ABABIKIRA BENE MARIYA MURI PARUWASE YA RUHEHE

ABABIKIRA BENE MARIYA MURI PARUWASE YA RUHEHE

Ababikira Bene Mariya baraye batanguje Umubano mushaha muri Paruwase ya Ruhehe. Hari kuri uyu wa  Gatanu kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu aho Nyenicubahiro Musenyeri  Yohakimu NTAHONDEREYE  yakira ababikira bashasha baje gutangura umubano muri iyo Paruwase.

Ibirori  vyatanguwe n’umugirwa wo guhezagira inyubakwa abo babikira bazobamwo kumwe n’agasengero bazohora bambarizamwo Umukama. Mu nsiguro y’Ijambo ry’Imana (Yoh 1,35-51), Umwungere yavuze ati : « Umukama yipfuza kubana namwe Bene Mariya mu bwami bw'ijuru nkuko yabigiriye abatumwa biwe. Umwanya atarabikora, yipfuza kubonanira namwe muri iyi nyubakwa.

Ariko mumenye ko uwo ahaye iyo nyota yiwe, amugira umutumwa nk’uko yabigiriye Andreya, Andreya nawe abibwira Simoni mwene nyina ;  Filipo  nawe  akabibwira Natanayeli gushika naho natwe dushikirwa.  Nico Umukama abitezeko ngaha mu Ruhehe. Nivyo hari hasanzwe hari abamenyeshamana, abasaseredoti, ariko hari aho batashika, nibwo butumwa bubazanye kugira abanya Ruhehe mu mice yose ibagize,  bashikirwe n’Inkuru Nziza».

Umwungere yaboneyeho gushimira abakristu-balayike canecane abapfasoni n’abigeme bari baje gusanganira abo batumwa b’Umukama baje ngo basangire ubuzima. Mw’ijambo ryiwe, Mama Mukuru w’Umuryango w’Abene Mariya, Mama Victoire NDABIRORERE, yarashimye kucizere Umwungere yabagiriye mu kubatumbera abasaba ko boza kwunganira ubutumwa bwo muri Diyoseze ya Muyinga canecane muri  iyo Paruwase.  Mama mukuru, kumwe n’ababikira batatu n’umunivisi baje gutangura uyo mubano, bakaba bari baje baherekejwe n’abandi babikira benshi baje baserukiye imibano y’abihebeyimana Bene Mariya bari mu karere k’Uburaruko bw’Igihugu cacu .

Twobamenyeshako uyo mubano wa Bene Mariya wa Paruwase ya Ruhehe, ubaye umubano ugira kabiri hambavu y’uwari usanzwe uri muri Paruwase ya Gisanze aho abo babikira basanzwe bafasha mu ndero y’urwaruka rwa Lycéé Gisanze kumwe n’ishure ry’imyuga ryo ng’aho i Gisanze. Aho rero muri Paruwase ya Ruhehe bakaba bazofasha mu butumwa bw’ingo n’imiryango,  bukaba ari nabwo bugize akaranga n’igitumangenda c’uwo Muryango wa Bene Mariya. Tubipfurije ubutumwa bwiza.

Patiri Evariste HARERIMANA

Umuyobozi wa SAVACOM