UKWUGURURA UMWAKA W’UBUTUMWA MU GISATA C’ABALAYIKE

UKWUGURURA UMWAKA W’UBUTUMWA MU GISATA C’ABALAYIKE

Kuri  uyu wa  gatanu, igenekerezo rya 9 Gitugutu 2020, Igisata ca Diyoseze Gatolika ya Muyinga gishinzwe ubutumwa bw’abalayike caruguruye umwaka w’ubutumwa w’2020-2021. Ivyo birori bikaba vyabereye muri Paruwase yitiwe Yozefu Mweranda Umukozi ya Masanganzira, bikaba vyari  birongowe n’Icariho c’Umwungere Musenyeri Protazi NKURIKIYE.

Ivyo birori vy’ukwugurura umwaka bikaba vyari vyitabwe n’abayobozi b’amashure yegukiye Ekleziya Gatorika canke Ekleziya ifisemwo uruhara, abakuru b’Imihari, abaserukira igisata c’abalayike mu maparuwase, Abasaserdoti bashinzwe ubutumwa bw’abalayike mu ntara z’Ubutumwa uko ari zine, abasaserdoti-bibutsamana b’imihari yose iri muri Diyoseze, n’abaserukira imigwi itandukanye y’ibisata vy’ubuzima bw’abakristu balayike, aha twovuga : abaserukira abadandaza, abaserukira abavuzi, abaserukira abatwara amapikipiki n’imiduga ica amafaranga, abaserukira abakozi bo mumazu, abaserukira abakozi bo mu mabanki, abaserukira abacamanza, n’abaserukira abakozi bo mu mashirahamwe.

Ibirori vy’uwo musi vyatanguwe n’inyigisho yashikirijwe n’icariho c’Umwepiskopi. Mu nyigisho yiwe, Musenyeri Protazi Nkurikiye yashimikiye ku civugo c’Umwaka w’ubutumwa wa Diyoseze kivuga giti : « Mw’itoto rya Yubile, tunagure imibano mitomito, turushirizeho kuba abasuku b’Ubwuzure». Ico civugo yaragishimitseko cane akinywanisha n’ivyavuye mu Nama ya mbere y’Umuryango ya Diyoseze idutumirira kuremesha amahoro n’ugusubiza hamwe, ati : « Nk’uko Inama y’Umuryango wa Diyoseze yacu ibidutumirira, duhamagariwe kuremesha ingendo y’amahoro n’ugusubiza hamwe. Iyo ngendo rero itegerezwa kwimenyererezwa mu mibano mito mito. Nico gituma ntumiriye abakuru b’imigwi yose muri ngaha, guhimiriza abo mushinzwe kwitaba iyo mibano. Kuva ubu umunyamuhari kugira yemeregwe kugira indagano tuzobanza  kumusaba icemeza ko yitaba inama zo mu mubano waba uw’abakuze  canke uw’urwaruka. Ng’ico ico tubasavye mu butumwa bw’uyu mwaka».

Abari bitavye bararonse akanya kogushimangira iyo nyigisho mu gushikiriza nabo ico bagona n’ibibazo bari bafise ku muzirikanyi. Vyose vyaragaragaza ko biteguriye kuja ku kivi mu murima w’Umukama bitanga umwe wese aho aherereye ngo Inkuru Nziza  ya Yezu Kristu imenyekane hose.

Inyuma y’iyo nyigisho, habaye Inkuka ya Misa yo gukenguruka no gusabira ubutumwa bw’uyu mwaka. Basavye Umukama gukomeza umwumwe mubabatijwe bose baba abari ngaho canke abo bari baje baserukira ngo umwambiro w’Inkuru Nziza uze ushobore kunyengetera mu bikorwa vy’abantu mu majambere y’isi, ngo Ekleziya ibashe kumenyekana ko ari Umuhora Kristu acishamwo Urukiza rwacu rw’abantu bose.

Twosozera  tubamenyesha ko, amaze gushikiriza ivyaranguwe mu mwaka w’ubutumwa uheze, Patiri Etienne NDAYISABA arongoye ico gisata c’ubutumwa bw’Abalayike, yarashikirije ihangiro ry’uyu mwaka : « Guteza imbere indero y’akanovera mu mashure no mu mihari, ukwakira mu maparuwase yose yacu Umusalaba w’urwaruka ngo twitegurire kwakira ihwaniro ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu, gukomeza amanama-nyigisho ku migwi itandukanye y’abakristu, gukomeza n’ukugwiza imyiherero n’amapfungo (Retraites et Récollections) ku bakristu balayike bavyipfuza kandi bakabitumirwamwo, gushinga imibano mitomito mu makaminuza ari mu karere ka Diyoseze, gukomeza kwegeranya uburyo ngo haboneke inzu y’amahwaniro y’abalayike, …

Tubipfurije ubutumwa bwiza bose.

 

Patiri Evariste HARERIMANA

Umuyobozi wa SAVACOM