MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA BUBANZA, UMWAKA MUSHASHA W’UBUTUMWA WA 2021-2022 WARAYE WUGURUWE

MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA BUBANZA, UMWAKA MUSHASHA W’UBUTUMWA WA 2021-2022 WARAYE WUGURUWE

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Gitugutu 2021, i BUBANZA mw’isengero nkuru ya Diyoseze, abakristu basidukanye niyonka baje mu Nkuka ya Misa yo kwugurura umwaka w'ubutumwa wa 2021-2022. Inkuka ya Misa yaherejwe na Nyenicubahoro Yohani NTARWARARA, Umwungere wa Diyoseze akikijwe na ba Patiri bakuru b'amaparuwasi n’abamaparuwasi-nteguza agize Diyoseze Bubanza ; tutibagiye abihebeye Imana n'Abakristu balayike bagize inzego zitandukanye z'ubutumwa.

Mu nyigisho yiwe, yishimikije Ijambo ry'Imana riri mu Nkuru nziza ya Yohani 15, 9-12, uwo Mwungere yaribukije abakristu ko ibwirizwa ry'urukundo ariryo ntimatima y'amabwirizwa yose ; ati : « Yezu Kristu ntakunda abigishwa biwe gusa, nawe aragukunda, kandi umwe wese amukunda mw'izina ryiwe. Ntadukunda mukivinga ». Urukundo rwa Kristu rwarangukiye ku musalaba. Nico gituma urwo rukundo rwa Kristu atari ibishobisho. Ni urukundo rwemera kwitanga, urukundo rwemera kubabara. Ukwitanga ntivyizana : turavyigishwa, turabirereshwa.

Mu gushitsa inyigisho, Musenyeri Yogani yashimangiye cane ko abubakanye bategerezwa kuba mu kuri, bakirinda amanyanga n'ikinyoma. Kuko urukundo rw'ukuri ruzira ikinyoma, ukubesha, ugucengacengana; ati : « Uwo ukunda ntumubesha. Umubwira ukuri, ntumurenganya, kanatsinda gukunda nka Yezu ntibifatira ku bintu. Ni uguhitamwo gusukurira mugenzawe nka Kristu. Gukurikira Yezu udakebaguzwa ». Kubesha ni amayeri, amanyanga ya Shetani irondera gusambura imiryango, gusambura ingo. Kuko ingo zisambutse, Ekleziya iba  isambutse, kuko Ekleziya yubakiye ku ngo. Yarongeye ati : « Ikinyoma ni akaranda mu ngo. Ugukunda si ukuzirika ku catsi mugenzawe, si ukurushanwa mu nabi, ukuvuga nabi umuntu mu kumwimba mu mizi. Ugukunda ni ukurutana mugukora vyiza, ukuvuga uko ibintu biri, utamwunguriye».

« Tunagure Ingo n'imiryango mu kubaka umubano mwiza mu ngo zacu », iyo ikaba ariyo nyigisho ngenderwako tuzokwisunga muri uno mwaka muri Diyoseze yose ya Bubanza! Mugusozera, Umwungere yuguruye umwaka w'ubutumwa amenyesha ko uyu mwaka uzoshimikira ku mubano mwiza mu ngo. Umubano mwiza nawo ugasaba urukundo rwibonekeza mu gusenga no gufashanya mu rugo, kuva ku bana gushika ku bavyeyi. Uyu mwaka uzorangwa rero n'inyigisho zijanye n’ukwubaka urugo rwiza, rw'iteka, n’ugushiraho ibisata vy'ingo n'imiryango muma Paruwasi yose.  Gutegura ingo zizofasha izindi ngo mu nyigisho, izo nazo bakazozitanga bumvikanye na Patiri Mukuru. Yatumiriye igihugu c'Imana gusaba bashimitse kugira ngo Imana itwubakire ingo, maze umwe wese aze agire uruhara mu kubaka Ekleziya muryango, mu kugira umubano mwiza.

Twokwibutsa ko Ekleziya iri i Bubanza yihaye ikiringo c'imyaka itanu ubutumwa bushimikira ku ngo n'imiryango. Ubu tukaba tugeze ku mwaka ugira kane.

 

Patiri Romano NDIHOKUBWAYO