IKAREMA 2024 : INYIGISHO Y’UMUVYEYI WACU PAPA  

         Mu bugaragwa Imana iraducira inzira y’umwidegemvyo

 Bavukanyi mwese,

 1.Igihe cose Imana yimenyekanishije, iradushikiriza umwidegemvyo: « Ndi Umukama Imana yawe, yagukuye mu buja bw’igihugu ca Misiri » (Ihunguka 20, 2). Ayo majambo ni yo yugurura ya mabwirizwa cumi Musa yari yahawe kuri wa musozi wa Sinayi. Igihugu c’Israeli carategereye uko guhunguka Imana yavuga. Nkako,ubuja baciyemwo bwari bukiri mu bwenge bwabo. Igihugu carahawe mu bugaragwa ayo mabwirizwa nk’inzira ibashikana ku mwidegemvyo. Tuyita « amabwirizwa » kugira ngo dushimangire inguvu Imana ikoresha mu rukundo rwayo mu ngendo yo kurera igihugu cayo. Nkako, ni umuhamagaro ukomeye wo kutugira abidegemvya. Uwo nawo si uw’ikiringo kimwe, ahubwo uguma utamanzura uko bukeye uko bwije. Nkuko Israeli ikiri mu bugaragwa  yazigamye mu mushaha uko yabayeho mu Misiri, maze ikicuza kahise kayo igihe cose yibutse ko yidogeye Imana na Musa, ni nako n’uyu musi, igihugu c’Imana kigumana imizana gihamagariwe gucagagura no guheba. Ni vyo twibonera iyo tubuze ukwizigira maze tukabaho nk’abari mu gahinga kanyaga na nde, katagira igihugu c’isezerano twese dutera tugana. Ikarema ni igihe c’imigisha y’Umukama kiduha guhindura ubugaragwa, nkuko umuhanuzi Izaya yabivuze, bugacika ikibanza c’ugupfundika urukundo rwambere (raba Oze 2 , 16-17). Imana irarera iguhugu cayo kugira kive mu buja maze cinjire mu buzima. Nk’umucance, iratwigarukanira iwayo maze ikayagira umutima wacu amajambo y’urukundo.

 2.Ukuva mu buja winjira mu mwidemvyo si inzira iri mu kirere. Kugira ngo Ikarema yacu na yo ironke uburiba, ingendo yambere ibereye ni ukwemera kwihweza ibintu uko biri. Igihe, muri ca gisaka casha kidatokombera, Umukama yahamagara Musa akamuyagira, yamwihishutse ubwo nyene nk’Imana ibona kandi yumva : « Narabonye amagorwa y’igihugu canje kiri mu Misiri, kandi naracumvise gikoma induru imbere y’abagikoresha.Ni vyo, ndazi ububabare bwabo. Namanutse ngo ndabakure mu vyara vy’Abanyamisiri, ndabavane muri ico gihugu, ndabadugane mu gihugu ciza kandi cagutse, mu gihugu gitembamwo amata n’ubuki » (Ihunguka 3, 7-8). N’uyu musi nyene, amaborogo y’abavukanyi bacu bahahazwa arashikira Imana. None twibaze ikibazo:  Mbe ayo maborogo aradushikira ? Araduhungabanya ? Hari ico atubwira? Haracariho vyinshi bidutandukanya hagati yacu, bigafutanya umuvukano wacu wahora udufatanya hamwe n’abandi.

 3.Aho mperuka kugendera igisagara c’i Lampeduza, naratereye ibibazo bibiri iyi ngendo y’ubu ikwiye kw’isi yose ishaka ko umuntu aba nyamwigendako : Nagize nti: “Mbega uri he’’? (Amamuko 3, 9), “Umuvukanyi wawe ari he”? (Amamuko 4, 9). Urugendo rwacu muri iyi karema ruzotubera ingirakamaro, nitwemera gusubira kwumviriza, tugatega amatwi ivyo bibazo, maze bikaduha gutegera yuko natwe tugifise imizana y’ubuja bwa Farawoni. Ubwo buja buraturuhisha bukanadutimbisha. Ni ingendo, aho kudukuza, iducanishamwo igatako ikatwaka n’umwizero wacu. Isi, impwemu n’amazi vyaramaze gutosekara, bidasize inyuma imishaha yacu. Nkako, naho ukwidegemvya kwacu kwatanguriye mw’ibatisimu, haguma muri twebwe impengamiro igoye gusigura ituroresha ku buja.Womengo dukwegakwerwa no kurondera guhungira mu mutekano w’ivyo twamyemwo kuva na kera, ari nako bidutosekariza umwidegemvyo.

4.Nashaka nshimike ku  kantu gitoyi tutokwirengangiza  dusanga mu gisomwa co mu gitabu c’Ihunguka : Ni Imana  ibona, ikababara, ikabohora, si igihugu c’Israeli kibisaba. Faraoni wewe ntashaka n’ukuvyumva kuko agomba ko yoba ari we nyen’ijuru, akiyerekana nkuko adashaka ko hari icohinduka, aho agateka katubahirizwa, aho imigenderanire myiza idahabwa ikibanza ngo ikurikizwe. Muri make nawe nyene aguma yiboshe.Twibaze ikibazo :Ubwo ndipfuza isi  nshasha ? Ubwo ndumva niteguriye kwimatura ku vyakera ? Intahe y’abavukanyi banje b’Abepiskopi batari bake n’abantu benshi baharanira ubutungane n’amahoro  vyaramfashije gutegera ko ntegerezwa kumenyesha ko hakibuze ukwizigira.

Ni intambamyi ibohera imugongo indoto, ni akamo katumvikana ariko gashikira  ijuru kagakora ku mutima w’Imana, kakagereranywa n’ukwicuza  ubuja bwaboshe Abanyisraeli igihe bari mu bugaragwa bukababuza kubandanya urugendo. Ihunguka rirashobora guhera. Nkako, ntawoshobora gusigura ingene isi iriko irashika ku rugero rw’aho abantu baharanira umuvukano wa bose no ku ntambwe ishimishije y’iterambere mu mpande nyinshi, ariko abantu bagashishikara bajuragirika nk’abari mu muzimagiza w’ubusumbasumbane  bujana n’amatati.

5.Imana ntiyigera iturambirwa.Twakire iki gihe c’Ikarema, nk’igihe nyaco, kiroranye c’aho Ijambo ry’Imana risubira kutwakura : «  Ni jewe Umukama Imana  yawe, nagukuye mu gihugu ca Misiri , mu nzu  y’ubuja » (Ihunguka 20,2).Ni igihe c’uguhinduka, igihe c’umwidegemvyo.Yezu, we nyene ubwiwe, nkuko twama tuvyiyibutsa uko umwaka utashe, ku musi w’Imana wa mbere w’igihe c’Ikarema, Mutima yaramujanye mu gahinga kugira ageragezwe ata gahato. Mu misi  mirongo ine yose azokwama imbere yacu kumwe natwe. Ni umwana w’Imana yigize umuntu. Imana yacu iratandukanye na Faraoni, kuko ntishaka abaja,  ishaka abana bo mu nzu. Ubugaragwa kuri twebwe, ni ikibanza c’aho umwidegemvyo wacu ushobora gukura ugatera imbere, mu kwifatira  ingingo nziza y’ukudasubira mu buja.

6.Mu gihe c’Ikarema turaharonkera umuco mushasha udufasha guhwebuza neza hamwe n’umubano  dusangira urugendo mu nzira nshasha tutari bwigere tugenderemwo. Ivyose bitwinjiza mu rugamba.Turabibona neza mu gitabu c’ihunguka no mu vyo Yezu yaciyemwo aho yari mu bugaragwa. Mw’ijwi ry’Imana rivuga riti : “Uri umwana wanje nkunda cane, muri wewe nahasanze ibimpimbara vyose”(Mariko1,11) no mu gitabu c’Ihunguka kivuga ngo “Nta zindi mana uzombangikanya » (Ihunguka 20,3) ni ho hasambukira imitego yose y’ububeshi bw’umwansi Sekibi. Ibigirwamana biteye ubwoba gusumba Faraoni kuko twoshobora kubigereranya nk’ijwi ryiwe muri twebwe. Nkako, ugushobora gukora vyose, ukurondera kumenyekana n’ukwemerwa na bose, ukuba urengeye vyose ni yo mpengamiro iroresha ku kinyoma iri muri zina muntu wese. Ni akamenyero ka kera.Turashobora kwihambirira ku mafaranga, ku migambi imwe imwe, ku vyiyumviro, ku nyungu z’ivyo dushaka gushikako, ku mpengamiro zacu, ku migenzo yacu no ku bantu. Ivyo rero aho kuduteza imbere biratumugaza; aho kuduhuza n’abandi bigatuma dutandukana.

Yamara, hariho uwundi mutigiri mushasha w’abantu bataheranywe n’urwo ruhendo rwa Sekibi, ni abantu bato bato n’abicisha bugufi. Mu gihe ibigirwamana bikongataza bene vyo bikabagira ibiragi, impumyi n’ibitumva, abafise umutima ushima ubworo bobo barangwa n’umutima wagutse kandi bama bagavye maze inguvu zabo  zigakiza, zigashigikira isi.

7.Harageze kuva hasi tugakora, kuko igihe c’ikarema ni igihe co gukora  no kumenya guhagarara kugira ngo dusenge, twakire Ijambo ry’Imana; ni igihe co guhagarara nka wa munyasamariya imbere y’umuvukanyi yakomeretse.Urukundo rw’Imana ruratuvukanisha rukatugira umwe.

Ukutagira izindi mana, ni uguhagarara imbere y’Imana y’ukuri n’imbere y’umugenzi. Nico gituma igisabisho,ugusabikanya n’ukwibabaza si imyimenyerezo itatu yirebanga ariko ni ingendo imwe yo kwiyugurura no kubohoka tukavavanura n’ibigirwamana vyahora bidukandamiza hamwe n’ivyo vyose vyahora bituboha. Ico gihe rero, umutima wafutanye kandi wahora wirebanga uzokwikangura kuko twemeye kugenda bukebuke, tukemera mbere no guhagarara. Bizoduha kwihweza dutangarira ubuzima maze Ikarema idufashe kuharonkera inkomezi zisumbirije. Imbere y’Imana ducika abavukanyi, tukabarabisha amaso mashasha; ntituba tukibabonamwo abansi batugeramiye ahubwo tubabonamwo abavukanyi dufatanije akayira. Uyo ni wo mugambi w’Imana, ni yo ya ntara y’Imana twemerewe kandi   tugenda tugana tuvuye mu bushumba

8.Ingendo y’Inama nsangizangendo turimwo muri ino myaka, irerekana ko Ikarema ari umwanya w’ingingo zipfundikirwa mu mibano, zaba ntoyi canke izihambaye. Uko zakabaye zose zitegerezwa kudufasha guhindura ubuzima bwa misi yose bw’abantu n’ubw’aho babaye haba uko twahora dusuma ngo twibesheho, uko twitwararika ibiremwa hamwe n’uwakumiriwe canke birenzwa-maso.Ndatumiriye umubano wose w’abakristu kuvyitwararika mu guha umwanya abakristu kugira biyumvire kandi barimbure ingene babayeho; ni bamenye kwironderea umwanya wo kwitaho abandi mu kibano no kuronderera hamwe ihumbi ryubaka, rikaryohora umubano. Vyoba bibabaje mu gihe tuguye muri ya ngendo y’ukwibabaza yashavuje Yezu maze akagabisha agira ati: “kandi iyo mwisonzesheje, ntimwijirwe nkuko indyarya zibigira kuko biyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu”(Matayo 6, 16). Abantu nimubahe nyabuna kubona akanyamuneza kanyu, bamoterwe n’akamoto k’umwidegemvyo wanyu, musayangane urwo urukundo rugira vyose bishasha mu guhera kuri bitoboto no ku bitwegereye. Ivyo birashobora kurangukira mu mubano wose w’abakristu.

9.Mu gihe iyi karema yotubera umwanya mwiza w’ukwisubirako, abari bazimiye bazokwikubita agashi maze bashikire umwizero mushasha. Nipfuje kubabwira, nkuko nabibwiye urwaruka twari kumwe mu ci riheze i Lisbone nti: “Rondera mudatinya, rondera mudatinya.” Mu gihe ca none, amananiza ni menshi, intambamyi ni nyinshi. Turabona ingwano ya gatatu y’isi yose irimwo imice myinshi. Yamara ntitwiyumvire ko turi ku mpfiro ariko tumeze nk’umugore ari ku mbanyi; ntituri ku muhero w’isi ahubwo turi mu ntango y’ibindi vyiza bisumbirije. Ukwiyumvira gutyo bisaba ubutwari bwinshi” (Ihwaniro ry’urwaruka bo mu makaminuza, 3 myandagaro 2023).Ubwo ni ubutwari bwo guhinduka no kubohoka tuva mu buja. Ukwemera n’urukundo ni vyo bishigikiye uwo mwizero kandi birawufasha  gutambuka, nawo ukabiha  gukomera.

Ndabahezagiye mwese ndabifuriza urugendo rwiza  rw’Ikarema.

Bigiriwe i Roma ku wa  3 Kigarama 2023,            

Uwimana wambere w’Ubushikiro.

                     PAPA FRANSISKO

(Iyi nigisho yahinduwe mu Kirundi n’Igisata kijejwe ubutumwa n’Inyigisho ndoramana)