Itangazo ryo gusozera Inama y'Abepiskopi Gatolika b'i Burundi yo muri Kigarama 2019


1. Kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika ku rya 6 Kigarama 2019, Abepiskopi b’Ekleziya Gatolika y’ i Burundi barakoraniye hamwe mu nama yabo isanzwe yo mu kwezi kwa Kigarama. Iyo nama yabereye mw’Iseminari Nkuru y’i Gitega yitiriwe umweranda Yohani Paulo wa II.
2. Igisabisho hamwe n’ijambo ryo kwugurura Inama biheze, Abepiskopi baciye babanza guhanahana amakuru yerekeye ubuzima n’ubutumwa mu ma Diyoseze bashinzwe.
- Bose barashikirije ibijanye n’ingene basozereye ukwezi kudasanzwe kwo kumenyesha Inkuru nziza, baravuga ingene umunsi mpuzamakungu wahariwe aboro wahimbajwe, baravuga ingene biteguriye umunsi mukuru wa Kristu Mwami mu gisabisho c’iminsi icenda n’ingene rero wahimbajwe neza, hamwe n’ingene abo mu Butumwa bwo kunagurwa muri Mutima Mweranda, « Renouveau Charismatique Catholique », batanze inyigisho nkabura kwemera mu kwezi kw’icumi 2019, mu ma Diyoseze yose y’i Burundi.
- Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya GITEGA n’uwa Diyoseze ya MUYINGA, baramenyesheje ko banezerewe n’uko bashikirije icese inyigisho n’ingingo vyavuye mw’isasa ry’Inama ya mbere y’Umuryango wa Diyoseze. I Gitega, urwo rubanza rukaba rwabaye kw’igenekerezo rya 9, i Muyinga naho rukaba kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo.
- Hamwe hamwe mu ma Diyoseze, Abungere baramenyesheje ko buguruye icese amaparuwase mashasha, bongera barashikiriza ubutumwa Abapatiri bakuru bayashinze canke barungitse mu yo batahoramwo, bisunze umugirwa utegekanijwe muri Ekleziya. Diyoseze Nkuru ya GITEGA yaramenyesheje ko kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2019 yahimbaje imyaka 60 imaze ishinzwe. Diyoseze Nkuru ya Bujumbura na yo iramenyesha ko kw’igenekerezo rya mbere Kigarama 2019, muri Paruwase yitiriwe Agostino mweranda mu Buyenzi, hahimbajwe isozerwa rya yubile y’Imyaka 150 Umuryango w’Abamisiyonari ba Afrika umaze utangujwe.
- Mu makuru y’Ekleziya ikwiye kw’isi yose, Umukuru w’Inama y’Abepiskopi yaramenyesheje ko kw’igenekerezo rya 8/12/2019 ku Kirimba c’Umuvyeyi Bikira Mariya c’ i Loreto mu Butaliyano hari hagiye kwugururwa umwaka wa Yubile y’imyaka ijana kuva Ekleziya itangaje ko uwo Muvyeyi ahahimbarizwa ari umuvunyi w’abafata ingendo mu ndege. Iyo Yubile ikaba izosozerwa kw’igenekerezo rya 10/12/2020. Yarongeye aramenyesha Ingingo Papa Fransisko aheruka gufata y’uko umunsi w’Imana wa gatatu wo mu mwaka uzokwama ari umunsi mpuzamakungu wahariwe Ijambo ry’Imana, hamwe n’iy’uko umunsi w’Imana wa nyuma w’ukwezi kw’icenda, uko umwaka utashe, ari uw’Imana wahariwe abimukira n’impunzi.
3. Mu bijanye n’umutekano, Abepiskopi barababajwe n’uko habaye abitwaje ibirwanisho bateye mu maparuwase ya Musigati na Mabayi yo muri Diyoseze BUBANZA mw’ijoro ryo kuwa 22 Gitugutu no mu ryo kuwa 16 Munyonyo 2019. Barateye ivyatsi ivyo bitero vyaje gusongera isibe muri iki gihe c’ukwitegurira amatora kirangwamwo ibihuha biguma bikwiragizwa bigatera ubwoba abantu batari bake mu gihugu. Barahojeje imiryango yabuze, batako biyemeza gusabira ku Mana abo ivyo bitero vyahitanye.
- Ku bijanye n’ivyo nyene vy’ukwitwaza ingimba, Abungere barahanahanye ivyiyumviro ku nyifato bogira bafatiye kuri ubwo bwoba babona bwugarije abantu kubera ivyo bihari, basanga bokomeza kumenyesha Inkuru nziza itanga umwizero mu bantu, kandi ibatumirira gutsimbataza amahoro n’umuvukano mu mibano yabo, gutyo hagatuzwa ico cose cozana umuryano mu bantu.
- Baraniyumviriye cane cane urwaruka, rwaba ururi mu mashure canke urutiga, basanga birihutirwa ko botsimbataza muri rwo inyigisho zerekeye amahoro, ugusubiza hamwe, be n’ukubungabunga hamwe n’ugukingira ibidukikije.

4. Mu bijanye n’Ubutunzi, Abepiskopi baravuze ko bahagaritswe umutima n’uko hamwe hamwe imvura itagwa nk’uko bari bayiteze, bikazohava bikwega inzara, ahandi na ho ikagwa ari isengenya yonona imirima mbere n’abantu bagatikira nko muri Komine MUGINA yo mu ntara ya CIBITOKE.
5. Barongeye barahanahana amakuru ku bijanye n’indero y’urwaruka mu mashure, bafatiye ku kungene abana biga mu mashure matomato n’ayisumbuye batwara inda z’indaro ku bwinshi. Basanze bifitaniye isano n’inyigisho zitangwa zerekeye uburenganzira bw’uguhuza igitsina n’uwo bashatse wese. Baciye bumva ko bategerejwe gukora uko bashoboye ngo ababifisemwo ijambo bahagarike izo nyigisho, mu gukura cane cane mu gitabo c’abana b’umwaka w’icenda w’ishure shingiro ikigabane kizerekeye. Na none, izo nyigisho ntizononera urwaruka mu kuruhumbisha vyonyene, mugabo ziranatyoza imico n’akaranga k’Uburundi. Abarundi barayamaze bati : Iziza guhona zihera mu ruhongore.
6. Uguhanahana amakuru guheze, Abepiskopi barakiriye raporo zerekeye ikoreshwa ry’uburyo bw’Amaseminari Makuru yose yo mu Burundi, mu mwaka uheze, barashima ko muri rusangi bwakorehejwe neza. Baciye baboneraho no kuvugana ivy’ishirwa mu ngiro ry’umugambi bafise wo gutanguza umwaka nteguza w’indero yo mw’Iseminari Nkuru (Propédeutique).
7. Hanyuma na ho, Abepiskopi barihweje integuro y’amategeko azogenga ishirahamwe ry’ukuziganya no ku guranana ry’abari mu Butumwa bwo kunagurwa muri Mutima Mweranda « Renouveau Charismatique Catholique » (RCC), ryitwa « SAREPTA X ». Kubera ko umwanya utabakundiye ko bagira ico bashitseko ku vyerekeye ayo mategeko, bumvikanye ko bazoyagarukako vuba mu nama idasanzwe.
8. Abepiskopi barihweje n’ibijanye n’indinganizo yo gukoresha inyubakwa z’Ikigo c’inyigisho mperekezabutumwa ku Balayike, kiri aho benshi bazi kw’izina rya « NDONGOZI ». Barashimye kubona ko habonetse ibibanza vyo gutangiramwo izo nyigisho, mugabo baranahimiriza ababijejwe gutunganya neza ikoreshwa ryavyo hisunzwe isangiramutima ritegerezwa kuranga abaharangurira ubutumwa bwabo bose.
9. Bavuye ku vyerekeye iyo nyubakwa, Abepiskopi bararabiye hamwe ibijanye n’ibibazo hamwe n’ingorane Ikinyamakuru Ndongozi y’Uburundi gifise muri ibi bihe.
10. Kubera inzego nyobozi z’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi zari rinangije ikiringo cazo, nk’uko amategeko agenga iyo Nama abitegekanya, imbere yo gusozera inama, Abepiskopi baciye bagira amatora y’abazishingwa mu kindi kiringo c’imyaka itatu. Ivyavuye muri ayo matora, ni uko bongeye kwizera abahahora, Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi akaguma ari Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, Umwepiskopi wa Muyinga, Icegera ciwe nawe akaguma ari Nyenicubahiro Musenyeri Bonaventura Nahimana, Umwepiskopi wa Rutana.

Bigiriwe i Gitega ku wa 06 Kigarama 2020.


Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi
+Yohakimu NTAHONDEREYE
Umwepiskopi wa Muyinga,
Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika
b’i Burundi

Télécharger le communiqué  ici