INDAGANO M’UMURYANGO W’ABABIKIRA BENE-TEREZIYA KU MUSHASHA (GITEGA-BURUNDI)

INDAGANO M’UMURYANGO W’ABABIKIRA BENE-TEREZIYA KU MUSHASHA (GITEGA-BURUNDI)

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8/8/2020, mw’Isengero nkuru y’umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega iri ku Mushasha, Ababikira Bene-Tereziya bari baramukanye urubanza rukomeye cane rwo kwakira indagano za bamwe mu babikira b’uyo muryango. Hari abashikirije iza mbere, abandi iza burundu, abandi nabo bakengurukira Imana ku myaka iheze bihebeye Imana. Ivyo birori bikaba vyabereye mu Nkuka y’Imisa yaherejwe na Nyenicubahiro Musenyeri mukuru Ntamwana Simoni, Umwungere w’iyo Diyoseze.

Iyo Nkuka y'Imisa yatanguye isaha zitatu n’igice (9h30). Ikaba yatanguriwe n’urugendo rwaje ruva mu kigo citiriwe umweranda Tereziya (Centre Tereziya) rugana isengero nkuru y’Umwepiskopi, indirimbo zijanye n'urubanza na cane cane iz’itorwa zariko zirasamirana. Iruhande y’Umwungere mukuru yari arongoye iyo migirwa, Musenyeri Simoni NTAMWANA, hari n’abasaseredoti batari bake bari baje bavuye hirya no hino mu ma diyoseze atandukanye agize Ekleziya iri i Burundi, bazanywe n’ugushigikira bashiki babo kuri iryo teka ridasanzwe Umukama yabateye. Hari rero n’ishengero rinini ryari rigizwe hanini n’abakristu eka mbere n’ababikira bari baje bavuye mu miryango itandukanye. Ku rwego rw’Intwaro, hari Buramatari w’Intara ya Gitega.

Kuri uyo musi, ababikira batatu (3) bakengurukira Imana ku myaka 50 iheze ibahaye ibanga ikongera ikaribatwaza. Icenda nabo (ariko 2 muri abo bari hanze ntibashoboye kuba muri iyo migigwa) ; indwi (7) rero, bakengurukira Imana ku myaka 25 iheze bari mw’iryo banga. Ababikira batandatu nabo (6) bahereje Imana ubuzima bwabo bwose mu ndagano burundu, no muri abo nyene umwe yari hanze ; bakaba baraganye ari 5. Hari rero n'abanovisi 13 batanze indagano zabo za mbere.

Mu nyigisho yiwe, Umwungere yaratumiriye abakritsu bari aho kugendera ijambo rya Yezu atwigisha mu Nkuru nziza nk’uko yanditswe na Matayo 18,1-4 adutumirira guhinduka tukamera nk'abana bizigira rwose abavyeyi babo, ntibabike akabi mu nda, bamana umutima mwiza. Yarongeye atumirira Abene-Tereziya kunyurwa n'uyo mutima no gufasha abandi kugenzwa nawo.

Inkuka y'Imisa iheze, bene urubanza baciye bagenda kuzimana abashitsi mu nyubakwa zabigenewe, aho mbere hanavugiwe n’amajambo makuru makuru y’urwo rubanza : iry'umukuru w'umuryango wa Bene-Tereziya, irya Buramatari w'Intara ya Gitega, iry'uwaserukiye abavyeyi, n'iryo gusozera urubanza ryashikirijwe n’Umwungere mukuru, akaba yaciye anabahezagira.

 

Mama Mariya Yustina NIYONGERE