INYIGISHO ISHIKIRIJWE N’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI MU GUSOZERA UMWAKA WA YUBIRE Y’IMYAKA IJANA IHEZE ABASASEREDOTI BA MBERE B’ABARUNDI BATIWE MURI IRYO BANGA

Kw’igenekerezo rya 07/11/2025, ku Kirimba ca Bikira Mariya c’i Mont Sion i Gikungu niho Ekleziya ishashe mu Burundi yasozera mu kanyamuneza kamuje  Yubire y’imyaka ijana iheze hatiwe abasaseredoti babiri bambere : Patiri Emile NGENDAGENDE na Patiri Patirisi  NTIDENDEREZA. Hari ku wa 19/12/1925 muri misiyoni ya Mugera. Musenyeri Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ahagatiwe n’Abungere b’Ekleziya iri i Burundi, Intumwa ya papa, hamwe n’umwepiskopi yaserukiye Ekleziya y’i Rwanda ari kumwe n’abasaseredoti babiri, ni bo baremesheje Inkuka y’imisa y’urwo rubanza rudasanzwe. Isinzi ry’abasaseredoti bavuye hirya no hino mu madiyoseze, Icegera c’Umukuru w’igihugu cacu, tutavuze abihebeyimana n’abakristu balayiki bari bahishikiye. Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi, Nyenicubahiro Musenyeri Bonaventura NAHIMANA yarashikirije ijambo ry’uyo musi. Nimuryisomere.