ITANGAZO RY’ INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI RYO GUTANGA UMUCO KU RUHARA RWAYO MU MATORA AHERUKA

Twebwe Abepiskopi bagize Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi,

Aho tumariye kwumva, kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2020, Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro itangaje icese ivyavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu,

  1. Twaratangaye cane twumvise iyo Sentare ivugamwo Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi nk’uko yoba yaritwaye ku vyerekeye amatora.

  2. Ivyo bidutumye dushikiriza rino tangazo kugira ngo dutange umuco mu gutomora ibi bikurikira :
  • Inama y’Abepiskopi ntiyigeze yitwara muri Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ; ico yakoze kwabaye ukugira ico ishikirije icese ku vyerekeye igikorwa c’uburorerezi yari yaronkeye uruhusha.
  • Imaze kubishikiriza, Umukuru wa Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro we nyene ubwiwe, yarasavye ashimitse, kandi avuga ko vyihuta, ivyemezo vy’amahinyu Inama y’Abepiskopi yanebaguye mu vyerekeye amatora, nk’uko yashikirije ayo mahinyu mw’Itangazo ryayo ryo ku wa 26 Rusama.
  • Inama y’Abepiskopi yaciye imushikiriza n’umutima mwiza bimwebimwe, ibimushikiriza mu rwete rwo mw’ibanga kubera ko mu bisanzwe, raporo iramvuye y’abarorerezi b’amatora igenewe Urwego rujejwe gutunganya amatora (CENI), nk’uko bitegekanijwe n’Ingingo ngenganyifato ziranga abarorerezi b’amatora yo mu 2020.
  1. Turababajwe n’uko Inama y’Abepiskopi yafashwe mu buryo butumvikana nk’uko yoba yari yitwaye, ivyo na vyo bigatera agapfungu mu mitima y’abantu.

  2. Turanse ko twitiranywa n’Umugambwe canke umuntu uwo ariwe wese yahiganywe mu matora. Nta mvo n’imwe yari ihari yuko twitwara, kuko muri ayo matora, igikorwa c’umurorerezi cari « ukwandika n’ukugumya gusa amahinyu n’ivyabaye yiboneye n’amaso yiwe », nk’uko bitegetswe mu Ngingo ngenganyifato ziranga abarorerezi b’amatora.

  3. Inyuma y’ugutanga uwo muco, turakiriye ivyavuye mu matora nk’uko iyo Sentare yabishikirije. Turatumiriye Abarundi n’Abarundikazi bose gukunda ukuri n’ubutungane, hamwe n’ukuba abaremesha amahoro n’ubumwe muri kino gihugu cacu.

 

Bigiriwe i Gitega ku wa 5 Ruheshi 2020.

Abungere b’Ekleziya gatolika y’i Burundi

 Télécharger le message en cliquant ici