IJAMBO RYO GUSHIKIRIZA INGINGO Y’INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI YEREKEYE AGASHIRUKABUTE K’ABAMENYESHAMANA N’IMPEREZWA ZITANGWA N’ABAKRISTU

Bubahwa Basaserdoti namwe Bakristu bakundwa b’Imana mwese,

  1. Kw’izina ry’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi mfise iteka ry’ukurongora muri iki gihe, ndabipfuriza nka Pawulo Mweranda “inema n'amahoro biva ku Mana Dawe wa twese no ku Mukama Yezu Kristu” (Abanyafilipi 1:2). Ngiriyeko ndabipfuriza n’umwaka mwiza w’2021, naho tuwumazemwo ukwezi kose. Nzanywe n’ukubashikiriza ingingo twashinze muri iyo nama yacu, yerekeye agashirukabute k’Abamenyeshamana be n’imperezwa Ekleziya ibategeka gutanga.
  2. Murazi ko, kubw’Ibatisimu mu mazi no muri Mutima Mweranda twahawe, umukristu wese ahamagariwe kumenyesha abandi Inkuru Nziza mu mvugo no mu ngiro, we nyene bwite canke mu guterera ngo umuryango w’Ekleziya ubandanye urangura ubwo butumwa. Mugabo muri twebwe harimwo abo Umukama yitorera akabashinga ubutumwa nyabutatu bwo kwigisha, gutagatifuza no kuyobora igihugu ciwe. Abo ni Abepiskopi, Abasaserdoti n’Abadiyakoni.  Hakabaho rero n’abakristu balayike yitorera ngo bunganire hafi na hafi abo bambere, mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza no kwigisha igihugu c’Imana. Abo na bo ni Abamenyeshamana.
  3. Nkuko abakurambere muri iyi Nama yacu y’Abepiskopi bigeze kubitomora, “Umumenyeshamana ni umukristu abushitse, yiyumvisemwo umuhamagaro udasanzwe w’ukuba umutumwa muri Ekleziya, umusaba kumenyesha Ijambo ry’Imana, mu kuba umwigisha-murezi w’abarondera kumenya Imana n’abamaze kwinjira mu muryango w’Ekleziya” (Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi, Ingingo ziranga Umumenyeshamana, 1987, n. 1). Murabizi kandi murabibona, Abamenyeshamana bafise igikorwa gihambaye mu butumwa bw’iparuwase, aho baremesha umuryango w’abemera bakongera bagakabura ukwemera kw’abakristu badebukiwe. Ubwo butumwa babukora babicishije mu kwigisha no mu gufasha abandi gusenga neza. Ni nabo kandi bategura urwaruka rwacu ngo ruronke amasakramentu y’urukiza. Ivyo bakabirangura mu kubaha indero runtu n’indero rukristu, mu kubigisha no mu kubakundisha Ijambo ry’Imana n’inyigisho z’Ekleziya.
  4. Hari Abamenyeshamana b’abatangakivi bakora ubwo butumwa babubangikanije n’imirimo yabo ya misi yose. Tuboneyeho kubakengurukira kuko batahuye ko ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza ari ubw’uwakristu wese kandi bakabwitangira mu kwigisha urwaruka rwitegurira amasakramentu no mu kwigisha bisanzwe ubumenyi ndondorakwemera mu mashure nshingiro n’ay’isumbuye. Igikorwa c’abo batangakivi cuhirira ic’Abamenyeshamana ruberera bahebeye ubuzima bwabo iryo banga, ku buryo badaheza ngo baronke umwanya ukwiye w’ukwikenura imuhira kugira ngo bitunge bongere batunge n’imiryango yabo.
  5. Bene abo Bamenyeshamana bihebeye iryo banga, Ekleziya-muryango bakorera ibwirijwe kubaronsa agashirukabute gakwiye, ifatiye egome ku vyo umuryango bitangira ushobora kuronka, ariko kandi no ku kuntu ivyangombwa mu buzima bigurwa mu gihugu be no ku bumenyi n’ububangutsi bw’umwumwe (raba Igitabu c’Amategeko y’Ekleziya, Ingingo 231, § 2). Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi, na yo nyene yaratomoye ko Umumenyeshamana akwiye «agashirukabute kitwa umushahara, kuko iyo yemeye iryo banga, asigarana akanya gato cane ko kugira ngo ashobore kwikenura mu vyomubeshaho, n’ivyobeshaho abiwe. Ako gashirukabute kava mu muryango w’abakristu aba ariko arakorera” (Inama y’Abepiskopi  Gatolika b’i Burundi, Ingingo ziranga Umumenyeshamana, 1987, n. 21). Kandi igihe iyo Nama yatomora ivyo, yaciye yongerako yuko hambavu y’ako gashirukabute, “Abamenyeshamana bose babwirizwa gushirwa ku rutonde muri ya sandugu yo kuziganiriza kazoza ariyo INSS. Kubera ko ari itegeko ry’igihugu, ntawundi mwumvikano ushoboka. Hari igice gitangwa n’umumenyeshamana ubwiwe, be n’igice gitangwa n’umukoresha ari we paruwasi” (Inama y’Abepiskopi  Gatolika b’i Burundi, Ingingo ziranga Umumenyeshamana, 1987, n. 25 ).
  6. Mu nama twagiriye i Gitega kuwa 20 Gitugutu 2020, twarihweje ingene ubuzima butera buzimba muri kino gihugu cacu, turaheza dusanga ari ivy’ukuri ko agashirukabute Abamenyeshamana bacu baronka uno musi kadakwiye kugira ngo baronke ibibabeshaho kumwe n’imiryango yabo. Twaciye tubona ko twokongera ako gashirukabute ku rugero dushoboye gushikako turavye amikoro make amaparuwase yacu menshi afise muri rusangi. Ingingo twashitseko ni izi zikurikira:
    1. Kwongeza umushahara nshingiro w’umumenyeshamana ku rugero rw’ibice mirongo itatu kw’ijana (30%).
    2. Ku mushahara nshingiro wiwe mushasha, hace hongerwako amafaranga yomufasha kuronka uburaro bwiza, angana n’ibice 60 kw’ijana (60%) vy’uwo mushahara.
    3. Hashirweko kandi ayangana n’ibice 15 kw’ijana (15%) vyawo, yo kumufasha kwiyunguruza.
    4. Inyongera nyunganirarugo na yo (allocation familiale mu gifaransa), izongana n’amafaranga ibihumbi bibiri (2.000 Fbu) ku wo bubakanye, be n’amafaranga igihumbi (1.000 Fbu) ku mwana umwumwe atarashikana imyaka 18.
    5. Mu madiyoseze yacu yose, amaparuwase n’ace abanguka kuvyitegurira kugira ngo izo ngingo zize zitangure kuja mu ngiro mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka, igihe tuzoba dutanguye umwaka w’ubutumwa w’2021-2022.
  7. Kubera ko agashirukabute k’Abamenyeshamana kava cane cane mu mperezwa Abakristu bose bakomejwe babwirijwe gutanga, vyabaye ngombwa ko dufata n’ingingo yo kuduza urugero rw’iyo mperezwa ya buri mwaka.  Kuva ubu rero, amafaranga y’iyo mperezwa aragwijijwe na kabiri ku mugwi umwumwe wose mu butandukane bwayo. Ni ukuvuga ko, nk’akarorero, abari basanzwe batanga amajana indwi (700 Fbu) bazotanga igihumbi n’amajana ane (1.400 Fbu), abatanga igihumbi (1.000 Fbu) batange ibihumbi bibiri (2.000 Fbu), gutyo gutyo. Ibindi bitavuzwe ngaha, Umwepiskopi wanyu azobibasigurira igihe azoba abonye ko bikenewe. Ubu mugabo ntitworeka guca tubibutsa mwese Bakristu bavukanyi, ko gutanga imperezwa ku gihe ari bumwe mu buryo bwo gukengurukira Imana yama yaduhezagiriye imirima n’imirimo, tukaronka ibidutunga n’ibidutungira imiryango. Ukuyitanga ni ukwitaba akamo Imana idutera iti: “Uraninaharisha Umukama itunga ryawe, n’ivyerano vy’umwimbu wawe wose, ibigega vyawe bizoheza vyuzure bibogaboge, amato yawe na yo asesekaze umuvinyu mushasha” (Imigani 3:9-10).  Ugutanga imperezwa, ni n’uburyo burashe bwo guterera umuryango wa paruwase kugira ngo ubutumwa bugende neza kandi Inkuru Nziza ya yezu Kristu ishobore gushinga imizi mu mitima yacu, mu ngo zacu, mu mibano yacu no muri paruwase yacu.
  8. Nsozereye ndababwira nti: umukono ni jewe mugabo ingingo ni iz’Abungere banyu bose. Imana n’ibahezagire; ibongerereze ukwemera, ukwizigira n’urukundo, Umuvyeyi Bikira Mariya na we yame ababera mu ngoro, murushirizeho kwitanga ngo amaparuwase yanyu atere imbere mu bweranda.
  9. Bigiriwe i Bujumbura kuwa 02 Ruhuhuma 2021.

 

                                                    Kw’izina ry’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi,

                                                           +Yohakimu NTAHONDEREYE

                                              Umwepiskopi wa Muyinga akaba n’Umukuru w’iyo Nama