Inyigisho ya Papa Fransisiko y’Ikarema mu Mwaka w’2016

Inyigisho ya Papa Fransisiko y’Ikarema mu Mwaka w’2016  ishimikiye Kuri iri hangiro: « Nshima ikigongwe simbabaye imbagwa » (Matayo 9, 13). Iyo nyigisho ishimikiye cane cane ku bikorwa vy’ikigongwe mu rugendo rwa Yubile. Kugira ngo iyo nyigisho ishikire abakristu neza, Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi vyarayihinduye mu kirundi. Gutyo abasaseredoti n’abakristu bashinzwe  bazoshobore kuyizirikana mu gihe c’Ikarema babonereho n’akaryo k’uguhimbaza neza uno Mwaka wa Yubile y’Ikigongwe c’Imana.