INDAGANO MU MURYANGO W'ABABIKIRA B'ABA ANNONCIADES, I JENDA

INDAGANO MU MURYANGO W'ABABIKIRA B'ABA ANNONCIADES, I JENDA

Mama Emelyne NDUWAYEZU yahora ari umunovise, ubu akaba ari umubikira, agira ati: «Twariteguye bikwiye[...], ni iteka rero kubona dushikiriye iri banga».

Hari ku wa gatandatu igenekereza rya 5 Gitugutu 2019, aho mu muryango w'ababikira b'aba Annonciades bari baramutse bakira indagano z'abanovise bane zibaha uburenganzira bw'ukwinjira icese nk'ababikira muri uwo muryango. Abo bagize indagano zabo za mbere ni Novice Alida AHISHAKIYE, Novice Donavine NDAYIHAYA, Novice Fabiola NIYONIZEYE, Novice Emelyne NDUWAYEZU, indagano zabashikanye ku rugero rw'ukuba ababikira. Na we uwagize indagano za burundu ni Mama Mariya Claudette NDAYININAHAZE. Ibirori bikaba vyabereye muri Paruwase yitiriwe umweranda Aloys yo mw'i Jenda, bitangujwe n'Inkuka ya misa.


Iyo nkuka ya misa yatangujwe n'urugendo rugana kuri Altari, mw'Isengero, ikaba yari irongowe n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSHA, ari kumwe n'Umwepiskopi w'Inararibonye yahoze arongoye iyo Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, hamwe n'abasaserdoti isinzi. Ivyo birori vyari vyitabwe kandi n'abihebeye Imana bo mu miryango itandukanye, abatwara intara, n'isinzi ry'abakristu bari baje gushigikira abaraganye.



Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana ryasomwe muri iyo Nkuka ya misa, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaribukije abagira bagire indagano ko ata wusubirira uwundi imbere y'Imana, canke ngo amusubirire mu butumwa, kuko ngo umwe wese afise ico Imana yamutoreye. Abari aho na bo yabasavye ko ihimbazwa ry'ivyo birori ryobabera akaryo k'ugusubira kurimbura itorwa ryabo, maze umwe wese agasubira akibaza ati: «Mbega, Imana yantoreye iki» ? Ngo boheza rero bagatohoza umuhamagaro wabo igihe cose, kugira ngo ntibaze bihende.

Bamwe bari baramutse bafise isango ry'ukugira indagano, ryahavuye rero riranguka, baraheza barashikiriza indagano zabo imbere y'Umwepiskopi n'imbere y'uwuserukira umuryango wabo mu Burundi. Abagize indagano za mbere baciye batangarizwa icese ko batakiri abanovise, ahubwo babaye ababikira, kandi ababikira bo mu muryango w'aba Annonciades, maze baraheza baronswa ikimenyetso c'Umusalaba. Na we uwagize indagano za burundu yavuze ati: «Ndakwihaye wese, Mukama, ubutacisubirako», araheza ahabwa ikimenyetso c'impeta ku rutoke.



Mu kugaragaza akanyamuneza, abagize indagano baserukiwe na Mama Mariya Claudette. Mw'ijambo ryiwe, yatanguye akengurukira umuryango w'aba Annonciades ko wabakiriye kuva bakidodora, bakaba rero ngo bari bahimbawe cane kubona bari bashitse kuri iyo ntambwe. Yashimye kw'izina ryiwe no ku ry'abavukanyi bagize indagano za mbere, yongera asaba intererano y'igisabisho, kuko ku bwiwe ngo ata witwaza ibanga.



Inyuma y'Inkuka ya Misa, ibirori vyabandanirije ku gusangira inzimano, ikiyago n'ukwiginana. Umwe mu bagize indagano za mbere na we nyene akaba yarahavuye aronka akanya ko kugaragaza akanyamuneza yari afise ko kubona bakiriwe icese mu muryango. Yamenyesheje ko bari bamaze imyaka itari mike bitegurira iryo banga, bihweza uwo muryango, gushika aho na bo basaba kwinjira icese, none ico basavye bakaba bakironse. Mbere ubu akaba yongereweko n'akandi kazina k'iteka, ahahora hari akazina «Novise» hakaja «Mama», kuko kuva ubwo yaciye yitwa «Mama Emelyne NDUWAYEZU». Yagize ati : «Twariteguye bikwiye, kuko twari tumaze imisi indwi mu mwiherero hamwe n'Umukama; ni iteka rero kubona dushikiriye iri banga».



Uwaserukiye uwo muryango w'aba Annonciades mu Burundi, Mama Christine NIYONKURU, na we yaragize ico ashikiriza mu guhimbarwa n'ukubona umuryango wibarutse abatumwa b'ibanga baza gusahiriza benewabo bataravunika, na cane cane bakumviriza ijwi ry'Umukama, kandi bakaryumviriza neza, badaciye kubiri na ryo. Yarangije atera intege abo bagize indagano, ko bokwama bisunga za ngeso nziza zaranze Bikira Mariya. Izo na zo ngo ni na zo zubatse akarangamutima n'akarangabutumwa k'uwo muryango, kuko ngo bafatira kuri ya «Ego» ya Bikira Mariya, aho yagira ati: «Jewe ndi umusavyi w'Umukama, nibibe nk'uko umbwiye».



Twokwibutsa ko umuryango w'aba Annonciades ari umwe mu miryango y'abihebeye Imana b'ababikira irangurira ubutumwa muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Ufise imibano ibiri, uwo mw'i Jenda, mu ntara ya Bujumbura ihanamiye igisagara ca Bujumbura, utera winjira hagati mu gihugu, be n'uwundi wo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, muri ico gisagara rero. Uwo muryango watanguriye mu gihugu c'Ububiligi utangujwe n'umusaserdoti Pierre Jacques de Clerk, ukaba washitse mu Burundi mu mwaka w'1958. Ubu umaze imyaka 61 urangurira ubutumwa mu Burundi, na cane cane muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura.

Furera Constantin MANIRANKUNDA, CEDICOM ibiro bijejwe kumenyesha amakuru muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura.