INYIGISHO YA NYENUBWERANDA PAPA FRANSISKO YEREKEYE IKAREMA Y’UMWAKA 2022

«Ntiturambirwe n’ugukora iciza, kuko, igihe kigeze, tuzokwimbura nitutatezura. Ni uko rero, tugifise uburyo, nitugirire neza bose» (Abanyagalati 6, 9-10a).

Bavukanyi,

Ikarema ni igihe kibereye co kwinagura kuri buri muntu wese no ku mubano wose kitwerekeza kw’Ipasika ya Yezu Kristu yapfuye akazuka. Mu rugendo rw’Ikarema y’umwaka 2022, bizotubera akaryo keza ko kuzirikana inyigisho Pawulo mweranda yashikirije Abanyagalati : ati : « Ntiturambirwe n’ugukora iciza, kuko, igihe kigeze, tuzokwimbura nitutatezura. Ni uko rero, tugifise uburyo, nitugirire neza bose » ( Abanyagalati 6. 9-10a).

1. Imbuto y’ukubiba n’umwimbu.

Muri iki kigabane, Umutumwa Pawulo akoresha imvugo ngereranyo y’imbuto y’ukubiba n’umwimbu Yezu akunda gukoresha (raba Matayo 13). Pawulo mweranda atubwira igihe kiroranye (chairos) : igihe kibereye co kubiba iciza kugira ngo umuntu aheze yimbure. Ico gihe kiroranye ni ikihe kuri twebwe ? Birumvikana ko ico gihe kiroranye ari Ikarema ariko kandi kikaba n’ubuzima bwacu bwo ngaha kw’isi, nayo Ikarema ikaba ari bwo imenyesha mu bundi buryo. Mu buzima bwacu, umwina w’ivy’isi n’ubwishime, ukwipfuza kuba satuntu twanje, kurundarunda amatungo n’ukwishinga kwirira n’ukwinywera, ni vyo usanga dukunda gushira imbere ya vyose, nk’uko vyigaragaje kuri wa mutunzi w’ikiburabwenge wo mu Nkuru Nziza, we yafata ko ubuzima bwiwe ari bwiza kandi ko burimwo ubuhirwe kubera umwimbu mwinshi yimburiye mu bigega vyiwe (raba Luka 12, 16-21). Ikarema idutumirira kwisubirako, guhindura ivyiyumviro, kugira ngo ubuzima bube ubw’ukuri kandi bube bwiza atari kubw’amaronko, ariko kubw’ukwakira ingabirano y’Imana ; atari ku bw’ukurundarunda amatungo, ariko mu guteragira imbuto y’iciza no mu gusabikanya n’abandi ivyo dufise.

Umurimyi wa mbere ni Imana Yo nyene, Yo mu kutiziganya « yama ikwiragiza imbuto z’iciza mu bantu », (Inyigisho Fratelli tutti, n.54). Mw’Ikarema dutumiriwe kwishura ingabirano duhabwa n’Imana mu kwakira Ijambo ryayo « rizima kandi rirangura ico rivuga » (Abahebereyi 4, 12). Ukwama twumviriza Ijambo ry’Imana bikomeza ukwama tworoheye igikorwa caryo (raba Yakobo 1, 21) gituma ubuzima bwacu burondoka. Usangwa rero ivyo bitunezereza, hari akantu umuhamagaro w’ « ugusangira igikorwa n’Imana » (1Abanyakorenti 3, 9), mu kutagisha uburyo dufise ubu (raba Abanyefezi 5, 16) kugira ngo natwe tubibe mu gukora iciza. Uwo muhamagaro wo kubiba iciza ntubwirizwa gufatwa nk’umuzigo, ariko ubwirizwa gufatwa nk’inema Umuremyi akoresha mu kutunywanisha rwose n’urukundo rwiwe rwamana itoto.

Umwimbu na wo ? Burya umuntu ntabiba kugira ngo azokwimbure ? Ni vyo koko. Isano riri hagati y’imbuto n’umwimbu rirashimangirwa na Pawulo mweranda ubwiwe, aho yemeza avuga ati: « Uwubiba bike azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi » (2 Abanyakorenti 9, 6). Ariko uwo mwimbu ni uwuhe? Icamwa ca mbere c’iciza kibibwe kiri muri twebwe nyene no mu migenderanire yacu ya misi yose, gushika no mu tuntu dutoduto tugaragaza ubuntu bwacu. Mu Mana, nta gikorwa na kimwe c’urukundo naho coba gito gute, kandi nta n’ « uburuhe buvuye ku rukundo » biba impfagusa (raba Inyigisho Evangelii gaudium, n.279). Nkuko igiti kirangwa n’ivyamwa vyaco (raba Matayo 7, 16-20), niko n’ubuzima bwuzuye ibikorwa vyiza buba umuco (raba Matayo 5, 14-16). Bukongera bukazanira isi akamotera ka Kristu (raba 2 Abanyakorenti 2, 15). Ugukorera Imana, udacumura, bituma wimbura ivyamwa vy’ubweranda kubw’urukiza rw’abantu bose (raba Abanyaroma 6, 22).

Ku bisanzwe, nta kindi turekuriwe kubona atari agace gatoyi k’icamwa c’ivyo tubiba, nk’uko wa mugani wo mu Nkuru Nziza ubivuga ngo : « Hari uwubiba, hakaba n’uwimbura » (Yohani 4, 37). Egome ni mu kubiba turondera ineza y’uwundi duheza tugasangira n’Imana umutima wagutse: « Hariho iteka rinini mu gushobora gutanguza ingendo z’ivyamwa bizamurwa n’abandi, mu gushira umwizero mu nguvu zitaboneka z’iciza cabibwe » (Inyigisho Fratelli tutti, n.196). Ukubiba iciza urondera ineza y’abandi biraturemurura ukwiyumvira gufatiye hagufi gutuma turondera ineza yacu gusa, bikongera kandi bigaha ibikorwa vyacu umwuka wo gukora tutarondera inyungu, mu kutwinjiza mu migambi y’Imana y’ukutugirira ineza.

Ijambo ry’Imana rirâgura kandi rikarushirizaho gukirurutsa amaso yacu, rikatumenyesha ko umwimbu nyawo ari umwimbu wo mu bihe vya nyuma, umwimbu wo ku musi wa nyuma, umwimbu wo ku musi izuba ritazoba rikizima. Icamwa c’ubuzima bwacu n’ic’ibikorwa vyacu ni « icamwa c’ubuzima budahera » (Yohani 4, 36) kizoba « itunga ryacu ridahera mw’ijuru » (Luka 12, 33 ; 18, 22). Yezu we nyene arakoresha imvugo ngereranyo y’urubuto rupfira mw’ivu hanyuma rukama kugira ngo yerekane ikinyegezwa c’urupfu n’izuka vyiwe (raba Yohani 12, 24) ; na Pawulo mweranda arayikoresha mu kuvuga izuka ry’umubiri wacu : « Habibwa ikibora, hakazuka ikitabora, habibwa igikengerwa hakazuka igihambara, habibwa ikidakomeye, hakazuka igikomeye, habibwa umubiri usanzwe, hakazuka umubiri ugenzwa na Mutima » (1 Abanyakorenti 15, 42-44). Uwo mwizero ni wo muco mukuru Kristu yazutse azana kw’isi : « Nitwaba twizigiye Kristu muri ubu buzima gusa, turateye ikigongwe kurusha abandi bantu bose. Kira noneho ! Kristu yarazutse mu bapfuye, aba ariwe abatangurira » (1 Abanyakorenti 15, 19-20), ku buryo bw’uko ababaye umwe na we mu rukundo « mu rupfu rusa n’urwiwe » (Abanyaroma 6, 5), baba kandi umwe na we mw’izuka ryiwe ry’ubuzima budahera (raba Yohani 5, 29) : « Abantu b’intungane nabo bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wabo » (Matayo13, 43).

2. « Ntiturambirwe n’ugukora iciza »

Izuka rya Kristu rirakabura kw’isi imyizero y’ « ukwizigira kunini » kw’ubuzima budahera kandi rikinjiza akabuto k’urukiza mu bihe vya none (raba Benedigito wa XVI, Inyigisho Spe salvi, nn, 3.7). Imbere y’umubabaro ukomeye uvuye ku kuntu indoto nyinshi zitarangutse, imbere y’amakenga atewe n’ibiduhanamiye, imbere y’umwiheburo uvuye ku bukene bw’uburyo bwacu, amageragezwa ni uguca umwe wese yigungira ku vyiwe no mu guhunga amagorwa y’abandi. Kukaba nkako, n’amasôko meza avamwo ibitunga abantu ari n’aho agera : « Imisore iraruha ikarambirwa, imikangara iratsitara ikagwa » (Izaya 40, 30), ariko Imana « iha ubukomezi uwurushe, ikongerereza ingoga ntamagara. […] Abizigiye Umukama bo, ubukomezi bwabo bwama bwongerekana ; bagasanza amababa nk’inkona, bariruka ntibaruhe, baragenda ntibarambirwe » (Izaya 40, 29.31). Ikarema itwibutsa gushingira ukwemera kwacu n’ukwizigira kwacu ku Mukama (raba 1 Petero 1, 21), kuko duhanze amaso Yezu Kristu yazutse (raba Abahebereyi 12, 2) niho dushobora kwakira inyigisho y’Umutumwa Pawulo ivuga iti : « Ntiturambirwe n’ugukora iciza » (Abanyagalati 6, 9).

Ntiturambirwe n’ugusenga. Yezu yarigishije ko ari « uguhozako mu gusaba ata kurambirwa » (Luka 18, 1). Tubwirizwa gusenga kubera ko dukenye Imana. Ukuvuga ko wikwiye kuba ari ukwihenda cane rwose. Mu gihe ikiza cadomyeko urutoke amagara make y’umuntu n’ayo mu kibano, ese iyi Karema yodutuma twumva indemesho y’ukwemera Imana kuko ata kwemera dufise ntitwoshobora kuragama (raba Izaya 7, 9). Nta muntu yikiza wenyene, kubera ko twese turi mu bwato bumwe mu bisebuzi vy’akahise. Ariko cane cane nta muntu akira atari ku bw’Imana, kuko ikinyegezwa ca pasika ya Yezu Kristu co nyene nico gitanga intsinzi ku mazi mabi y’urupfu. Ukwemera ntikutubuza kuronka ibitugora vy’ubuzima, ariko kudutuma tubijabuka turi kumwe n’Imana muri Kristu, dufise umwizero munini udatetereza kandi wemezwa n’urukundo Imana yasasagarije mu mitima yacu ku bwa Mutima Mweranda (raba Abanyaroma 5, 1-5).

Ntiturambirwe no gutuza ikibi mu buzima bwacu. Ese ukwisonzesha ku mubiri Ikarema iduhamagarira kwokomeza umutima wacu kugira ngo turwanye igicumuro. Ntiturambirwe mu gusaba ikigongwe mw’Isakaramentu ry’Ikigongwe , tuzi ko Imana itaruhishwa no kutugirira ikigongwe. Ntiturambirwe no kugwanya inambu y’akaryoheramubiri, ukwo kuba nta magara kuduhindira kwigungirako no mu nabi yose , kugashika uko imyaka igenda mu mayira atandukanye atuma umuntu agwa mu gicumuro (raba Inyigisho Fratelli tutti, n.166). Imwe muri izo nzira ni uguhakwa gutwarwa n’ibimenyeshamakuru vyo mu buhinga bwa none, gutitura imigenderanire hagati y’abantu. Ikarema ni igihe kibereye co kurwanya ivyo vyose hamwe no gukomeza riho uburyo bwo kuganira n’abantu bwisanzuye (raba Inyigisho Fratelli tutti, n. 43), bugizwe « n’amahwaniro y’ukuri » (Inyigisho Fratelli tutti, n. 50), amaso mu yandi.

Ntiturambirwe mu gukora iciza mu rukundo ruboneka kuri mugenzi wacu. Muri ino Karema, nidufashe abandi mu gutangana akamwemwe (raba Abanyakorenti 9, 7). Imana « itabaza umubivyi imbuto n’umukate wo gufungura » (2 Abanyakorenti 9, 10) ikitaho umwe wese muri twebwe, atari ukugira gusa dushobore kuronka ivyo dufungura, ariko kandi dushobore kugaragaza urukundo mu kugirira iciza abandi. Usangwa arivyo ko ubuzima bwacu bwose ari igihe co kubiba iciza, nitubonereho canecane muri ino Karema, kugira ngo twiteho bagenzi bacu, kugira ngo natwe tubere abagenzi abo benewacu na bashiki bacu bakomerekeye ku nzira y’ubuzima (raba Luka 10, 25-37). Ikarema ni igihe kibereye co kurondera, atari ukwirinda, abari n’ico bakeneye; guhamagara, atari ukwinuba, abakeneye kwumvirizwa n’abakeneye ijambo ryiza; kuja kuraba, atari uguheberana, abababajwe n’ukuba bo nyene. Nidushire mu ngiro umuhamagaro wo gukorera iciza bose mu gufata umwanya wo gukunda abatobato n’abatagira ikibarwanira, abahebwe n’abakengerwa, uwuzira amacakubiri n’ikumirwa (raba Inyigisho Fratelli tutti, n.193).

3. « Tuzokwimbura nitutatezura »

Ikarema itwibutsa uko umwaka utashe ko « iciza, co kimwe n’urukundo nyene, ubutungane n’ugushigikirana bitaronkerwa rimwe ubutagisubira ; ni ukubirondera ku musi ku musi » (Inyigisho Fratelli tutti, n. 11). Nidusabe rero Imana ukwiyumanganya kudatezuka kw’umurimyi (raba Yakobo 5, 7) kugira ngo ntiduhebe gukora iciza, intambwe ku yindi. Uwuguye nahereze ukuboko Imana, yo Muvyeyi yama avyura uwaguye. Uwatakaye ahenzwe n’amageragezwa ya sekibi, ntatebe kugaruka ku Mana kuko « ikigongwe cayo ari cinshi » (Izaya 55, 7). Muri kino gihe c’ukwisubirako, gishingiye ku nema y’Imana no mu bunywanyi bw’Ekleziya, ntiturambirwe no kubiba iciza. Ukwisonzesha bitegura ikibanza, igisabisho kikakivomera, urukundo rukakimeza. Turafise icemezo mu kwemera ko « tuzokwimbura nitutatezura » kandi ko kubw’ingabirano yo kurinda rugabo, tuzoshikira ivyo twemerewe (raba Abahebereyi 10, 36) kubw’urukiza rwacu twebwe nyene no kurw’abandi (raba 1 Timote 4,16). Mu kugirira urukundo bose, tuba kumwe na Kristu, we yadupfiriye (raba 2 Abanyakorenti 5, 14-15) kandi tuba tubaye kuba turumviriza akanyamuneza k’Ubwami bw’Ijuru, aho Imana izoba « vyose muri bose » (1Abanyakorenti 15, 28).

Bikira Mariya, we yatuvyariye Umukiza, akama azigama ayo majambo yose « kandi akayazirikana mu mutima wiwe » (Luka 2, 19), nadusabire ingabirano y’ukudatezuka yongere atube hafi mu buvyeyi bwiwe, kugira ngo iki gihe c’ukwisubirako came ivyamwa vy’urukiza rwamaho.

Bigiriwe i Roma, kw’Isengero Nkuru yitiriwe Umweranda Yohani w’i Laterano, Igenekerezo rya 11 Munyonyo 2021, Umusi w’ukwibuka Umweranda Martino, Umwepiskopi.

 

FRANSISKO

 

*Iyi Nyigisho yahinduwe mu kirundi n’Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi