Itangazo ryo gusozera inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi yo muri Ruheshi 2019

 

1. Kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika ku rya 7 Ruheshi 2019, Abepiskopi b’Ekleziya Gatolika y’i Burundi barakoraniye hamwe mu nama yabo isanzwe yo mu kwezi kwa Ruheshi. Iyo nama yabereye mw’Iseminari Nkuru y’i Gitega yitiriwe umweranda Yohani Paulo wa II.

2. Nk’uko bisanzwe, igisabisho be n’ijambo ry’ukwugurura inama biheze, Abepiskopi baciye babanza guhanahana amakuru yerekeye ubuzima n’ubutumwa mu madiyoseze bashinzwe.

- Bose barashimira Imana ko abakristu bitavye ari benshi amapfungo ya Pasika be n’imigirwa yo guhimbaza indwi nyeranda. Barahimbawe kandi n’ukubona ko ababatijwe mw’ijoro rya Pasika ari benshi, be n’uko igihe c’ugukomeza muri Mutima Mweranda catanguye mu madiyoseze atari make.

- Barahimbawe kandi ko mu madiyoseze yose haringanijwe inama nkarishabwenge be n’izindi zisanzwe, zagiye zirahuza abasaseredoti bose.

- Barashima ko ijambo ry’inyigisho riheruka kwandikwa n’urwego rw’Inama yabo, ku vyerekeye uguhimbazanya iteka Isakaramentu ry’Ukaristiya, ryashikirijwe mu madiyoseze yose nkuko vyari bitegekanijwe, bagashima kandi n’ingene ryakiriwe neza n’Abasaseredoti hamwe n’igihugu cose ceranda c’Imana.

- Muri uko guhanahana amakuru, baramenyeshejwe ko urugendo rw’umusalaba w’urwaruka muri Diyoseze ya Ngozi rubandanya neza kandi ko integuro y’ihuriro ry’urwaruka rwo mu Burundi bwose rizobera aho i Ngozi nyene, yamaze gutangura.

- Vyongeye, Abungere barahimbawe no kwumva ko umwimbu w’impeshi uzoba mwiza naho mu duce tumwetumwe two muri Diyoseze ya Muyinga uruzuba rwishe imirima.

- Abo Bepiskopi barahagaritswe umutima n’ukwumva ko ingwara ya malaria yasubiye kuba ndanse mu mihingo myinshi y’igihugu ; barababazwa kandi n’ukwumva ko, ahatari hake, hariho n’ayandi mabi aguma yibonekeza : nk’ubusuma butandukanye, burimwo mbere n’ubugirwa n’abitwaje ivyuma bicira umuriro, buheza bugahitana ubuzima bw’abantu ; nk’abantu bashingiye ku gutwarana uburozi ; be n’urudandazwa rw’abigeme ruvugwa mu turere tumwetumwe tw’igihugu.

- Mu bibabaza, harimwo rero n’ukutihanganiranira kwatanguye kwibonekeza hamwehamwe mu banyamigambwe, bivuye ku guhababuka kujanye n’ihangiro ry’amatora yo mu 2020. Bamwe bagashamirana, mbere n’ukwicana bakicana. Abepiskopi barahagaritswe umutima kandi n’uruhagarara bumva ruri mu makambi y’impunzi z’Abarundi mu gihugu ca Tanzaniya.

3. Uguhanahana amakuru guheze, Abepiskopi baciye bihweza ibintu bimwebimwe vyerekeye ubuzima bw’Ekleziya. Bahereye kw’Itegeko riheruka gushingwa na Papa Fransisko, ryitwa« Vos estis lux mundi » (Ni mwebwe muco w’isi), ritegereza abasaseredoti be n’abihebeyimana kwirinda guhumbisha abatarashika mu bigero be n’abo bose amategeko ashira muri uwo murwi, rikabategereza kwitwararika kubakingira. Iryo Tegeko barafashe umwanya wo kurisoma bitonze, ngo baritegere neza, bongere bamenye n’ibikenewe vyose kugira ngo rishirwe mu ngiro vuba nkuko bitegekanijwe.

 

4. Mu ntumbero y’umwitwarariko basangiye wo kumenyereza abakristu bashinzwe ukuronsa bo nyene Ekleziya uburyo ikeneye kugira ngo irangure ubutumwa ishinzwe, Abepiskopi barihweje icokorwa kugira ngo iyo ndero iremeshwe mu maseminari makuru. Bahavuye mbere bategura n’urwandiko barungikira abarezi bo muri ayo maseminari be n’abafaratiri ngo babafashe gutegera imvo n’imvano y’iyo ndero bongere babamenyeshe n’ingingo bisunga mu kuyiremesha.

5. Abepiskopi barafashe umwanya wo guca irya n’ino ibijanye n’ubuzima bw’igihugu muri iki gihe twimirije amatora yo mu mwaka w’2020. Barazirikana ico Ekleziya ihamagariwe guterera kubw’ubutumwa ishinzwe, kugira ngo ayo matora abe mu mahoro kandi ateze imbere ingendo y’intwaro rusangi.

6. Abo Bungere baramenyeshejwe kandi ko umukuru w’Umurwi CVR, ujejwe gutohoza ukuri kwerekeye akahise k’Uburundi n’ugufasha Abarundi kurekuriranira, yanditse asaba ko urwego rw’Inama yabo rwoha abagize uwo murwi akaryo ko kubonana na bo, ngo babasigurire ico bashinzwe bongere barabire hamwe ico urwo rwego rwabo rwoshobora kubaterera. Abepiskopi barakengurutse ico cipfuzo baraheza bapfundika ko, imbere yo gushinga itariki yobabangukira, uwo mubonano bowitegurira neza kugira ngo uzobe ngirakamaro.

7. Ikindi bamenyeshejwe ni umugambi w’Ababikira b’Iramukanya rya Bikira Mariya b’i Gitega wo kwihingurira umuvinyu wa misa. Uwo mugambi barawushimye, mugabo babona ko hariho ibigikenewe gutohozwa no gutomorwa neza kugira bamenye ko ari Inama yabo ifise ububasha bwo gufata ingingo y’ikoreshwa ry’uwo muvinyu canke ko ari Umwepiskopi w’aho ukanyirwa.

8. Hanyuma, Abepiskopi bararabiye hamwe ivy’ihimbazwa ry’Ukwezi kudasanzwe kw’Ukumenyesha hose Inkuru Nziza. Nkako, muri uyu mwaka w’2019, Papa Fransisko yashimye ko uko kwezi kwoba ukudasanzwe kuko hazoba haheze imyaka 100 hashikirijwe inyigihso yambere yahimirije ubwo butumwa muri Ekleziya, na yo ikaba yashikirijwe na Papa Benedigito w’XV mw’ikete yise « Maximum illud » afatiye nk’uko bisanzwe ku majambo yaryo abiri yambere mu kilatini.

9. Imbere yo gusozera ibikorwa vy’inama yabo, Abepiskopi baramenyeshejwe aho ababishinzwe bagejeje urwubako rw’ikigo c’ukuremesha ingendo y’amahoro n’ugusubiza hamwe « CINOPR », baramenyeshwa n’ibigikenewe kugira ngo urwo rwubako ruhere. Bamaze kurimbura ivy’ubutunzi bw’ikigo GEMECA, baracishijemwo n’ivyerekeye ibikenewe kugira ngo hatangure ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gusaba ko abahisi Patiri Mikaeli Kayoya, abaseminari 40 b’i Buta hamwe n’abamisiyonari b’Abasaveriyano biciwe i Buyengero bashirwa ku rutonde rw’aberanda.

Bigiriwe i Gitega ku wa 7 Ruheshi 2019


Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi

Yohakimu NTAHONDEREYE
Umwepiskopi wa Muyinga,
Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika
b’i Burundi

 

Télécharger le Communiqué en kirundi