Inyigisho ya Nyenubweranda Papa Fransisko yerekeye Ikarema y'Umwaka w'i 2020

 

INYIGISHO YA NYENUBWERANDA PAPA FRANSISKO YEREKEYE IKAREMA Y’UMWAKA W’I 2020

 

« Turabasavye ku bwa Kristu ngo mwuzure n’Imana » (2 Abanyakorenti 5,20)

 

Bavukanyi,


Muri uyu mwaka, Umukama arasubiye kuduha igihe kiroranye co kwitegurira guhimbaza n’umutima mushasha ikinyegezwa gihambaye c’urupfu n’izuka rya Yezu, We buye ry’ishingiro ry’ubuzima rukristu bw’umwe umwe n’ubw’umuryango wose. Turategerejwe kwama tugaruka kur’ico kinyegezwa tuvyitwararitse ku mutima n’umushaha wacu wose. Kukaba nkako, ico kinyegezwa ntigihengeshanya gukura muri twebwe, bivuye ku rugero tuba tukiretse ngo kigume kidukaburira umutima, tukacakirana igishika nk’inyishu dutanganye umwidegemvyo n’umutima w’ugukundana.

 

1. Ikinyegezwa ca Pasika ni ryo shingiro ry’uguhinduka


Akanyamuneza k’umukristu gakomoka ku kwumviriza n’ukwakira Inkuru Nziza y’ugupfa n’ukuzuka kwa Yezu. Iyo ni inyigisho ikonganiriza hamwe ikinyegezwa c’urukundo « rugaragara, rw’ukuri kandi rwibonekeza rukanaduha akaryo ko kwinjira mu kiganiro nkoramutima kirimwo akunguko » (raba Inyigisho y’ubutumwa « Christus vivit », n° 117). Uwemeye iyo Nkuru Nziza, aca avavanura n’ikinyoma kitwemeza ko ubuzima bwacu bukomoka kuri twebwe nyene, ariko mu vy’ukuri bukomoka ku rukundo rw’Imana Data, mw’ishaka ryayo ry’ugutanga ubuzima bw’umwuzurira (raba Yohani 10,10). Iyo duhisemwo kwumviriza ijwi rituryosharyosha rya « sekinyoma » (raba Yohani 8,45) duhakwa kuzimirira mu nyenga y’umuzimiza, kugwa mu nyenga y’umuriro udahera tukiri ngaha kw’isi, nkuko bigaragarira mu bihe bitari bike bibabaje bishikira abantu canke imirwi y’abantu.
Muri iyi Karema y’i 2020, nashaka rero gushikiriza abakristu bose ivyo namaze kwandikira urwaruka mw’ikete nise « Christus vivit ». « Ihweze amaboko aramvuye ya Yezu abambwe ku musaraba, uheze wemere wakire urukiza, kandi ugume urwakira. Mu gihe naho umwegereye ngo wirege ibicumuro vyawe, niwemere ata gukekeranya ikigongwe ciwe kikubohora akabi. Nutangarire amaraso yiwe yasheshe n’urukundo ntangere, kandi wemere urtyororwe nayo. Gurtyo uzoshobora kuvuka bushasha » (n°123). Ipasika ya Yezu si ikintu ca kahise carangiye : ku bw’ububasha bwa Mutima Mweranda, iguma ari nshasha, ikadutuma n’ubu tubona kandi dukorakorana ukwemera umubiri wa Kristu muri abo bantu benshi bababara.


2. Uguhinduka ni igikorwa cihutirwa


Ukwihweza n’ukuzirikana rwose ikinyegezwa ca Pasika catumye dushikirizwa ikigongwe c’Imana, birimwo urukiza. Nta bundi buryo bw’ugutegera ikigongwe c’Imana atari ukuyihweza « amaso mu yandi » mu Mukama yabambwe akongera akazuka, « yankunze akongera akanyigura » (Abanyagalati 2,20). Ikiganiro nkoramutima nka kirya c’umugenzi ayaga n’uwo akunda. Ni na co gituma igisabisho gihambaye cane muri iki gihe c’Ikarema. Imbere yuko kiba igitegerejwe, cerekana riho ko ari nkenerwa gusubiza Imana urukundo kuko ariyo yatanguye kurutwereka kandi yama idushigikira imisi yose. Kukaba nkako, umukristu arasenga akongera akama azi neza ko akundwa naho atari abikwiye. Igisabisho gishobora kugirwa mu buryo bwinshi, ariko igihambaye mu maso y’Imana ni uko cotunyengetera gushika gishikire intimatima y’umutima wacu, kigakura agatimatare, kigahindura umutima wacu kiwerekeza ku Mana no ku gushaka kwayo.
Muri iki gihe kiroranye, nitwemere turōngôrwe nka kumwe kw’Abanyisrayeli bari mu bugaragwa (raba Ozeya 2,16) kugira dushobore kwumva ijwi ry’Umukunzi wacu, ritunyengetere kandi turyakire. Uko tureka ngo ijambo ry’Imana ridukabure, niko dushobora gutegera ikigongwe cayo gitangwa ata kiguzi. Ntitureke rero ngo iki gihe ciza kidupfeko ubusa turiko turirya akara ngo ni twebwe tugaba ibihe n’uburyo bwodufasha guhindukirira ku Mana.


3. Ugushaka kwuzuye igishika kw’Imana kw’ukuganira n’abana bayo


Kubona Imana itwihebera, ikatwongera kandi igihe nyaco c’uguhinduka, ntawobifata nk’ibintu bisanzwe vy’agaciye aho. Aka karyo gashasha kotegerejwe kuvyura muri twebwe igishika c’ubukengurutsi kakanadukaburira kutadebukirwa. N’aho ikibi, mbere kibabaje, cama cibonekeza mu buzima bwacu, mu buzima bwa Ekleziya, eka mbere no mu buzima bw’isi, iki gihe duhawe ngo duhindure intumbero y’ivyo twarimwo kirerekana ugushaka kutadohoka kw’Imana kwo kuguma iremesha ikiganiro kijanye n’urukiza rwacu. Muri Yezu yabambwe akagirwa « igicumuro ku bwacu » (2 Abanyakorenti 5,21) ukwo gushaka kwatumye ibicumuro vyacu vyose biremekwa Umwana w’Imana gushika aho « Imana isa n’iyihanye Yo nyene » nk’uko Papa Benedigito wa XVI abivuga mw’ikete ryiwe (Inyigisho Deus caritas est, n°12). Kukaba nkako, Imana irakunda n’abansi bayo (raba Matayo 5,43-48).
Ikiganiro Imana ishaka kuremesha n’umuntu uwo ari we wese iciye ku kinyegezwa ca Pasika c’Umwana wayo, ntikimeze nka kimwe c’abantu baba mu gisagara c’i Atene mu Bugiriki aho « ata kindi bari bababaye atari ukwirigwa bavuga canke bumviriza udukuru twoba ari dushasha » (Ibik.17,21). Ivyo biganiro bitagira mvura vyamuka ku gatima k’urusaku ata n’ico bimaze, vyama biranga abantu b’ibihe vyose, no muri iki gihe tugezemwo, birashobora kunyengetera uburyo bwa none bw’ugutumatumanako amakuru mu nzira y’uruhendo n’ukuyovya abantu.


4. Itunga ry’ugusabikanya atari iry’ukwigungirako


Kwimika ikinyegezwa ca Pasika mu buzima bwacu bisigura kwumvira ikigongwe inguma za Kristu yabambwe zisubira kwibonekeza mu bantu benshi banyikizwa ataco bazira mu bihe vy’indwano, mu bahohoterwa mu buzima bwabo kuva bakiri mu mbanyi gushika bashike mu zabukuru, mu bagirirwa amabi y’ubwoko bwinshi, mu bahitanwa n’ibiza bisenya ibidukikije, mu karenganyo kajanye n’isabikanywa ry’ivyiza Imana yahaye isi, mu buryo butandukanye bw’icuruzwa ry’abantu, no mu kugenzwa n’umwina w’ivy’isi uhava ukarema ibigirwamana.
No muri iki gihe, ni nkenerwa ko hoterwa akamo abantu bose bafise ugushaka kwiza kugira basabikanye ivyo bafise na barya babikeneye gusumba abandi, mu gutanga imfashanyo, bukaba uburyo bw’aho umuntu wese atanga umuganda mu kwubaka isi irangwa n’ubutungane kuri bose. Ugusangira mu rukundo bituma umuntu aba umuntu kuruta, mu gihe umuntu yigungirako we, bituma agira agatima k’igikoko, agasigara yiyugaranira muri ukwo kwikunda wenyene. Turashobora kandi turategerejwe gutera intambwe yindi bivanye n’ingene indinganizo z’ubutunzi kw’isi zisigaye zimeze. Ni naco gituma muri iyi Karema y’umwaka w’i 2020, kuva kw’igenekerezo rya 26 gushika ku rya 28 Ntwarante, natumyeko bamwe mu rwaruka rwize ivy’ubutunzi, abatunganya-migambi kandi bipfuza ko ibintu vyohinduka ngo tuzohwanire mu gisagara c’i Asizi (mu Butaliyano), kugira ngo turabire hamwe ingene hoboneka uburyo bushasha kandi bushingiye ku butungane kuri bose bwotuma ibijanye n’indinganizo z’ubutunzi kw’isi zitunganywa ukundi. Nkuko Inyigisho z’Abungere b’Ekleziya zamye zibigarukako akatari gake, politike ni uburyo buminuje bwo kugaragaza urukundo rutunganiriza bose (raba Papa Piyo wa XI, Ijambo rishikirijwe abahurikiye mu runani rw’amashure ya Kaminuza y’abakatolika mu Butaliyano, 18 Kigarama 1927). N’ibijanye n’ugutunganya ivy’ubutunzi ni uko bimeze mu kwisunga akaranga k’Inkuru Nziza ari na ko karanga k’ubuhirwe bw’ijuru.
Ndituye ubuvunyi bwa Bikira Mariya muri iyi Karema kugira ngo adufashe kwakira ijwi riduhamagarira gusubiza hamwe n’Imana mu kwihweza n’umutima wacu ico kinyegezwa ca Pasika, tukagaruka ku Mana mu kuganira na Yo bivuye ku mutima. Aho niho tuzoshobora kuba ico Yezu Kristu abwira abigishwa biwe : kuba umunyu n’umuco w’isi (raba Matayo 5,13-14).

 

Papa Fransisko

 

Bigiriwe i Roma kw’Isengero Nkuru yitiriwe Umweranda Yohani w’i Laterano, igenekerezo rya 7 Gitugutu 2019, ku Musi mukuru wa Bikira Mariya Umugabekazi w’i Rozari


*Iyi Nyigisho yahinduwe mu kirundi n’Ibiro vy'Abepiskopi gatolika bishinzwe ubutumwa bw'ugukwiza hose Inkuru nziza

Cliquer sur Message en kirundi pour le télécharger