IDOMINIKA YA MBERE Y’UBUSHIKIRO (3/12/2023), UMUSI WAHARIWE IGISABISHO N’URUGENDO RWERANDA RWO GUSABA AMAHORO KW’ISI NA CANE CANE MU KARERE K’IBIYAGA BININI
Mu ntumbero yo kwunganira abenegihugu mu mugambi wo kuremesha no gutsimbataza amahoro muri ibi bihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini (Uburundi, Urwanda na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo), Abepiskopi bahurikiye mu Nama y'ishirahamwe ry'amanama y'Abepiskopi y'ibihugu vy'Afrika yo hagati (ACEAC), barashikirije ijambo abakristu ku musi w'Imana wa mbere w'Ubushikiro wo kw'igenekerezo rya 3/12/2023.
1. Ubushikiro ni ikiringo co kwitegurira gusanganira Umwana w’Imana, nkuko umuhanuzi Izaya yari yamubuye akamwerekana nk’Umuhanuzi w’agatangaza, Mutware w’amahoro (raba Is 9, 5).
2. Mu twigoro tudasanzwe two kwunganira ingendo yo kwubaka amahoro, Abepiskopi b’amadiyosezi y’ibihugu vyacu uko ari bitatu (Uburundi, Urwanda na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo), mu Nama yabo ya bose idasanzwe yabaye kuva ku wa 15 gushika 18/5/2022, bashinze ko idominika yambere y’Ubushikiro izoba akaryo keza ko gusabira amahoro no kuzirikana ingendo y’ikigongwe, ugusubiza hamwe n'amahoro.Si ibisanzwe kubona idominika yambere y’Ubushikiro yegeranye n’aho ishirahamwe ryacu ryashingwa,hari ku wa 3/12/1984. Si igihamana. Ahubwo bitwereka ko ari ishaka ry’Imana ritwakura uko bukeye uko bwije, ku buryo budasanzwe mu misi ya none, inyuma y’imyaka 39 (3/12/1984 – 03/12/2023).
3. Mu ntumbero yo guhozako mu kwitwararika amahoro, mu misi iheze, twebwe, Abakaridinali, Abepiskopi bakuru n’Abepiskopi baje baserukira Komite ihoraho y’iryo shirahamwe ryacu, twarahwaniye i Roma, kuva ku wa 16 gushika ku wa 18/10/2023 kugira twigire hamwe inzira zibereye zo kuremesha amahoro muri aka karere k’ibiyaga binini.
Uko guhanahana ijambo, twashatse yuko kutubera nk’urugendo rweranda mu gisagara ceranda c’i Roma ; ivyo biyago vyabaye mu gihe hariko haba Inama nsangizagendo y’Abepiskopi yahurikiyemwo intumwa ziserukira Ekleziya yose ngo bazirikanire hamwe iki ciyumviro : « Niwagure ihema ryawe » (Isaie 54,2). Tubitumwe n’umwitwarariko w’ubutumwa bwacu, mu nama yacu, twarashikirije umwitwarariko wacu wo guhamagarira abene gihugu bose bo mu Burundi, Republika iharanira Demokarasi ya Kongo n’Urwanda, kwemera kubana batekanye, mu gufashanya n’abajejwe intwaro kugira indwano ziri hagati y’ibihugu n’aho tubaye zihere. Ntitwibagiye kandi ko tugize urunani n’ibindi bihugu vyo kw’isi bisangiye natwe muri kino gihe amakuba, cane cane ku mugabane w’Uburaya mu bice vyo hagati n'ubuseruko.
4. Igikorwa co kwubaka amahoro ni igikorwa kitwega twese. Nta numwe yokwigira sindabibazwa. Nico gituma kuri iyi Dominika ya mbere y’Ubushikiro dusaba tukagira n’urugendo rweranda kugira ngo:
- habe mu mitima y’abantu ukurushirizaho gutegera ko ukurondera amahoro ari igikorwa ngombwa cane cane muri aka karere kacu k’ibiyaga binini ;
- habe ukwitanga nyakwo kw’Ekleziya mu ngendo yo kurondera amahoro ;
- habe ugukomeza umubano mwiza mu bantu no gutsimbataza ubutungane n’ugusubiza hamwe mu kuri ;
- habe ugufasha abantu kuva mu bworo no mu bukene ;
- habe ukwigisha abantu ingendo y’amahoro avuyeku mutima be n’urukundo rw’abonse rimwe ;
- habe ugushingira intahe ukwemera mu karere karimwo ibibazo.
5. Ukuremesha amahoro ni igikorwa co guhozako. Muri iyo ntumbero y’uno musi wo gusabira amahoro no kugira urugendo rweranda mu maparuwasi yacu, tuzohwanira i Goma hamwe n’abakristu bazoza baserukira amadiyoseze, kw’idominika yo ku wa 28/01/2024. Hazoba Inkuka y’imisa yo gusozera, ku rwego rw’akarere, igisabisho c’indwi yahariwe gusabira ubumwe bw’abemera Kristu, dusanzwe duhimbaza ku wa 25/01.
Nico gituma tubitumwe n’umwitwarariko w’ubutumwa bwacu tuzohwana mu kwezi kwa gatatu 2024 n’abajejwe ibisata vy’ubutumwa bijejwe Ubutungane n’amahoro, kugira ngo dushishikare kuzirikana icokorwa kugira ngo mu karere k’ibiyaga binini hashobore kurema amahoro arama dushize imbere icivugo “Amahoro mu biyaga binini.”
6. Kw’izina ry’Abakardinali bacu babiri no kw’izina ry’abavukanyi bacu bepiskopi bo muri iryo shirahamwe, ndabifurije mwese umwitegruro mwiza wo kwakira mu buzima bwacu no mu mitima yacu, Ivuka ry’Umwami w’amahoro.
Ese Bikira Mariya, Umugabekazi w’Afrika akaba n’Umugabekazi w’amahoro yoshigikira utwigoro twacu kandi agakandira Afrika n’abenegihugu bose bo mu karere k’ibiyaga binini.
Bigiriwe i Kinshasa, kw’igenekerezo rya 3/12/2023,
Ku Musi Mukuru wo kwibuka ishingwa ry’ishirahamwe
ry’Amanama y’Abepiskopi y’ibihugu vy’Afrika yo hagati
Musenyeri Joze MOKO, Umukuru w’Ishirahamwe ACEAC