ITANGAZO RISOZERA INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI ( 03-07/06/2024)

ITANGAZO  RISOZERA INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI ( 03-07/06/2024)

Kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika ku  rya 7  Ruheshi 2024, Abepiskopi b’Ekleziya Gatolika y’i Burundi barakoraniye hamwe mu nama yabo isanzwe yo mu kwezi kwa Ruheshi. Iyo nama yabereye i  Bujumbura ku Cicaro cayo kiri i Kiriri.

Nk’uko bisanzwe, igisabisho nico bahereyeko, hanyuma Umwepiskopi arongoye inama aca ashikiriza ijambo ryo kwugurura ibikorwa. Intumwa ya papa mu Burundi ni yo  yahawe ijambo ubwa mbere.

Yaboneyeho gushikiriza Abepiskopi ubutumwa barungikiwe na Papa bujanye n’iyo nama barimwo. Papa yarabamenyesheje ko ari hafi yabo kandi abasabira. Papa asaba abepiskopi, abasaserdoti n’abihebeyimana kubera abandi akarorero keza, mu kugendera umuvukano hamwe n’urukundo, mu  majambo no mu nyifato yabo, batange umugan- da utsimbataza ukwubaka igihugu kirangwa n’ubumwe n’ugusubiza hamwe.

Abungere barashimira Imana ku vyiza vyinshi igihugu cayo cagabanye mu bihe bitandukanye no mu migirwa myinshi.

Ukwemera kw’abakristu kwarateye imbere, abungere nabo baruzura akanyamuneza. Aho twodondagura ihimbazwa ry’iminsi mikuru ya Noheli, n’ugusozera umwaka w’ 2023, uguhimbaza umunsi mpuzamakungu w’ubuzima bwihevyi, iminsi mikuru ya Pasika na Pentekoti, amafungo ya Pasika yaritabwe  ku bwinshi, amanama y’ukunagura n’uguherekeza ubusaserdoti yararinganijwe hafi mu madiyoseze nka yose. 

Iruhande y’ivyo bihimbaye, n’ububabare ntibwabuze kuko hari abasaserdoti n’abihebeyimana bitavye Imana, muri aya mezi: nko muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, muri Diyoseze nkuru ya Gitega no muri Diyoseze ya Ngozi. Abungere barongeye baramenyesha ko bariko baritegurira iminsi mikuru y’iyatirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti mu madiyoseze iwacu.

Amayubile nayo azohimbazwa muri rino ci si make:

- Hari nka Yubile y’imyaka 75 ya  Diyoseze ya Ngozi,

- Hari Yubile y’imyaka 125 ya Paruwase Mugera,

- Hari Yubile y’imyaka 100 ya Paruwase Rusengo n’izindi.

Ku vyerekeye ubuzima bw’igihugu, Abungere  barashima ko umutekano uhari muri rusangi. Ariko barababajwe n’ibiheruka kubera mu gisagara ca Bujumbura,  aho abantu batari bake  bakomeretse bivuye ku nkozi z’ikibi zateye abenegihugu batekanye, zikabasukamwo ibisasu ntezwantoke.

N’ubu barasubiye gukebura n’ugutera akamo abantu bose, ko ubuzima bw’umuntu ari katihabwa, ata mvo n’imwe iriho yo kuzimanganya ubwo buzima.

Inyuma y’ayo makuru  yose y’ubuzima bw’amadiyoseze, Intumwa ya Papa yaciye ishikiriza nayo amakuru yerekeye Ekleziya yose n’ubutumwa bwiwe.

Abepiskopi bahejeje  guhanahana ayo makuru, baciye bihweza kimwe kimwe mu vyari  bitegekanijwe.

Ubwa mbere: Twobaho dute hano iwacu nk’abasangirarugendo kubw’ukwizigira kuva aho duhimbarije Yubile y’imyaka 125 tumenyeshejwe Inkuru nziza no mu mwiteguro wo guhimbaza icese Yubile y’imyaka 2025 y’Icungurwa ryacu?

Abungere bararonse  akaryo ko gusubira gutereza amaso inyuma, barashima ivyiza Imana yagabiye Ekleziya y’i Burundi, muri iyi myaka 125 imaze, basanga ni ibimenyetso vyuzuye ukwizigira.

Ariko n’ibibazo ntibibuze mu bisata bitari bike : haba mu vyerekeye imibano, mu vyerekeye  ubutunzi, politike, imigenzo n’ubutumwa.

Ikete Ndangantumbero rya Papa Fransisko ryrerekeye Yubile y’isi yose mu mwaka w’2025 rije  hageze kuko rishimikiye ku kwizigira, nako kukaba kudahemuka. Bisunze rero umuco bahabwa n’iryo kete, Abepiskopi bararabiye hamwe ibikuru bikuru vyoringanizwa muri uwo mwaka wa Yubile y’Ekleziya nzima. Indinganizo hamwe n’ibisabisho vy’iyo Yubile, muzobishikirizwa mu minsi iri imbere n’Abungere banyu.

Imigwi y’abakristu bitegurira kuzoba imiryango y’abihebeyimana.

Ubuzima bwihevyi ni imwe mu ngabirano twaronse   muri  iyi  myaka

125 iheze Inkuru nziza isamirijwe mu Burundi. Imiryango myinshi y’abihebeyimana   yaravutse ; kandi n’iyindi ibanda nya ivuka. Abungere bamaze  kwihweza ibijanye n’imiryango igitangura, babonye ko kubafise iciyumviro co gutanguza, bobafasha kwisunga amategeko y'Ekleziya, bagakurikiza  intambwe zose zitegekanijwe gushika umuryango nyezina wemererwe. Ingingo zose zikenewe zizofatwa kugira ngo iyo miryango ishobore gutera imbere neza ; kandi ukuba mweranda nk’uko Data wo mw’ijuru ari mweranda, ntibigenewe umugwi umwe, bigenewe abigishwa bose ba Yezu Kristu.

1)Umutigiri w’abigeme b’Imana ni iyindi  ngabirano  Ekleziya  y’i Burundi yaronse  muri iyi myaka 125 imaze tumenyeshejwe Inkuru nziza.

Abungere bamaze guhanahana ijambo, bakabona ingene uyo mutigiri watanguye mu Burundi  n’ingene wifashe ubu, barabonye ko abigeme ba tari bake bariko barawirukira. Naho abigeme bamwe bibaza ko ubwo buzima bworoshe kuruta ahandi, Abungere bo babona ko butoroshe namba. Ni co gituma bagiye gutomora neza ibiwerekeye bizofatirwako mu kwakira abasaba kuwinjiramwo, ikiringo co kwitegurira ubwo buzima uko kizongana, ingene uwo mwigeme ategekanya kubaho muri kazoza.

2) Itegeko rigenga abasaserdoti barangurira ubutumwa mu bigo mpuzamadiyoseze.

Inama y’Abepiskopi Gatolika mu Burundi, mu kurangura ubutumwa buyega, iratuma abasaserdoti bava mu madiyoseze y’igihugu cacu.

Kubera hibonekeza cane itandukaniro mu bifasha kurangura ubu- tumwa bajejwe, bivanye n’ibikorwa bakora naho babikorera, Abepiskopi barihweje bongera baremeza itegeko rizogenga abo basaserdoti batumwa aho baburangurira  hose. Iryo tegeko  rirerekana neza ivyo iyo nama y’Abepiskopi izotungani riza umupatiri arangura ubutumwa yamushinze n’ivyo diyoseze avukamwo izobandanya imutunganiriza.

Uruhara rw’Ekleziya mw’itunganywa ry’amatora n’ikurikiranwa ry’ikiringo cayo.

Kubera ko ikiringo c’amatora ari ikiringo gihambaye mu buzima bw’igihugu, inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi, ibicishije mu Gisata cayo gishinzwe Ubutungane n’Amahoro,    yarongeye kwiyemeza ubutumwa bwayo bwo guherekeza ico kiringo c’amatora kuva mw’ite- gurwa, ishirwa mu ngiro  n’inyuma yayo. Naho ibibazo bitabuze, Abepiskopi barahimbawe  n’uko urugendo rw’ayo matora ruza rwarata- nguye. Abepiskopi basozereye inama yabo bavugana utuntu n’utundi twerekeye ubuzima n’ubutumwa bw’Ekleziya.

 

                         Bigiriwe i Bujumbura ku wa 7 Ruheshi 2024

                     Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi

                      Musenyeri Bonaventura NAHIMANA

            Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika

b’i Burundi