

Nk’uko bisanzwe, bahereye ku gusenga. Igisabisho giheze, Umukuru w’Inama y’Abepiskopi yaciye ashikiriza ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy’iyo nama yabo, ahera ku kuvuga ko ahimbawe n’uko baronse inyubakwa nshasha, zigenewe kuba Icicaro c’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi. Yagiriyeko akengurukira abafashije bose mw’irangurwa ry’umugambi wo kuzubaka, araheza abona kumenyesha abo basangiye iyo nama urutonde rw’ivyo bategerezwa kwiheza.
Nk’uko vyari bitegekanijwe mu vyihwezwa, Abepiskopi bahejeje guhanahana ayo makuru baciye barabira hamwe ibiri mw’Iketenyigisho Papa Fransisiko aherutse gushikiriza ryitwa Fratelli tutti ni ukuvuga Twese turi abavukana, rihimiriza umuvukano n’umubano mwiza hagati y’abantu. Inyigisho iri muri iryo kete bayirabiye hamwe ngo bayigire rwabo, maze bayikuremwo ibikuru bikuru bokwubakirako mw’irangurwa ry’ubutumwa bw‘Ekleziya mu Burundi bw‘ubu. Uko kuyirabira hamwe kwarabafashije gutegera ko ari ngombwa kumenya kurimbura ibigize ubuzima n’imibano vy’abo bashinzwe, bagaheza bakamenya n’ugushinga integekanyo ngengabutumwa ifasha ngo irangurwa ry’ubwo butumwa ntirigarukire gusa ku kuzigama ivyiza bihasanzwe, mugabo rigire ico rihinduye mu buzima nyene no mu mibano y’abo burangurirwa. Ugusomera hamwe iyo nyigisho nyene kwaratumye Abepiskopi babona ko bibereye, ku ruhande rumwe, kuyimenyesha vuba imigwi yose y’abo bashinzwe, ku rundi ruhande naho gutegura abahinga bakwiye mu vyo kwihweza no kurimbura ibiriho mu mibano no mu gihugu, hamwe no mu vyo gushinga integekanyo ngengabutumwa.
Igikorwa co gusomera hamwe iyo nyigisho giheze, Abepiskopi baciye baja ku co kwakira n’ukwihweza amaraporo y‘ingene ubutunzi bw’Amaseminari makuru uko ari ane bubungabunzwe kandi bugwizwa. Ayo maraporo yashikirijwe n’abarongoye ayo maseminari bari kumwe n’abanyabigega bayo. Mu ndimburo y’ayo maraporo, Abepiskopi barahimbawe cane n’urugero abaseminari bamaze gushikako mu gushira mu ngiro impimirizo babahaye yo kugira uruhara mu bijanye n’ivy’ukwitunga kw’amaseminari.
Ivy’uwakira n’ukwemeza ayo maraporo biheze, Abepiskopi baciye bihweza integuro y’amasezerano yo gukorana hagati ya Karitasi Burundi n’izindi Karitasi canke ayandi mashirahamwe. Bamaze kubona yuko iyo nteguro igikeneye kugororwa no kwuzurizwa muri vyinshi, baciye bafata ingingo yo kuzoyihweza mu nama yabo ya bose isanzwe yo mu kwezi kwa gatatu.
Abepiskopi barahejeje kandi bararabira hamwe ingene ubutumwa bw’abakristu balayike bwokomezwa ukuruta mu ma Diyoseze bashinzwe n’ingene bworangurwa bimwe bishemeye hose. Mu kurangura ico gikorwa, bahereye ku kwihweza inguvu abo bakristu balayike bafise, ibibabera intambamyi, ibibaha umwizero n’ibibahanamiye. Baciye bafatira kuri ivyo nyene, mu kurimbura ivyo boshimikirako muri kazoza kugira ngo banagure bongere bakomeze ubutumwa bw’abakristu balayike. Muri ivyo na vyo, icambere coba ugushinga Inama ngororerabutumwa y’Abakristu balayike ku nzego zose, bahereye mu maparuwase hanyuma bakaja ku rwego rw’amadiyoseze, gushika rero no ku rwego rw’igihugu. Hanyuma hoca hakurikira itunganywa ry’inyigisho zoshikirizwa abo bakristu balayike nyene ku nzego zose. Maze muri izo nyigisho, bagahera ku yerekeye akarangamutima n’indinganizo y’Ekleziya.
Imbere y’ukwihweza utuntu n’utundi, Abepiskopi baragarutse ku vyerekeye inama-nyigisho bari baratunganije mu kwezi kwa gatanu ku vyerekeye ingiro n’ingendo bamwe mu bihweza ibiriho mu gihugu bikeka ko vyoba bitumbereye gusambura Ekleziya. Babonye yuko ico kibazo gikwiye kwinjizwa mu mugwi w’ivyerekeye imigenderanire hagati y’Ekleziya na Leta, baciye bumvikana yuko inyishu yaco ari uko bobandanya basaba ishirwa mu ngiro ryuzuye ry’Amasezerano-ngenderwako Ikirimba c’Umuvyeyi Papa gifitaniye na Republika y’Uburundi.
Bigiriwe i Bujumbura ku wa 4 Kigarama 2020. Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi,
Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepiskopi wa Muyinga akaba n'Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi.