UMUMENYESHAMANA BONIFACE HARERIMANA YARAYE ASHINGURANYWE ITEKA

UMUMENYESHAMANA BONIFACE HARERIMANA YARAYE ASHINGURANYWE ITEKA

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2023, niho umumenyeshamana Boniface HARERIMANA wo ku Gisata ca BURANGA muri Paruwasi KAYOGORO ya Diyoseze RUTANA yashinguranwa iteka aho ku Gisata nyene.

Abakristu bari basidukanye n'iyonka baje kumusabira no kumuherekeza kuko iruhande yo kuba umumenyeshamana yari afise uruhara runini mu mihari n'imigwi y'ubutumwa. Abasangiye ubutumwa nawe barazi ubukerebutsi bwiwe n'ukwitanga kwiwe haba ku Gisata canke kw’i Paruwasi ! Abasaserdoti bavuye mu ma Paruwasi atandukanye (Rutana, Gitanga, Giharo, Gihofi, Kiguhu, na Kayogoro) nabo nyene bari bahashitse gusabira no gushigikira umuryango asize w'amaraso, w'igisata eka mbere n'uwa Paruwasi yose!

Umubabaro wari mwinshi cane kuko yafashwe ku musi umwe yazindutse mu butumwa bwiwe bwa misi yose, aca arara ashengeye batarwaje! Abanyagisata twaganiriye batubwiyeko ibintu nk’ivyo ku bamenyeshamana vyaheruka mu mwaka w'2008, aho abamenyeshamana Yohani NDAGIJIMANA na Gabriel MPAWENAYO (ico gihe bari umukuru n'icegera bo kurico gisata ca BURANGA nyene) bitavye IMANA badasamvye umwe kw’igenekerezo rya 20/6/2008, uwundi kurya 25/6/2008, inyuma y'imisi itanu gusa. Urwo rupfu rw'uyo mumenyeshamana rero rukaba rusa n'urwabakoze mu nkovu. Ubaravye mu maso bose bari bababaye cane!

Twobamenyesha ko uyo mumenyeshamana yari umuvyeyi wa Faratiri Etienne NSHIMIRIMANA. Tubandanye tubasabira Umukama ashikane mu buzima budahera umusavyi wiwe, yongere yiremeshereze umuryango usigaye!

Patiri Benedikto KABURA