UBUTUMWA BWO KUGARAGAZA UMUBABARO DUTEWE N’URUPFU RWA NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA, UMUKURU W’IGIHUGU C’UBURUNDI

Kw’izina ry’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi no kw’izina ryanje nyene nk’uwuyirongoye, ndi n’iteka ryo guserura ko twebwe abagize iyo Nama kumwe mbere n’Umuryango wose wa Ekleziya Gatolika ishashe mu gihugu cacu, dusangiye umubabaro n’Abarundi be n’incuti z’Uburundi zose, kubera urupfu giturumbuka rwa Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Umukuru w’igihugu cacu.

Turahojeje abo bose mugabo duhereye ku muryango wiwe no kuri Leta yari arongoye. Turazi ko ata wundi ashoboye kubahoza nk’uko bikwiye atari Umukama Imana. Nico gituma tuyambaza ngo kubw’impuhwe ziyiranga ibirangure ata n’umwe ayibereye intambamyi.

Turakengurukiye umuhisi ku vyiza yatungishije Uburundi mu burongozi bwiwe, twongera twiyemeza kumusabira ku Mana ngo ibimuhere impera mu kumwinjiza mu buhirwe bw’Ubwami bwayo.

Turasavye Abarundi benewacu ngo twese hamwe tubandanye duhesha icubahiro izina n’igihagararo vyiwe, mu kugumya iragi adusigiye ry’ugushira Imana imbere muri vyose no kuremesha ubumwe n’amahoro.

Ese Imana Mushoboravyose yomuronsa uburuhukiro budahera bwuzuye amahoro n’ubuhirwe, Abarundi natwe akatuzigamira mw’iteka n’itekane muri iki gihe c’umubabaro utewe n’urupfu rwiwe, eka no mu bihe vyose bizokurikira.

 Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 10 Ruheshi 2020.

 Yohakimu NTAHONDEREYE
Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga,
Umukuru w’Inama  y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi