UMWUNGERE WA DIYOSEZE KU MUSI MUKURU  WA PENTEKOTI MURI PARUWASE MUHWAZI

UMWUNGERE WA DIYOSEZE KU MUSI MUKURU  WA PENTEKOTI MURI PARUWASE MUHWAZI

Kuri uyu w'lmana igenekerezo rya 19/5/2024 abakristu ba paruwase Muhwazi yo muri Diyoseze Ruyigi barahimbaje mu rweze rwinshi umusi mukuru wa Pentekoti  mu Nkuka ya Misa yari yatewe iteka na Nyakubahwa Umwungere wa Diyoseze Musenyeri Blaise Nzeyimana. Paruwase Muhwazi yaragijwe Mutima Mweranda.

Abakristu benshi bari basidukanye n'iyonka kuza guhimbaza uwo  musi mukuru. Mw'ijambo ryo gutangura inkuka ya Misa, umwungere wa Diyoseze  yahamagariye abakristu gusanganira Mutima Mweranda ngo aduhunde ingabirano ziwe, yongera yipfuriza aba kristu bose umusi mukuru mwiza.

Mu nsiguro yiwe yamenyesheje ko uyu musi ari akanyamuneza ko gusanganira Mutima Mweranda Umutabazi n'Umuhoza tuzokwamana imisi yose. Amahoro n'urweze ni vyo Mutima Mweranda aza gutsimbataza mu muryango wa Yezu Kristu ari wo Ekleziya, ni vyo aza gutsimbataza mw'i paruwase yacu yaragijwe Mutima Mweranda.

lgihe Mutima Mweranda yaza kubatumwa baciye bunga ubumwe, barategera Ijambo ry'Imana. "Ese twese twokwamana ku bwa Mutima Mweranda urukundo n'ubumwe aho turangurira imirimo yacu ya misi yose n'aho tugendera."

Yezu ni We yatuyagiye uyo Mutima Mweranda agirako aramutwemerera, mu nyuma aramuturungikira. Ni Imana nka we, ni Imana nka Data. Muri Mutima Mweranda rero turafise iteka ryo kwitwa abana b'lmana; muri We kandi lmana irakora ibitangaza mu muryango w'abemera kristu.

Nidukundire Mutima Mweranda agume atwerekeza mu nzira y'ubuzima kuko tumuzeyeko vyinshi kugira tubashe gutera imbere k'umutima no ku mubiri twongere duteze imbere abandi mu muryango duhurikiyemwo.

Mu gusozera, yahamagariye abakristu kumukundira ngo ababere umuvunyi; birinde kumwanjanjwako kuko ni kirumara mu buzima bw'umukristu wese; vyongeye ni umutabazi twagabiwe na Data na Mwana. Umwe wese ahabwa na Mutima Mweranda ingabirano kugira igirire akamaro bose.

lnyuma y'inkuka ya Misa harabaye ugusabikanya urukanywa n’abakristu bose ba paruwase aho imibano rukristu yari yegeranije hamwe inzamuzo maze  baraheza barasangira nk'abakristu bambere.

Mwomenya kandi ko paruwase Muhwazi yatanguye kuba ari igisata ca Paruwase Kinyinya mu nyuma kiba paruwase mu 2015 maze iragizwa “MUTIMA MWERANDA ".

Edmond NDAYIKENGURUKIYE