ISHURE RY’UBUVUZI RY’I BUBANZA RIRAKWIJE IMYAKA ICUMI

ISHURE RY’UBUVUZI RY’I BUBANZA RIRAKWIJE IMYAKA ICUMI

Kuri uyo wa gatandatu igenekerezo rya 16 Nzero niho ishure ry’ubuvuzi rya Diyoseze ryahimbaza imyaka icumi rimaze riri ku butumwa bw’Ekleziya n’Igihugu. Ibirori vyatangujwe n’inkuka ya misa yaherejwe na Nyenicubahiro Umwungere wa Diyoseze ya Bubanza Nyenicubahiro Yohani Ntagwarara, ari kumwe n’abasaserdoti batari bake baje bava mu maparuwase atandukanye agize Diyoseze ya Bubanza.

Vyari vyatewe iteka kandi n’intumwa y’Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu n’ukurwanya SIDA, Nyakubahwa Jackson MPABONYIMANA n’abandi benivyubahiro, abahize eka n’abanyeshure baramuka baronka impapuro z’umutsindo.

Mu nyigisho yiwe, Umwungere wa Diyoseze ya Bubanza yarashimikiye cane ku karanga k’abaganga. Yarabatumiriye kwitaho cane abarwayi baza babagana, mu kubakira nk’umuntu, mu kubavura nk’umuntu no kubavurana urukundo : « Mwebwe muhava muronka urupapuro rw’umutsindo eka mbere na mwebwe murangurira ubutumwa mu magara y’abantu, murafise aho muzogeza. Hari ahandi mutazoshika. Ese mwofasha abo muvura kugira ngo aho mutashitse bahashike…, ukugene mubakirana urukundo. Umurwayi azogira ati « Nari narivuje mugabo sinari bwaronke uwumvura nk’uyu musi », kuko utamuvuye nk’umucamafaranga canke nk’uwumwiyemezako kuko uzi ubwenge, arivyo wize, uzi umwuga ariko wamuvuje umutima, wamugiriye ubuntu, kumbure umurwayi agaca yipfuza kumenya igituma ugira gutyo.

Hanyuma azokwemera iyo Mana wemera kuko abonye ubudasa, ukugene wamufashe, ukugene wamuvugishije, ukugene wamwakiriye harya agishika. Umugwayi uramwakirane ubuntu kuko ni umuntu. Ntumwakire nk’umucangero. Bakirane urukundo, bavurane urukundo, bavugishe nk’abantu ; ntumubaze ngo mbe wewe uri nde (amadini, imigambwe, intara  avamwo)… bavure nk’abantu, n’amafaranga ubasaba uyabasabe nk’umuntu asaba umuntu… Mu rukundo muzobereka, sonera umurwayi ; kuko umusoneye azokwiyumva ko ari umuntu, akiri umuntu, atari uwugenda yarapfuye ».

Yasozereye inyigisho yiwe ihambaye yipfuriza abaganga bose kuvura bakiza ariko kandi bakamenya ko bafise aho bagarukiriza. Ari naco gituma boza bibuka gusabira abagwayi kugira Umukama nawe yikorere aho baba bananiwe. Inyuma y’inkuka ya misa, hakurikiye ukwiginana aho abana barerewe kw’iryo shure babiciye bigacika mukwereka abari aho ibikino bihayagiza ishure ryabo.

Mu majambo yashikirijwe, Uwuserukira ishure ry’ubuvuzi yarakengurukiye abari aho n’ivyaranguwe mu myaka icumi. Ntiyibagiye kumenyesha ko ishure rifise ibibazo bitari bike bikeneye ko abakunzi b’ishure (Ekleziya na Leta) bokora uko bashoboye kugira bitorerwe umuti. Ivyo navyo ni : kutagira imodoka, itongo rito, agasengero k’abanyeshure... Kw’izina rya Leta biciye mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, intumwa y’umushikiranganji yakeje iryo shure ry’ubuvuzi ingene ridasiba kwigenza neza mu bumenyi. Yaremeye ko agiye kudodora kugira iryo shure riciye ubwenge rishigikirwe.

Umusi ukaba wasozerewe n’ugutanga impamyabushobozi  ubugira indwi ku mikangara mirongo ibiri n’itanu bavyiteguriye. Twobamenyesha ko iryo shure kuva ritanguye kuwa  27/7/2010,  ryama rimenyesha ijana kw’ijana mu kibazo ca Leta, kandi urigereranije n’ayandi mashure y’ubuvuzi, rikama riza mu bibanza bitatu vya mbere.

 

Patri Romano NDIHOKUBWAYO