IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’UMUGWI MPANUZWAJAMBO W’INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI MU VYEREKEYE UBUTUMWA BWO KUMENYESHA INKURU NZIZA KW’ISI YOSE

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’UMUGWI MPANUZWAJAMBO W’INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI MU VYEREKEYE UBUTUMWA BWO KUMENYESHA INKURU NZIZA KW’ISI YOSE

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 3 Nzero 2021, Ekleziya yari iramukanye umusi mukuru w’Ukumenyekana kw’Umukama. Kuri uyo musi nyene unasanzwe wahariwe ubutumwa bw’imikangara, Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye umwepiskopi wa Diyoseze Katolika ya Muyinga, asanzwe anarongoye Inama y’abepiskopi b’i Burundi, akaba kandi ari we mukuru w’umugwi mpanuzwajambo w’iyo Nama y’abepiskopi mu vyerekeye ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza kw’isi yose, yarashikirije ijambo abemera bose na cane cane imikangara n’indemeshamikangara.

Nk’uko ijambo ry’umutwe ribiserura, iryo jambo ritumirira abakristu bose na cane cane imikangara n’indemeshamikangara kwitegurira Yubire y’imyaka 50 iheze ubutumwa bw’imikangara y’Imana bumaze bushitse aha mu Burundi. Muri iryo jambo uyo mwungere arerekanya uwashikanye ubwo butumwa aha iwacu, iyo yaje abukuye n’umwaka bwashikiyeko.

Musenyeri Yohakimu arerekana kandi icivugo ngenderwako kizokwisungwa muri iyo myaka itanu iri mbere mu kwitegurira iyo Yubire agira ati: «Umwana wese yabatijwe ni umutumwa wa Yezu Kristu mu Burundi no kw’isi yose». Arerekana mbere n’ibikorwa bitatu imikangara y’Imana ihamagarirwa kurangura muri iyo myaka itanu iri mbere kugira ngo ize ibashe guhimbaza neza iyo Yubire.

Nimba mukeneye kumenya ido n’ido ry’ibiri muri iryo jambo ryerekana mu ncamake intumbero n’ibikorwa vy’integuro y’iyo Yubire, nimwikurikiranire uyo Mwungere mukuryisomera aha nyene. Murakoze.