UBUTUMWA BUSHIKIRIJWE NA NYENE UBWERANDA PAPA FRANSISKO BWEREKEYE IKAREMA Y’UMWAKA W’I 2021

« Ehe turaduze i Yeruzalemu… » ( Matayo 20,18).

 Ikarema ni igihe co kunagura ukwemera kwacu, ukwizigira n’urukundo

 Bavukanyi,

 Mu kumenyesha abigishwa biwe ukubabara, urupfu n’izuka ryiwe, akarangura artyo ishaka rya Se wiwe, Yezu abahishurira indimburo nyakuri y’ubutumwa bwiwe akanabahamagarira kwifadikanya na we muri iryo banga ry’urukiza rw’isi.

Mu kugira urugendo rw’Ikarema rudushikana ku migirwa y’uguhimbaza Pasika, twibuka uwadukunze, « aragamburuka gushika apfe kandi apfa urupfu rwo ku musaraba » (Abanyafilipi 2, 8). Muri iki gihe co guhinduka, turanagura ukwemera kwacu, tukavoma « amazi mazima » y’ukwizigira, tukakirana umutima wuguruye urukundo rw’Imana rutuvukanisha muri Kristu. Mw’ijoro rya Pasika, tuzosubiramwo indagano z’ibatisimu kugira ngo dusubire tuvuke nk’abantu bashasha kubw’ububasha bwa Mutima Mweranda. Urugendo rw’Ikarema, co kimwe n’urugendo rw’ubukristu, rwaramaze kumurikirwa rwose n’umuco w’izuka, ari na wo umurikira ivyipfuzo, inyifato n’ihitamwo ry’ingingo zishingwa kuri uwo wese agomba gukurikira Kristu.

Ukwisonzesha, ugusenga n’ugufasha abakene nk’uko Yezu abishikiriza mu nyigisho yiwe (raba Matayo 6, 1-18) ni ibintu nkenerwa kandi bigaragaza uguhinduka kwacu. Inzira y’ubworo n’ubukene (ishingiye mu kwisonzesha), ukurabana urukundo abaruhijwe kujana n’ibikorwa vyo kubafasha (biserukira mu kwitaho abakene), hamwe n’ikiganiro c’umwana yitura Umuvyeyi (mu gisabisho), ni vyo bidufasha kugaragaza mu buzima bwacu ukwemera kw’ukuri, umwizero muzima hamwe n’urukundo rwiserurira mu bikorwa.

  1. Ukwemera kuduhamagarira kwakiriza yompi Ukuri, tukakubera ivyabona imbere y’Imana n’imbere ya bene wacu.

Muri iki gihe c’Ikarema, kwakira n’ukugendera Ukuri kwibonekeza muri Kristu, gushingiye mbere na mbere mu kwemera tugahindurwa n’Ijambo ry’Imana dushikirizwa na Ekleziya uko ibihe bibisikanya. Uko Kuri si abantu bakwiyubakiye ngo kube kugenewe imparurwa z’abantu bafise ubwenge buhebuje kandi bitandukanije n’abandi bantu. Ni ubutumwa turonka kandi dushobora gutahura dufashijwe n’ubwenge bw’umutima wugurukiye ubukuru bw’Imana idukunda imbere y’uko tunabimenya. Uko kuri, ni Kristu we nyene, ari na we, mu kwemera kuba umuntu nka twe,  yatubereye Inzira itoroshe mugabo yugurukiye bose ikatwerekeza ku buzima bwuzuye.

Ukwisonzesha iyo kubaye akaryo ko kwumva ico ari co kubura ico wipfuza kuratuma ababigize n’umutima uciye bugufi basubira kumenya ingabirano y’Imana n’ugutahura kamere yacu y’ibiremwa bifise agashusho k’Imana karangukira muri yo. Mu kwemera kubaho mu bworo, abisonzesha basangira ubworo n’abakene, bakaba bariko « baragwiza » itunga ry’urukundo bahawe bakarusangira n’abandi. Ukwisonzesha gutahuwe kandi kugakurikizwa gurtyo kuradufasha gukunda Imana n’abandi bantu nk’uko umweranda Toma w’i Akino abitwigisha, gurtyo bikadufasha mu rugendo rwo kwitwararika abandi twishira mu kibanza cabo (raba ikete-nyigisho Fratelli Tutti, n. 93).

Ikarema ni igihe co kuremesha ukwemera, ni ukuvuga igihe co kwakira Mana Data mu buzima bwacu, tukamureka « agashinga ingoro yiwe » muri twebwe (raba Yohani 14, 23). Kwisonzesha gusigura kwigiza kure ivyo vyose bituzingamika, gushika no kuri urya murengera w’amakuru twumva, amwe ari yo ayandi ari ibinyoma, canke ivyo bidandazwa duhahamira kwihereza, maze tukaboneraho kwugururira umuryango w’umutima wacu uwo aje atugana, akaza ari mworo, ariko « yuzuye ubuntu n’ukuri » (Yohani 1, 14) : Umwana w’Imana, Umukiza.

  1. Ukwizigira kumeze nk’amazi y’ubuzima adufasha kubandanya urugendo turiko.

Wa munyasamariyakazi Yezu yasaba amazi yo kunywa amusanze kw’iriba ntiyatahuye ico Yezu yashaka kuvuga igihe yamubwira ko ashobora kumuha « amazi y’ubuzima » (Yohani 4, 10). Yatanguye yibaza ko ari amazi asanzwe. Ariko Yezu we yariko avuga Mutima Mweranda azotanga ku rugero rwuzuye mu kinyegezwa ca Pasika, na we akazotwuzuza umwizero udatetereza. Igihe yariko arabura ukubabara n’urupfu rwiwe, Yezu yaramenyesheje uwo mw’izero avuga ati : « …ku musi ugira gatatu azozuka » (Matayo 20, 19). Yezu yariko aratumenyesha kazoza keza kamuka ku kigongwe ca Data. Kwizera rero gufatiye kuri we kukamukomokako ni ukwemera ko ibihe uko bibisikanya bitazitiriwe mu kwihenda kwacu, mu gukoresha ingimba, mu karenganyo canke mu gicumuro kiyogeza urukundo. Kwizera ni ukuvoma ikigongwe ca Data mu mutima wiwe wama utwugurukiye.

Ufatiye ku bihe vy’imyitwarariko tubamwo, vyose tukabona umengo ntibishemeye kandi atawovyizera, kurata ukwizera gusa n’ugukindaga abantu. Ariko igihe c’Ikarema ni igihe c’ukwizera, umuntu agasubira guhanga amaso ubwitonzi bw’Imana yo ibandanya kwitwararika ibiremwa vyayo naho twebwe twoba twabifutanije (raba ikete-nyigisho Laudato si, inomero 32, 33, 43, 44). Ni na wo mwizero w’ugusubiza hamwe Paulo mweranda aduhimiririza ashimitse ati : « Turabasavye ku bwa Kristu ngo mwuzure n’Imana » (2 Abanyakorenti 5, 20). Mu kwakira ikigongwe muri rya sakramentu riri mu ntimatima y’ishaka ryacu ryo guhinduka, na twe duca tuba intumwa zo gutanga ikigongwe. Duca dushobora gutanga ikigongwe na twebwe ubwacu twaronse, tugaheraho tugira umutima mwiza wo kuja inama n’ingingo n’abandi, tukagira inyifato iremesha abakomeretse. Ikigongwe c’Imana kiradufasha kandi kuba mw’Ipasika y’umuvukano mu majambo tuvuga no mu nyifato twerekana.

Muri iyi karema, ni twihatire kuvuga « amajambo meza aremesha agakomeza, amajambo ahoza agakabura » aho kuvuga « amajambo atesha agateka, ashavuza, ababaza, canke y’akagaye » (Ikete-Nyigisho Fratelli Tutti, n. 223). Kenshi mu gusubiza umwizero, upfa kuba uri « umuntu akundana, (…), arengera imyitwarariko yiwe n’ivyo yibaza ngo birihutirwa, maze akitaho abandi, akabamwenyurira, akababwira akajambo karemesha, gurtyo hakaboneka ikibanza c’ukwumvirizanya mw’ishengero ry’abantu ba nyamwigendako » (Ikete-Nyigisho Fratelli Tutti, n. 224).

Mu gufata umwanya wo kuzirikana n’ugusengera mu gacerere, turaharonkera ukwizera kuza nk’ingabirano mu mutima, n’umuco utumurikira mu guhangara ingorane z’ubuzima n’ingingo duheza tukishingira mu butumwa bwacu. Ni co gituma ari nkenerwa ko twitaza ngo tuje ahiherereye mu gusenga (raba Matayo 6, 6), gurtyo tukabona gushikira Data w’urukundo rwuzuye.

Kuba mw’ikarema y’umwizero ni ugutahura ko muri Yezu Kristu turi ivyabona vy’igihe gishasha kuko Imana igomba « kugira vyose bishasha » (raba Ivyahishuwe 21, 1-6). Ni igihe co kwakira n’ugutanga umwizero wa Kristu, we atanga ubuzima bwiwe ku musalaba, maze Imana ikamuzura ku musi ugira gatatu : « Mwame mufise iryo mwishura umuntu wese agize ico ababaza cerekeye umwizero mufise » (1 Petero 3, 15).

  1. Urukundo, turugendeye nka Kristu, tukitaho uwari we wese tumwakirana impuhwe, kiba ari ikimenyetso ntangere c’ukwemera n’ukwizigira kwacu.

Urukundo rurahimbarwa n’ukubona uwundi ariko aratera imbere. Ni na co gituma rubabara iyo uwundi ari mu mubabaro : ari inyakamwe, arwaye, atagira aho akika umusaya, akengerwa, ari mu bukene… Urukundo ni ico gishika co ku mutima kidutuma tureka kwiraba twebwe nyene, ahubwo kikadutumbereza imigenderanire y’ugusangira n’ukwunga ubumwe.

« Kubera urukundo rwubaka ikibano, abantu turashobora gutera imbere mw’ibanga duhamagariwe twese ryo kwubaka ibihugu birangwa n’urukundo. Kubera ko urukundo rwugurukira bose, rurashobora kwubaka isi nshasha, ntiruherere mu bishobisho gusa, ahubwo rukatubera uburyo bwo gushigikira inzira zirama zerekeza kw’iterambere rya bose » (Fratelli Tutti, n. 183).

Urukundo ni ingabirano. Ni rwo rutuma ubuzima bwacu bugira ico bumaze. Kubera rwo, tuguma tubona uwuri mu bukene nk’uwo mu muryango, nk’umugenzi, nk’umuvukanyi. Ibintu naho vyoba ari bike, iyo bisangiwe mu rukundo, ntibihera, ahubwo bihinduka ikigega c’ubuzima n’ubuhirwe. Uko ni ko vyagendeye ka gafu na twa tuvuta twa wa mupfakazi w’i Sarepta igihe acumbiye agakate umuhanuzi Eliya (raba 1 Abami 17, 7-16). Ni ko kandi vyagenze igihe Yezu yagwiza imikate mu kuyihezagira, akayimanyura, akayiha abatumwa kugira ngo bayishikirize ishengero (raba Mariko 6, 30-44). Ni nako bibera imfashanyo zacu, ziba nto canke nini, mu gihe tuzitanganye akanyamuneza n’ukwicisha bugufi.

Kugira Ikarema y’urukundo ni ukwitaho abo bari mu bihe vy’ububabare, vy’ubunyakamwe canke vy’ubwoba kubera iki kiza c’umugera wa Covid-19. Mu gihe tutabona ejo ukuntu hazoba hameze, ni twame twibuka rya jambo Imana yashikiriza umusavyi wayo ati: « Ntutinye kuko naragucunguye » (Izaya 43, 1), duherekeze imfashanyo yacu n’ijambo ry’umwizero, dufashe abandi kwumva ko Imana ibakunda nk’abana bayo bwite.

« Ni ngombwa ko tugira ijisho ribona kure kuko ryahinduwe n’urukundo, gurtyo bigatuma dushobora kubona iteka rya zina muntu, kugira ngo dushobore kubona aboro, tubateze imbere mw’iteka ryabo ntangere, tubahe icubahiro mu kuntu babayeho no mu mico kama yabo, maze bumve vy’ukuri ko nabo nyene bafise ikibanza mu kibano » (Fratelli Tutti, n. 187).

Bavukanyi nkunda, igihe cose c’ubuzima kitubera umwanya mwiza wo kwemera, wo kwizigira n’uwo gukunda. Aka kamo ko kuba muri iyi Karema nk’urugendo rw’uguhinduka, rw’ugusenga, rw’ugusangira n’abandi ni kadufashe gusubira kuzirikana mu buzima bw’umuryango n’ubw’umwe umwe ukwemera kuva kuri Kristu muzima, ukwizigira kuri mu bubasha bwa Mutima hamwe n’urukundo ruva mw’isoko ridakama ry’umutima w’ikigongwe wa Data.

Ese Mariya, Umuvyeyi w’umukiza, umunyebanga atavirira munsi y’umusalaba no mu mutima wa Ekleziya, yoturemesha mu kutwama hafi, maze umuhezagiro w’Uwazutse mu bapfuye uduherekeze muri iyo nzira yerekeza ku muco wa Pasika.

Bigiriwe i Roma kw’isengero rikuru ryitiriwe Yohani w’i Laterano. Igenekerezo rya 11 munyonyo 2020. Umusi twibuka umweranda Maritino w’i Tours.

 

Papa Fransisko

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

N.B. : Ubu Butumwa bwa Papa Fransisko bwahinduwe mu kirundi n’Ibiro bishinzwe ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza mu Burundi.