TWIGE GUSOMA IJAMBO RY’IMANA NA EKLEZIYA MURYANGO

TWIGE GUSOMA IJAMBO RY’IMANA NA EKLEZIYA MURYANGO

Kuva ku wa 21 gushika ku wa 24 Nzero 2021 i Musigati kabaye akaryo keza ku banyamihari bagendera kukarangamutima ka Bikira Mariya, aho bamaze iyo ndwi yose bigishwa kugira babakaburire agatima ko gukunda ubutumwa, gukunda Umuvyeyi Bikira Mariya no gukunda Ijambo ry’Imana na Ekleziya muryango.

Mu nyigisho yiwe ishimikiye kw’Ijambo ry’Imana no kuzirikana ukwemera kwabo,  patiri Alexis NDAYIZEYE yafashije abanyamihari gutegera uko Bibiliya yubatse. Yaramenyesheje abari aho ko Bibiliya igizwe n’ibice bibiri: Ubwuzure bwa kera n’Ubwuzure bushasha. Yagize ati: «Bibiliya ntiyanditswe nk’uko ibindi bitabu vyandikwa. Mutima Mweranda niwe yamurikiye abanditsi b’ibitabu vyo m’Ubwuzure bwa kera; abagendanye na Yezu nabo baraheza barandika inkuru nziza, abagendanye n’abatumwa nabo bandika amabaruwa. Ariko aho hose, Mutima Mweranda bari kumwe». Igitabu ca Bibiliya rero ni igitabu ceranda kitumenyesha umugambi w’Imana ku bantu, uko Imana yawiyumviriye, uko yawushize mi ngiro. Patiri Ndayizeye yaciye abamenyesha ko umugambi w’Imana warangukiye muri Yezu Kristu, gutyo ivyanditswe mu Bwuzure bwa kera biba birangukiye mu rupfu n’izuka vya Yezu Kristu.

Inyuma y’ibibazo vyo gushitsa inyigisho, abanyamihari ntibibagiye ibikorwa vy’iterambere, aho abari muri izo nyigisho bose bikoreye amabuye bayegereza aho bategekanya kwubaka inyubakwa muri kazoza. Akanyamuneza kari kose cane cane ku musi wo gusozera, aho abafashe amajambo bose bashimye izo nyigisho kanatsinda kumara indwi yose mu nyigisho vyababereye bishasha muri Paruwasi, bemera ko bagiye guhindura ingendo mu bukristu bwabo.

 

Patiri Andreya NKIZWANABAKE