UMUSI MUKURU W’INDAGANO MU MURYANGO W’ABABIKIRA BENE-MARIYA

UMUSI MUKURU W’INDAGANO MU MURYANGO W’ABABIKIRA BENE-MARIYA

«Umwungere yabwiye Bene-Mariya ko bamaze kuba Umuryango munini, ko hakuguma wegukiye Diyoseze vyoba vyiza basavye ukegukira Papa; kandi ko boca boroherwa mu vyo bakeneye muri Ekleziya kanatsinda basanzwe bafise imibano mu bindi bihugu. Iryo jambo ryakirijwe amashi menshi cane».

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 17 Myandagaro 2019, Ababikira b’Umushaha Utartyoye wa Bikira Mariya ari bo BENE-MARIYA, bari baramukanye urubanza ruhambaye, aho abanovisi 14 bashikiriza indagano za mbere muri uyo Muryango, hakaba n’ababikira 10 baragana burundu, umwe ahimbaza Yubire y’imyaka 25, na babiri b’imyaka 50; ivyo birori bikaba vyabereye muri Paruwasi ya Busiga, Diyoseze ya Ngozi.