ya Diyoseze yose, tutibagiye  isinzi ry’abakristu basangwa baje bava mu bisata bigize paruwase Ruyigi.

Mu nyigisho yiwe, umwungere wa Diyoseze yabanje kwibutsa yuko umwaka dusozereye ugira kabiri inyuma y’aho Diyosze itanguriye umugambi w’ubutumwa bw’imyaka  itanu (2021-2026). Intumbero diyoseze yihaye  muri iyo myaka itanu ni iyo kwisunga ijambo ry’Imana ngo ritubere umuco mu ngendo y’ukurekuriranira n’ugusubiza mu buzima bwacu bwa misi yose. Umwungere yarashimitse agira ati: “Ndasubiye kubasaba nshimitse ngo ntihagire umukristu n'umwe yibagira ico ciyumviro. Dushaka ko ljambo ry'Imana ritubera umuco, ukurekuriranira n'ugusubiza hamwe navyo bitubere ingendo y'ubuzima bwa misi yose. Gutyo, tuzoza turaronka ivyamwa vy'umubano mwiza n'iterambere aho turi hose : mu ngo zacu, mu kibano, aho dukorera n'aho tugendera hose.”

Ubutumwa bw'uyu mwaka mushasha w'2023-2024 ni ubuhe ?

Intumbero nyamukuru y'uwu mwaka mushasha ni iyi: "Uyu mwaka rero, dushize imbere ukurekuriranira n'ugusubiza hamwe be n'isangiramutima n'isangirabutumwa, ngo dushobore kuronka iterambere ry'ukuri.

Mu muryango turi magiriranire kandi dutegerezwa kwubahana kugira dushobore kudugiriza hamwe ikivi c’Umukama ( raba : 1 Abanyakorenti 12, 12-14).  Nico gituma “umwumwe azana umuganda wiwe ngo ingabirano yahawe n'Imana azikoreshe ku neza y'abandi bose. " Yamara ivyo bikaranguka mu rukundo no mu kwifata ruto ( raba: Yohani 13, 4-5)

Inyuma y'imisa hakurikiye ikiyago c'abasangirabutumwa.