Inyigisho ya Papa Fransisiko y’Ikarema mu Mwaka w’2016

Inyigisho ya Papa Fransisiko y’Ikarema mu Mwaka w’2016  ishimikiye Kuri iri hangiro: « Nshima ikigongwe simbabaye imbagwa » (Matayo 9, 13). Iyo nyigisho ishimikiye cane cane ku bikorwa vy’ikigongwe mu rugendo rwa Yubile. Kugira ngo iyo nyigisho ishikire abakristu neza, Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi vyarayihinduye mu kirundi. Gutyo abasaseredoti n’abakristu bashinzwe  bazoshobore kuyizirikana mu gihe c’Ikarema babonereho n’akaryo k’uguhimbaza neza uno Mwaka wa Yubile y’Ikigongwe c’Imana.

 

INYIGISHO YA PAPA FRANSISIKO Y’IKAREMA MU MWAKA W’ I 2016            

«Nshima ikigongwe simbabaye imbagwa » (Matayo 9, 13)

Ibikorwa vy’ikigongwe mu rugendo rwa Yubile

1. Bikira Mariya, karorero ka Ekleziya imenyesha Inkuru Nziza kuko yayimenyeshejwe

Mw’ikete ryo gutanguza Umwaka Mweranda wa Yubile idasanzwe y’Ikigongwe, naratumiye kugira ngo «Ikarema y’uyu mwaka ibe igihe gihambaye co guhimbaza no kwiyumvamwo ikigongwe c’Imana» (Inyonga z’ikigongwe c’Imana, n° 17). Mu kwibutsa ukumviriza Ijambo ry’Imana n’ukugira akigoro «ko kumarana n’Umukama  amasaha 24», nashatse gushimangira ububasha bw’ukumviriza Ijambo ry’Imana kurimwo ugusenga, na cane cane Ijambo ry’ubuhanuzi. Ikigongwe c’Imana, nta nkeka, carashikirijwe abantu, ariko kandi umukristu wese ahamagariwe kukigira rwiwe.  Ni co gituma, muri iki gihe c’Ikarema, nzorungika abamisiyonari b’ikigongwe kugira ngo babe kuri bose ikimenyetso kiboneka c’ubunywanyi n’impuhwe vy’Imana.

Bikira Mariya yarabaye akarororero ko kwakira ikigongwe kuko yakiriye Inkuru Nziza yabuwe n’Umumarayika Gaburiyeri; araririmba nk’umuhanuzi, mu kavyino kiwe, ikigongwe Imana yagize mu kumutora mu bandi.  Umwigeme w’i Nazareti, yari yasabwe na Yozefu, yabaye akaranga keza ka Ekleziya imenyesha hose Inkuru nziza  kuko yabaye kandi iguma yigishwa n’ububasha bwa Mutima Mweranda bwatumye asama inda atamenye umugabo. Mu nyigisho z’abahanuzi no mu nsiguro yo kw’itsitso, ikigongwe kirafitaniye ubucuti n’inda y’umuvyeyi hamwe n’ubuntu butanga, budahemuka kandi bubabazwa n’uko uwundi ababaye bukabonekera mu migenderanire yo mu buzima bw’abubatse n’ubw’abavyeyi. 

2. Isezerano y’Imana n’abantu: Ivyabaye vyerekeye ikigongwe

Ikinyegezwa c’ikigongwe c’Imana camye ciyerekana muri kahise k’isezerano y’Imana n’igihugu cayo Israyeri. Kukaba nkako, Imana iriyerekana imisi yose nk’Imana yuzuye ikigongwe, igabirije gusuka ku gihugu cayo ikigumbagumba n’uruhoza bivuye ku mutima mu bihe vyose, na cane cane mu bihe bibabaje, aho ubuhemu bwonona ubucuti bwagizwe n’uko isezerano irondera kwemezwa ku buryo butekanye mu butungane no mu kuri. Aha duca twisanga iruhande y’ingorane z’urukundo aho Imana imera nk’umuvyeyi canke umugabo yahemukiwe, Israyeri na yo ikamera nk’umuhungu canke umukobwa, canke umugore yahemukiye umugabo. Ni impinyanyuro y’amajambo tumenyereye, nk’uko tubibona muri Ozeya (raba Ozeya 1-2), zerekana urugero Imana ishaka kunywana n’igihugu cayo.

Iyo ngorane y’urukundo irangukira muri Mwana yigize umuntu. Imana ikwiragiza muri we ikigongwe cayo kitagira imbibe, gushika kibe «Ikigongwe cigize umuntu» (Inyonga z’ikigongwe c’Imana, n° 8). Nk’umuntu, Yezu w’i Nazareti ni umwana w’Israyeri mu nsiguro yuzuye y’ijambo. Amuba ku buryo na we yashize muri we ukwumviriza neza Imana gusabwa umuyuda wese. Uko kwumviriza kugira uyu musi kandi, umutima w’isezerano y’Imana na Israyeri: «Umviriza, Israyeri! Umukama Imana yawe ni we Musa Mukama. Urakunda rero Umukama Imana yawe n’umutima wawe wose, n’umushaha wawe wose, n’ububasha bwawe bwose» (Amategeko 6, 4-5). Umwana w’Imana ni Umunega akora vyose kugira ngo yigarurire urukundo rw’umukenyezi wiwe. Bafatanijwe n’urukundo rwiwe ataco rusaba rwibonekeza mu bunywanyi bwa Kristu na Ekleziya yiwe mu myaka yose.

Ico kigize umutima w’igisharara w’inyigisho y’abatumwa aho ikigongwe c’Imana gifatira ikibanza ca mbere n’ishingiro. Uwo mutima ni «ubwiza bw’urukundo rw’Imana rukiza rwibonekeje muri Yezu Kristu, yapfuye kandi akazuka» (Inyigisho Akanyamuneza k’Inkuru Nziza, n° 36), iyo nyigisho ya mbere y’abatumwa «ibwirizwa kwama yumvirizwa ku buryo bushasha kandi butandukanye no kwama ishikirizwa ku buryo bushasha mu gihe c’Ikatikisimu» (Inyigisho Akanyamuneza k’Inkuru Nziza, n° 21). Ikigongwe «kiragaragaza inyifato y’Imana imbere y’umucumuzi, mu kumuha akanya gashasha ko kwigaya, agahinduka akabona  kwemera» (Inyonga z’ikigongwe c’Imana, n° 21), kigasubiza itoto  vy’ukuri ubunywanyi afitaniye na Yo. Muri Yezu yabambwe, Imana ishaka gushikira umuntu w’umucumuzi gushika iyo yatakariye, cane cane  iyo yazimiriye akaja kure ya Yo. Kandi ivyo, ibigira yizeye gushika no gukora k’umutima wakomantaye w’umukunzi wayo.

3. Ibikorwa vy’ikigongwe

Ikigongwe c’Imana kirahindura umutima w’umuntu kandi kikamufasha kwiyumvamwo urukundo rudahemuka rumutuma ashobora kuba nawe nyene umunyakigongwe. Ikigongwe c’Imana ni igitangaro igihe cose gishoboye gushwara mu buzima bw’umwumwe wese muri twebwe, mu kudukwegakwegera k’urukundo rwa kivukanyi no mu gukabura muri twebwe ico uruhanahane rw’inyigisho z’Ekleziya rwita ibikorwa vy’ikigongwe vyo ku mubiri no ku mutima. Biratwibutsa ko ukwemera kwacu guserukira mu bikorwa biboneka vya misi yose, bigenewe gufasha uwundi  mu vyerekeye umubiri n’umutima, kandi akaba ari kubwa vyo tuzocirwa urubanza: kumugaburira, kumuramutsa, kumuremesha, kumukuza. Ni co gituma nipfuje ko «umuryango w’abakristu wozirikana muri iyi Yubile ibikorwa vy’ikigongwe vyo ku mubiri n’ivyo ku mutima. Kazoba ari akaryo ko gukabura kami ka muntu kacu aho kenshi kameze nk’agasinziriye imbere y’ingorane z’ubukene bw’umurengera, no kunyengetera cane umutima w’Inkuru nziza, aho abakene aribo bagenewe ku buryo bwisangije Ikigongwe c’Imana» (Inyonga z’ikigongwe c’Imana, n° 15). Mu muntu mukene rero, Umubiri wa Kristu «usubira kuboneka gushasha nk’umubiri wasinzikajwe, wakomeretse, wakubiswe, washonje, wazimiye …. kugira ngo na twe dusubire kuwumenya, tuwukoreko kandi tuwiteho n’urukundo» (Inyonga z’ikigongwe c’Imana, n° 15). Ni ikinyegezwa kibabaje kandi gitirimutsa kibandanya muri kahise ukubabara kw’Umwagazi utagira agahonzi, igisaka kirurumba kitarimuka c’urukundo ataco rusaba, kandi imbere yaco tudashobora, kwegera nka Musa, tutambuye ibirato vyacu (raba Ihunguka 3, 5); kandi uwo mukene ari umuvukanyi wacu muri Kristu ababara azira ukwemera kwiwe.

Imbere y’urwo rukundo, rukomeye nk’urupfu (raba Ururirimbo w’agakura 8, 6), umukene wa rwose ni uwo atemera ko ameze uko. Yibaza ko ari umutunzi ariko, mu vy’ukuri, ni we arusha abandi gukena. Iyo ameze uko, ni ukubera ko ari umuja w’igicumuro kimutuma akoresha ubutunzi n’ububasha atari ivyo gukorera Imana n’abantu, ariko kugira arwanye muri we ukuri nyakwo kwo kuba na we nyene, umukene asega. Igihambaye cane kuri we ni ububasha n’amatungo afise; ikindi kibi kandi kuri we ni uruhumyi ruhava rukaba ukwibesha. Bituma kandi umuntu ataba agishaka kubona umworo Lazaro asega ku muryango w’inzu yiwe (raba Luka 16, 20-21), agashusho ka Kristu  mu boro, asaba ngo duhinduke. Lazaro ni ako karyo ko guhinduka Imana iduha, n’aho tutabibona. Urwo ruhumyi ntirusigana n’ingeso mbi yo kwishimira ububasha aho mu buryo bubabaje haguma haza ijambo rya shetani ngo: «mumere nk’Imana» (Amamuko 3, 5), akaba ari ryo nkomoko ry’igicumuro cose. Umuzimagiza nk’uwo ushobora kuba kandi mu vyerekeye imibano na politike, nk’ukwo bavyerekanye abatwaza umukazo bo mu kinjana ca mirongo ibiri, nk’uko kandi ivyiyumviro vya none vy’intumbero imwe y’isi bivyerekana, hamwe n’iterambere ry’ubuhinga n’ubushakashatsi bishaka kugabanya n’ugupfisha ubusa ububasha bw’Imana, bigafata abantu nk’ibikoresho bashobora gukoza ico bashaka. Muri iki gihe ca none, ico gishobora kubonekera ku mpengamiro y’igicumuro zubakiye kw’iterambere ritari ryo rishingiye ku kigirwamana c’ifaranga rituma abantu baba ba sindabibazwa mu kwitwararika abakene, amashirahamwe atunze na yo akugara imiryango ntibabe bagishaka no kubabona. 

Kuri bose, Ikarema y’uyu Mwaka wa Yubile ni igihe kiroranye gifasha kuvavanura n’ubuja tubamwo dufashijwe n’ukwumviriza Ijambo ry’Imana hamwe n’ibikorwa vy’ikigongwe. Igihe duciye ku bikorwa vy’ikigongwe vyerekeye umubiri, turashikira umubiri wa Kristu mu bavukanyi bacu bakeneye kugaburirwa, kwambikwa, guhabwa indaro, kuramutswa; ibikorwa vy’ikigongwe vyerekeye umutima na vyo, guhanura, kwigisha, kurekurira abandi, gukebura, gusenga birashikira n’ingoga kamere yacu y’abacumuzi. Ni co gituma ibikorwa vy’ikigongwe vyerekeye umubiri n’ivyerekeye umutima bitokwigera bitandukanywa. Bisubiye, ni mugushikira umubiri wa Yezu wabambwe mu mukene wa rwose, umucumuzi ashobora kuronka nk’ingabirano ukumenya ko na we nyene ari umukene wa rwose. Muri iyo ntumbero, abantu b’umutima wishima, abahambaye, n’abatunzi nk’uko tubisanga mu Kavyino ka Bikira Mariya, barafise ingabirano zo kumenya na bo nyene ko bakundwa, na ho batari babikwiye, na Kristu yabambwe, agapfa kandi akazuka kubera bo. Urwo rukundo ni rwo nyishu nyayo y’ako kanyota k’ubuhirwe n’urukundo bidahera aho umuntu ashobora kwihenda yibajije ngo ako kanyota komarwa n’ibigirwamana vy’ubumenyi afise, ububasha bwiwe n’ivyo atunze. Mugabo igihe cose hama hari intambamyi iterwa n’ukutiyugururira Kristu, we mu buzima bw’umukene abandanya adodora ku rugi rw’imitima y’abo bantu bishira hejuru, abatunzi n’abahambaye bahereza bo nyene kwicira urubanza bakaba mu bujenyene bw’inyenga y’umuriro udahera. Haraheza rero hagasubira kumvikana ku buryo bushasha, kuri bo no kuri twebwe twese, aya majambo nkoramutima ya Ibrahimu: «Barafise Musa n’abahanuzi, nibabumvire» (Luka, 16, 29). Ukwo kwumviriza nyakwo kuzodutegurira guhimbaza neza intsinzi y’agakura ku gicumuro no ku rupfu ya Yezu Kristu yazutse kandi yipfuza gutyorora Ekleziya yiwe mu kurindira aho azogarukira. 

Ntitureke iki gihe c’Ikarema kiroranye co guhinduka ngo kidupfeko ubusa, umukristu wese aho ari n’abe ikimenyetso n’icabona c’ikigongwe  acakire yongere agishikirize  n’abandi. Tubisavye twihetse ku Muvyeyi wacu Bikira Mariya, uwambere, imbere y’ubukuru bw’ikigongwe c’Imana yagabanye ata co atanze, yemanze ubuto buto bwiwe (raba Luka 1, 48), mu kwifata nk’umusavyi w’Umukama (Luka 1, 38).

Bigiriwe i Vaticano

Igenekerezo rya 4 gitugutu 2015

Ku musi mukuru wa Fransisiko w’i Asizi Mweranda

                                                       FRANSISIKO