IJAMBO PAPA FRANSISKO ASHIKIRIJE ABAKRISTU BO KW’ISI YOSE, KU MUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UBUTUMWA BWO GUKWIZA HOSE INKURU NZIZA YA YEZU KRISTU

23 Gitugutu 2022

« Muzombera ivyabona » (Ibikorwa vy’abatumwa 1,8)

 

Bavukanyi nkunda;

Aya majambo ni ayo mu kiganiro ca nyuma Yezu yagiranye n’abatumwa biwe amaze kuzuka, imbere yo kwurira mw’ijuru, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’Ibikorwa vy’abatumwa: « Muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira, muheze rero muje kumbera ivyabona i Yeruzalemu no mu Buyuda bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira » (Ibikorwa vy’abatumwa 1,8). Ni naco civugo c’umusi mpuzamakungu wahariwe ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza muri uyu mwaka w’2022. Nk’uko bisanzwe, kidufasha kwinjira mu ngendo y’Ekleziya, yo muri kamere yayo ari ukumenyesha Inkuru Nziza.

Uyu mwaka uraduha akaryo ko kwibuka amasabukuru amw’amwe ahambaye mu buzima no mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza bw’Ekleziya: ishingwa ry’igisata kijejwe ugukwiza hose ukwemera, haraciye imyaka 400; igikorwa ca Papa c’ukumenyesha Inkuru Nziza, haraheze imyaka 200 gitanguye. Ico gikorwa nyene hamwe n’igikorwa c’Imikangara y’Imana, n’igikorwa citiriwe Petero mweranda umutumwa, haraheze imyaka 100 vyemejwe ko ari « Ibikorwa vya Papa ».

Dushimikire kuri aya majambo atatu atomora inkingi zitatu z’ubuzima n’ubutumwa bw’abigishwa: 

- Muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira

- Muheze rero muje kumbera ivyabona

- Mugarukire iyo isi igarukira.

1. «Muzombera ivyabona»: Umuhamagaro w’abakristu bose wo gushingira intahe Kristu

«Muzombera ivyabona» ni ishingiro, intimatima y’inyigisho Yezu yashikirije abatumwa biwe abamenyesha ubutumwa bwabo bwo kumenyesha Inkuru Nziza kw’isi. Abigishwa bose bazoba ivyabona vya Yezu kubera Mutima Mweranda bazoronka: Bazobishobora kubw’inema y’Imana iyo bazoja n’aho bazoba bari hose. Nk’uko Kristu ari we yarungitswe ubwa mbere, ni ukuvuga uwatumwe na Data (Raba Yohani 20, 21) kubera ivyo akaba gurtyo « Icabona c'intahemuka» (Raba Ivyahishuwe 1, 5), niko n’umukristu wese ahamagariwe kuba uwarungitswe n’icabona ca Kristu. Ekleziya na yo, Umuryango w’abigishwa ba Kristu, nta bundi butumwa ifise atari ubwo kumenyesha Inkuru Nziza isi mu gushingira intahe Kristu. Akaranga ka Ekleziya ni ukumenyesha Inkuru Nziza.

Kuzirikanira hamwe bishimitse ubutumwa Kristu yashinze abigishwa biwe buvuga buti: «Muzombera ivyabona» kuragaragaza ibintu bimwe bimwe vyibonekeza mu gihe ca none. Tubifashe mu butandukane bwavyo turabona ko umuhamagaro wo kumenyesha Inkuru Nziza w’abatumwa urangwa n’ugushirahamwe nk’umuryango. Uwabatijwe wese ahamagariwe ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza muri Ekleziya no ku bw’irungikwa ry’Ekleziya, nico gituma ukumenyesha Inkuru Nziza kurangurirwa hamwe, ata kuba nyamwigendako, mw’isangiramutima n’Umuryango w’Ekleziya ata kwiyadukiza. Ariko kandi naho vyoshika mu bihe bimwe bimwe umuntu akarangura wenyene igikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza, ategerezwa kwama akirangura ari mu bumwe bw’Ekleziya yamurungitse.

Nk’uko umweranda Papa Paulo wa gatandatu avyigisha mu nyigisho yiwe yise: «Ukumenyesha Inkuru Nziza» , ikaba ari inyigisho yanshitse ku nyota: « Ukumenyesha Inkuru Nziza si igikorwa ca nyamwigendako ariko ni igikorwa c’Ekleziya yose. Mu gihe umwigisha atari rurangiranwa, umumenyeshamana canke umuyobozi, ariko arigisha Ijambo ry’Imana yegeraniriza abakristu mu muryango canke atanga amasakramentu, n’igihe ari wenyene mu kibanza ca kure kitazwi, aba ariko ararangura igikorwa c’Ekleziya kandi igikorwa ciwe kirafitaniye isano n’inzego z’Ekleziya, ariko kandi kirafitaniye ubunywanyi butaboneka kandi imizi y’ico gikorwa ivoma ku nema y’Imana no ku gikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza c’Ekleziya yose». Kukaba nkako, kugira Umukama Yezu arungike abigishwa biwe babiri babiri mu butumwa, yarabifitiye imvo. Intahe abakristu bashingira Kristu irangwa, mu ntimatima yayo, no gusenyera ku mugozi umwe. Ni co gituma bikenewe rwose ko haba umubano, naho woba mutoyi mw’irangurwa ry’ubutumwa.

Bisubiye, abatumwa barasabwa ukubaho mu buzima bwabo bwite mu ntumbero yo kumenyesha Inkuru Nziza: Barungitswe na Yezu kw’isi yose atari ukwigisha gusa Ijambo ry’Imana ariko na cane cane bakagendera ivyo bigisha; atari ugushinga intahe gusa, ariko cane cane babe ivyabona bizima vya Kristu. Nk’uko umutumwa Paulo abivuga mu majambo nkoramutima ati: « Imisi yose na hose dutwara mu mubiri wacu amagorwa y’urupfu rwa Yezu, kugira ngo ubuzima bwa Yezu na bwo nyene bwibonekeze mu mubiri wacu» (2 Abanyakorenti 4, 10).

Intimatima y’ubutumwa bw’ukumenyesha Inkuru Nziza ni ugushingira intahe Kristu, ni ukuvuga ubuzima, ukubabara, urupfu n’izuka vyiwe kubw’urukundo afitiye Mana Data n’abantu. Kugira ngo abatumwa barondere gusubiriza Yuda mu babaye « ivyabona vy’izuka rya Yezu » (Ibikorwa vy’Abatumwa 1, 22) nka bo, ni uko hari imvo. Ni Kristu, kandi Kristu yazutse dutegerezwa gushingira intahe no gusangira nawe ubuzima. Abamisiyonari ba Kristu ntibarungikwa ngo bimenyekanishe bo nyene canke ngo berekane ingeso zabo nziza n’ubuhinga bwabo mu kwemera no mu bukerebutsi mu gutunganya ibintu. Ahubwo batewe iteka rinini ryo gushikiriza abantu Kristu mu majambo no mu bikorwa, mu kumenyesha bose Inkuru Nziza y’urukiza n’akanyamuneza kavuye ku mutima, kurya kw’abatumwa ba mbere. Kubera ivyo, twovugako icabona nyakuri ari « umumaratiri », uwutanga ubuzima bwiwe kubwa Kristu, kubera ko nawe adahengeshanya kutwitangira. « Ica mbere kidukabura mu kumenyesha Inkuru Nziza ni urukundo Kristu yadushizemwo, tukiyumvamwo ko twacunguwe ari na vyo bidutuma twama tumukunda ukuruta »

Mu gusozera, mu bijanye no gushinga intahe rukristu, umwihwezo w’umweranda Papa Paulo wa gatandatu uguma igihe cose ari nkoramutima: « Umuntu wa none yumvirizanya ubwira ivyabona gusumba abigisha, ni iyo yumvirije abigisha, ni uko baba ari ivyabona »

Ni co gituma mu ntumbero yo gushikiriza ukwemera, intahe y’abakristu ishingiye k’ubuzima bwerekana Inkuru Nziza ari ntasubirizwa. Muri iyo ntumbero nyene, igikorwa co kumenyesha Kristu n’ubutumwa bwiwe kiguma na co ari ngombwa. Kukaba nkako, Papa Paulo wa gatandatu abandanya avuga ati: « Egome kwigisha Ijambo ry’Imana, gusamiriza ubutumwa bwa ryo vyama ari ntasubirizwa […] Ijambo ryama igihe cose ari rishasha, cane cane iyo riranga ububasha bw’Imana. Ni co gituma n’ijambo ry’Umutumwa Paulo mweranda rigumana itoto: “Ni uko rero ukwemera kuva ku kwumviriza, ukwumviriza na kwo kukazanwa n’Ijambo rya Kristu” (Abanyaroma 10, 17), ni Ijambo iyo ryumvirijwe rishikana ku kwemera» (Raba Ukumenyesha Inkuru Nziza, n. 42)

Gutyo rero, akarorero k’ubuzima rukristu n’ukumenyesha Kristu birajana mu gikorwa co kwigisha Inkuru Nziza. Kimwe cunganira ikindi. Ni amahaha abiri umuryango wose utegerezwa guhemesha kugira ngo umenyeshe Inkuru Nziza. Iyo ntahe yuzuye, ibereye kandi inezera ya Kristu izoba ata gukekereza igikwegakwegera abantu muri Ekleziya ngo ibandanye itera imbere muri iki kimpumbi ca gatatu. Ndasavye rero umwe wese asubire agire umwete, ukutarya umunwa, ari navyo vyaranga abakristu ba mbere mu gushingira intahe Kristu mu mvugo no mu ngiro, mu mpande zose z’ubuzima.

2. «Mugarukire iyo isi igarukira »: Ubutumwa bwamaho bwo kumenyesha Inkuru Nziza kw’isi yose

Mu guhamagarira abatumwa kumubera ivyabona, Umukama yazutse, arabamenyesha aho barungitswe: « i Yeruzalemu, mu Buyuda bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira» (Ibikorwa vy’abatumwa 1, 8). Akaranga kugurukiye bose k’ubutumwa bw’abigishwa karibonekeza neza ngaha. Urugendo abatumwa bahamagariwe kuzogira ruribonekeza: ni kuva i Yeruzalemu (hafatwa mu migenzo y’Abayuda nka hagati na hagati y’isi) gushika mu Buyuda no muri Samariya no gushika iyo isi igarukira. Ntibarungitswe kwigarurirako abantu ariko barungitswe kumenyesha Inkuru Nziza.

Igitabu c’ibikorwa vy’abatumwa kiratumenyesha iyo ngendo y’ubutumwa: kiraduha ishusho nziza ya Ekleziya iri ku rugendo, kugira ngo irangure umuhamagaro wayo wo kumenyesha Kristu Umukama, iyobowe n’ubuntu bw’Imana mu bihe vyose vy’ubuzima. Kukaba nkako, uruhamo abakristu ba mbere bagiriwe i Yeruzalemu rwatumye bakwiragira mu Buyuda no muri Samariya baraheza baramenyesha Kristu aho baca hose (Raba Ibikorwa vy’Abatumwa 8, 1.4). Uruhamo rusa n’urwo ruracibonekeza no muri kino gihe. Abakristu benshi bategerezwa guhunga bakaja mu bindi bihugu, mu bihe vy’uruhamo rw’abemera be n’ivy’ingwano n’ubugizi bwa nabi.

Turashimira abavukanyi bacu batiyugaranira mu bubabare bwabo, ariko bamenyesha Kristu n’urukundo rw’Imana mu bihugu biba vyabakiriye. Ni ubwo butumwa Umweranda Papa Paulo wa gatandatu abahamagarira kugira, amaze kubona “uruhara ntangere izo mpunzi zerekana mu bihugu vyabakiriye” . Kukaba nkako, turabona kenshi na kenshi ingene abakristu bavuye mu bihugu bitandukanye berekana ishusho y’amaparuwase bagatuma aba ayo kw’isi yose, agenewe bose.

Kubera ivyo, ubutumwa bw’abimukira ni igikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza tutofata minenerwe. Burashobora gufasha kandi abakristu b’aho hantu gusubira kugira akanyamuneza k’ukwemera baronse. Ijambo “kugarukira iyo isi igarukira” rizokabura abigishwa ba Yezu mu bihe vyose rikazobatuma kandi kugenda bakarenga imihingo bamenyereye kugira ngo bamushingire intahe. Naho mw’iterambere tugezemwo hariho ibifasha gushikana Inkuru nziza kure, haracariho uyu musi uturere aho abamisiyonari bashingira intahe Kristu batarashobora gushikana iyo Nkuru Nziza y’urukundo rwiwe. Ku rundi ruhande, nta kintu na kimwe kiraba ubuzima bw’umuntu abigishwa ba Kristu bofata minenerwe mu butumwa bwabo bwo kumenyesha Inkuru Nziza. Ekleziya ya Kristu yamye iri, kandi izokwama ari iyigenda igana iyindi mihingo mishasha y’isi, y’imibano y’abantu no mu buzima bwabo, mu bibazo bishobora kurengera abantu, kugira ngo ishingire intahe Kristu n’urukundo rwiwe ku bantu bose bo mu miryango yose, bo mu mico n’imigenzo yabo yose.

Muri iyo ntumbero, ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza buzokwama ari ubutumwa burangurirwa mu bihugu vyose, nk’uko twavyigishijwe n’Inama Nkuru yabereye i Vatikano ubugira kabiri, kuko Ekleziya itegerezwa gutera ija imbere ubudahengeshanya, kugira ishingire intahe urukundo rwa Kristu kuri bose. Mboneyeho kwibuka no gukengurukira abamisiyonari benshi batanze ubuzima bwabo, bagakwiza urukundo rwa Kristu mu bavukanyi babo bashikiriye mu mihingo ya kure.

3. «Muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira »: Nimukundire Mutima abakomeze yongere abayobore imisi yose

Amaze kuzuka, Kristu yaramanyesheje abatumwa biwe ko bazomubera ivyabona atako abemerera ingabirano zo kurangura ubwo butumwa: « Muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira, muheze rero muje kumbera ivyabona» (Ibikorwa vy’abatumwa 1,8). Kukaba nkako, nk’uko tubishikirizwa n’igitabu c’Ibikorwa vy’abatumwa, ni neza na neza inyuma y’aho Mutima Mweranda yururukiye ku bigishwa ba Yezu habaye igikorwa ca mbere co gushingira intahe Kristu yapfuye akongera akazuka, hamwe n’intahe y’Inkuru Nziza Petero Mweranda yashikirije abantu b’i Yeruzalemu. Ni muri ico gihe abigishwa ba Yezu batanguye kwigisha Inkuru Nziza kw’isi yose bashize ubwoba n’amakenga. Na none Mutima Mweranda yari yabakomeje mu kubaronsa ubutwari n’ubwitonzi bwo gushingira intahe Kristu imbere y’abantu bose.

Nk’uko « ata muntu yoshobora kuvuga ati: Yezu ni Umukama, atamurikiwe na Mutima Mweranda» (1 Abanyakorenti 12, 3), ni ko ata mukristu n’umwe yoshobora gushingira intahe nyayo kandi y’ukuri Kristu Mukama atayobowe na Mutima Mweranda. Kubera ivyo, umwigishwa mumisiyonari wa Kristu ahamagariwe:

- Kumenya uruhara shingiro rw’igikorwa ca Mutima,

- Kubana na We mu buzima bwa misi yose,

- Kugabana ubudahengeshanya ubukomezi n’umuco bivuye kuri We.

Vyongeye kandi, mu gihe twumva uburuhe, twacitse intege, tujuragirika, nitwibuke gusenga twambaza Mutima Mweranda. Ndasubiriye kubishimangira kandi, ko igisabisho gifise uruhara ntasubirizwa mu buzima bw’abamenyesha Inkuru Nziza, kugira Mutima We soko ridakama ry’Imana adusubize itoto yongere adukomeze, mu kanyamuneza ko gusangira ubuzima bwa Kristu n’abandi. «Kuronka akanyamuneza ka Mutima ni inema. Ni bwo bukomezi bwonyene dushobora kuronka kugira twigishe Inkuru Nziza, duheze tugaragarize Umukama ukwemera kwacu » (Raba Ijambo ryashikirijwe abayobozi b’Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza, ryo kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2020). Mutima rero ni Umuyobozi w’ukuri aturwanako mu gikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza : Ni we atanga ijambo ribereye, mu gihe kibereye no mu buryo bubereye.

Ni muri uyo muco w’igikorwa ca Mutima Mweranda dushaka kandi kuzirikana amasabukuru yo kumenyesha Inkuru Nziza muri uwu mwaka w’2022. Ishingwa ry’Igisata co gukwiza hose ukwemera, mu mwaka w’1622, ryakabuwe n’icipfuzo co guteza imbere ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza mu yandi makungu. Cabaye iciyumviro kirengeye ubwenge bw’abantu kandi caje hageze!

Ico Gisata ciyerekanye nk’ihangiro ryo gufasha Ekleziya mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza nk’uko iri nyene: ni ukuvuga igumana ubwigenge bw’ukutinjirirwa n’ubutegetsi bw’iyi si, kugira hashingwe amadiyoseze agaragaza ubutwari budasanzwe mu butumwa bw’igihe ca none. Turizigiye ko, nko mu gihe co muri ibi binjana bine biheze, ico Gisata, kimurikiwe n’umuco n’ubukomezi vya Mutima, kizobandanya kandi kikarushirizaho mu gikorwa caco co guhuza, gutunganya no kuremesha Ubutumwa bw’Ekleziya bwo kumenyesha Inkuru Nziza.

Uwo Mutima nyene, ayobora Ekleziya yose, aramurikira kandi n’abantu batobato mw’irangurwa ry’ubutumwa budasanzwe bwayo. Niho umwigeme wo mu Bufaransa Paulina Mariya Jaricot, yatanguza Igikorwa co gukwiza hose Ukwemera, haraheze neza na neza imyaka 200. Ishirwa ryiwe mu bahimbazwa rikaba ryabaye kw’igenekerezo rya 22 rusama, muri uwu mwaka wa Yubile. Naho ico gikorwa c’ugukwiza hose ukwemera catanguye mu bihe bigoye, yaremeye kumurikirwa n’umuco w’Imana kugira haboneke urunani rw’abasabira ubwo butumwa kandi bakegeranya imfashanyo zigenewe abamisiyonari. Gurtyo abemera, bisunze akarorero ka Paulina Mariya Jaricot, bashobore kwitanga batiziganya mu gikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza gushika iyo isi igarukira.

Ni kuri ico ciyumviro kidasanzwe havuye umusi mpuzamakungu wahariwe ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza, duhimbaza ku mwaka ku mwaka, maze agatererano kavuye mu mibano yose, kagenewe ikigega rusangi Papa akoresha mu gushigikira igikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza.

Muri iyo ntumbero, ndabibutsa kandi Umwepiskopi w’Umufaransa Karori wa ForbinJanson yatanguje igikorwa c’ubutumwa bw’Imikangara y’Imana kugira ngo ateze imbere umutima wo kumenyesha Inkuru Nziza mu bana, bisunze icivugo: « abana bamenyesha Inkuru Nziza abandi bana, abana basabira abandi bana, abana bafasha abandi bana bari kw’isi yose».

Ariko kandi ndabibutse umupfasoni Yohana Bigard yatanguje Igikorwa citiriwe Petero mweranda Umutumwa kugira gishigikire abaseminari n’abasaserdoti bari mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza.

Ivyo bikorwa bitatu vya mbere vyo kumenyesha Inkuru Nziza vyemejwe nk’ibikorwa vya papa, haraheze imyaka 100. Ni kubera kandi umuco n’ubuyobozi bwa Mutima Mweranda umuhimbazwa Paolo Manna haheze imyaka 150 avutse, yatanguje igikorwa twita uno musi urunani rw’abasaserdoti, abihebeye Imana n’abakristu balayike bamenyesha Inkuru Nziza kugira ngo ahimirize yongere atere intege ubutumwa bw’abasaserdoti, abihebeye Imana n’igihugu cose c’Imana. Papa Paulo wa gatandatu, yarabaye na we nyene umunywanyi w’ico gikorwa arahava aracemeza nk’Igikorwa ca Papa.

Ndabibukije ivyo bikorwa bine vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza, kubera ivyiza ngirakamaro vyavyo muri kahise kandi ndabatumirira kuvyinovora muri uwu mwaka udasanzwe kubera ibikorwa vyo gushigikira ubutumwa bw’Inkuru Nziza muri Ekleziya yo kw’isi yose igaragarira mu madiyoseze. Ndipfuza ko amadiyoseze yovoma muri ivyo bikorwa, uburyo burashe bwo gukomeza umutima wo kumenyesha Inkuru Nziza mu gihugu c’Imana.

Bavukanyi nkunda, mbandanya ndota mbona Ekleziya yose mu mibano rukristu yayo imenyesha Inkuru Nziza n’ishaka rishasha. Ndasubiyemwo icipfuzo ca Musa yagiriye igihugu c’Imana cari mu rugendo: « Ahubwo iyo igihugu cose c’Umukama kiba cari gicitse abahanuzi!» (Iharura 11, 29). Ese iyaba twese twoshoboye kuba muri Ekleziya ico twagizwe n’ingabirano y’ibatisimu, kubw’ububasha bwa Mutima Mweranda, mu kuba abahanuzi, ivyabona, abamisiyonari b’Umukama, gushika iyo isi igarukira.

Bikira Mariya, Mugabekazi w’abamenyesha Inkuru Nziza, dusabire.

 

Bigiriwe i Roma, ku cicaro citiriwe Yohani Mweranda

w’i Laterano, igenekerezo rya 6 Nzero 2022

Ku musi mukuru w’Ukumenyekana kw’Umukama

Papa Fransisko

 

 

 

Vyahinduwe mu Kirundi n’Ibiro Ndemeshabutumwa bw’Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi. (Œuvres Pontificales missionnaires /Burundi)