INYIGISHO Y’UMUVYEYI WACU PAPA YO KU MUSI MPUZAMAKUNGU UGIRA 7 WAHARIWE ABORO

“ Ntihaze hagire umworo n’umwe wirengagiza”(Tb 4, 7)

1. Umusi mpuzamakungu wahariwe aboro, nk’ ikimenyetso kizima c’ubuntu n’ubwiza bwa Data, ushitse ubugira indwi kugira ngo ushigikire urugendo rw’imibano yacu. Ni ingendo Ekleziya iriko iramenyera gushigikiza ubutumwa bwayo kugira iduhe gutegera ugusumba intimatima y’Inkuru nziza. Nkako, ku musi ku musi, duhamagariwe kwakira aboro.Yamara ivyo ntibikwiye kuko ubukene butagira izina buguma buranga ibisagara vyacu kandi burushirizaho kugwira; ubwo bukene busa n’ubushaka kutuzingamika ku buryo akamo k’abavukanyi bacu basaba imfashanyo, ubufasha, n’ugushigikirana kaguma gasamirana. Nico gituma, umusi w’Imana urongora Umusi Mukuru cane wa Kristu Mwami w’ijuru n’isi, duhwanira hamwe ku Meza yiwe ngo asubire kuduha ingabirano y’umutima w’ubworo uduha kwitangira aboro.

“ Ntihaze hagire umworo n’umwe wirengagiza”(Tb 4, 7)

Iri jambo riradufasha gutegera intimatima y’intahe y’ukwemera kwacu. None rero ugufata akanya tukazirikana Igitabu ca Tobito co mu Bwuzure bwa kera -naho kidakunze kumenyekana nk’igitabu nkoramutima kandi cuzuyemwo ubwitonzi-kiradufasha gutegera neza ico umwanditsi mweranda yipfuje kudushikiriza. Kiraduha kwihweza ubuzima bw’umuryango aho serugo, ari we Tobito, asezera umuhungu wiwe Tobiya, yariko yitegurira gufata urugendo rurerure. Tobito agumana ubwoba ko atazosubira kubona umuhungu wiwe ; niko guca amutekerera iragi ry’umutima. Twibuke yuko Tobito yari yarajanywe nk’imbohe i Niniva, kandi ico gihe naho akaba yari impumyi. Yarabaye rero umworo kabiri kuko yakoranije kuba umukene no kuba impumyi. Naho biri uko, yagumanye umwizero mu Mana yiwe ufatiye mbere no ku nsiguro y’izina ryiwe: “Umukama ni we Tunga ryanje”. Uyo muntu uko yamye yizigira Imana ni ko yashimye gutekerera umwana wiwe igisumba ishishiro ry’ibintu. Yamurungikanye ijambo rizomuherekeza ku rugendo rw’ubuzima. Nico gituma yamubwiye ati: “ Imisi yose y’ubuzima bwawe, mwana, uribuka Umukama kandi ntuze wipfuze gucumura canke kurenga amabwirizwa yiwe. Urakora ibitunganye imisi yose uzoba ukiriho kandi ntuze uce mu nzira y’akarenganyo”( Tb4,5).

2. Duca twumva yuko ico uyo muvyeyi yasavye umwana wiwe kitagarukira gusa kuzokwama yibuka canke ashikiriza Imana igisabisho. Amusavye nyabuna kurangura ibikorwa vyiza, biboneka be no kugendera mu butungane. Iyo mpanuro arushirizaho kuyitomora agira ati:“Mu vyo utunze uragira ivyo ufashisha abakurikiza ubutungane bose. Ntuze ubabazwe n’uko hagize uwo ufasha’’( 4 ,7).

Ntitwobura gutangazwa n’amajambo y’uwo mutama. Twame twibuka yuko Tobito yari yatewe n’uruhumyi  kubera igikorwa co gutabara yariko arakora. Nkuko we nyene avyivugira, ubuzima bwiwe, kuva akiri muto, yari yabuhebeye kurangura ibikorwa vy’urukundo: "Narahaye imfashanyo nyinshi bene wacu hamwe n’abo dusangiye akabira twajaniwe hamwe kugirwa imbohe i Niniva (…). Naraha ivyokurya vyanje abashonje, ngaha impuzu abagenda gusa. Ndamutse mbonye uwapfuye mu bo dusaniye akabira yatawe inyuma y’uruzitiro rwa Niniva, naca ndamufuba"(1, 3.17).

Kubera ico gikorwa ciza c’urukundo camuranze, Umwami yari yaramunyaze utwiwe twose, amusiga ari umurushwa, yifumbereje. Yamara Umukama wewe yari akimukeneye. Naho asubirijwe mu mabanga yiwe yo gucungera imibereho ya bene wabo, ntiyigeze ahesha mu ngendo yiwe yo gutabara abarushwa. Dutege amatwi ingene Tobito we nyene atuyagira :“Igihe twahimbaza umusi mukuru wa Pentekoti, ari wo musi mukuru  mweranda  w’amayinga indwi, banteguriye inzimano ihimbaye, ndaheza ndicara ngo mfungure, baca banzanira imeza, banzanira n’indya nyinshi cane. Ndaheza mbwira umuhungu wanje Tobiya nti: “Genda mwana, undonderere muri benewacu bazanywe i Niniva kugirwa imbohe umworo acibuka Umukama n’umutima wiwe wose, uheze umuzane dusangire. Ndakurindira mwana gushika ugaruke’( 2, 1-2). Ese ingene vyogira uburiba kuri uyu musi w’aboro, tugize rwacu uyo mwitwarariko wa Tobito, maze tukamenya gutumirana gusangira imfungurwa tuvuye gusangira  ku Meza y’Ukaristiya. Gutyo Ukaristiya tuzoba twasangiyeko izotubera koko ikimenyetso kiboneka c’isangiramutima. Nkako, ko duhwanira twese hamwe ngo dusangire Ukaristiya nk’abavukanyi, ubwo buvukanyi buzorushiriza kwiserura mu biboneka twemeye gusangira n’imfungurwa y’Umusi mukuru na ba ntahonikora.

Tobiya yarakoze ico se wiwe yari yamusavye. Mugabo aca aboneraho kumumenyesha yuko  amuzaniye n’inkuru mbi  ko hari umurushwa yagandaguwe kandi ko batamufuvye. Ubwo nyene, se wiwe arahaguruka ava ku meza, aca aja kumufuba. Agarutse iwe, arushe, aca yiryamira iwe mu kigo arasinzira. Niho rero amasyegege y’inyoni ashushe yamukorokera mu maso, acika impumyi (cf 2, 1-10). Ehe rero igitangaje: Twoshobora  kwiyumvira ingene ahejeje gukora iciza amakuba agaca amugwako? Yamara ukwemera kwacu kuradufasha kuraba kure. Uruhumyi rwa Tobito rwamuhaye inkomezi, arugurura amaso, abona  neza ubwoko bwinshi bw’ubukene bwari bumukikije. Umukama nawe, umusi uri izina, azomutera iteka n’akanyamuneza ko gusubira kubona neza ateko abonane n’umuhungu wiwe Tobiya. Uyo musi ushitse “Tobito amugwa mu bitugu, ararira, araheza amubwira ati: “Ndasubiye kukubona mwana, wewe muco w’amaso yanje”. Hanyuma avuga ati: ‘Imana nihezagirwe. Izina ryayo rihambaye riragahezagirwa. Abamarayika beranda bose baragahezagirwa gushika mu myaka yose. Erega ni Imana ubwayo yari yampanye, none ehe raba ndasubiye kubona umuhungu wanje Tobiya” (11,13-14).

3. Turashobora rero kwibaza aho Tobito yavoma ubwo butwari n’izo nkomezi z’umutima vyamuha gukorera Imana kandi akikijwe n’abapagani gushika naho yitangira umugenzi ata gutinyirira ubuzima bwiwe ? Araduha akarorero kadasanzwe: Tobito ni serugo agumya ibanga akaba n’umuvyeyi yamana umwitwarariko ; yarasangiye na bene wabo kwangazwa arata igihugu ciwe kandi ako karenganyo kakamubabaza cane. Yararinze uruhamo ruturuka ku Mwami n’ababanyi biwe… Naho yari intore yarageragejwe. Nkuko tuvyigishwa kenshi n’Ijambo ry’Imana, Imana ntikingira ibigeragezo abaharanira ineza. None ni kubera iki ? Imana ntiba ishaka kutumaramaza, ahubwo ishaka kudukomereza ukwemera kwacu. Muri ayo mageragezwa, Tobito yahigiye kubona ubukene bwiwe bimuha kumenya kubona aboro. Yari asanzwe agendera amategeko y’Imana, mugabo kuri we ivyo ntivyari bikwiye. Ukwitwararika aboro mu biboneka yarabishoboye kuko nawe yaraciye mu biremereye vyagerageje umubiri wiwe. Nico gituma, amajambo akomeye yatekereye umwana wiwe Tobiya ari iragi rikomeye ryiwe: “Ntihaze hagire umurushwa numwe wirengagiza”(Tb 4,7). Igihe cose turi imbere y’umworo ntidushobora kumwirengagiza kuko twoba turiko turirengagiza kumubonamwo Yezu we nyene ubwiwe. Iyo tuvuze “ntihagire umworo n’umwe”, bisigura yuko umw’umwe wese muri bo ari umugenzi wacu. Ntituba rero tugihagarara ku bidutandukanya bifatiye ku bwoko, igihagararo, canke amamuko… Ni naba vy’ukuri nanje ndi mworo nzotegera  umuvukanyi ari mu bukene, akeneye ubufasha bwanje. Duhamagariwe gushikira umworo uwari we wese mu bworo bwiwe butandukanye. Ivyo bidusaba kurwanya ico cose coza kidusamaza gituma twitwararika ibihinda bihera vyo kw’isi.

4. Turi mu bihe bitatworohereza namba kwitaba akajwi k’aboro. Nkako, umwitwarariko wo kurondera kumererwa neza kuri benshi uguma wongerekana ku buryo burenze, bigatuma amajwi y’abari mu bukene atumvikana namba. Abantu b’ubu bashaka yuko vyose vyinjira mu nyifato ifatiye ku mico igezweho cane cane  abakiri bato, kandi ari nabo cane cane dusanga  bageramiwe n’iryo hindagurika ry’imico. Ntibashaka kwerekwa ico cose kiza kibasaba kwigora ari nako bashira imbere ubukomezi bw’umubiri wabo nk’uko womengo ni ryo hangiro ry’ubuzima bwabo. Ubuhinga ngurukana-bumenyi bwo mu misi ya none buguma bushaka gusubirira ubuzima nyakuri ku buryo duhakwa no kuvyitiranya. Aboro basigaye bameze nk’amasanamu abantu basamarira akabatera impuhwe akanya isase yamara bahwanye na bo mu nzira, za mpuhwe zigasubirirwa no kubinuba canke kubakumira. Ugukora vyose banyaruka mu buzima bwa misi yose, bituma abantu batakimenya guhagarara, gutabara no kwitwararika uwundi. Wa mugani w’umunyasamariya w’ikigongwe (raba Luka 10, 25-37) dutegere yuko atari uwo muri kahise kuko uratwakura muri k’ubu ka zina muntu wese. Nkako, ugutuma abandi biroroshe; ugutanga amahera ngo abandi bayakoreshe mu gufasha aboro ni igikorwa  c’iteka; yamara ukwitanga wese ni wo muhamagaro wa zina mukristu wese.

5. Dushimire Imana kubw’igikorwa c’ukwitangira aboro n’abakumiriwe cama kirangurwa n’abashingantahe n’abapfasoni benshi basabikanya utwo bafise n’abo baruhijwe. Dushimire Imana kubera ukwitanga kw’abantu batadukanye bihebera kwegera no kwakira abantu bababara n’abagowe hamwe n’abo bose bakumirwa. Abakora ivyo si ibihangange, ariko ni « ababanyi » twama duhura imisi yose bama bifadikanya n’aboro mu gacerere. Ntibagarukira k’ugutanga ibintu  ariko barazi kwumviriza, kuyagisha maze bakagerageza gutahura ivyo barimwo n’imvo zibitera mu ntumbero yo gutanga impanuro hamwe n’inyishu zibereye.

Baratanga intabaro y’umubiri batibagiye n’umutima mu ntumbero yo kugarukira umuntu uko yakabaye wese. Ubwami bw’Imana burigaragaza muri ico gikorwa nyezina c’ukwitanga kandi kizira kwirondera. Tubugereranya vy’ukuri na ya mbuto igwa mw’ivu ryiza ry’ubuzima bwabo igaheza ikama vyinshi (raba  Luka 8,4 15). Ubukengurutsi twerekeza kuri abo bitanga bubwirizwa kuba igisabisho kugira intahe bashinga yame vyinshi.

6. Mu guhimbaza isabukuru y’imyaka 60 y’ikete ryiswe Pacem in terris (Amahoro kw’isi), birakwiye ko dusubira kwiyibutsa amajambo y’Umweranda Papa Yohani wa XXIII (23) aho yandika ati: “zina kiremwa muntu wese arafise uburenganzira bwo kubaho, gusonerwa mu buzima bwiwe, kuronka uburyo bukwiye kugira abeho neza cane cane ku vyerekeye gufungura, kuronka ico yambara, aho akika umusaya, akaruhuko, ukwivuza be n’ibindi vyose vya nkenerwa mu kibano. Nico gituma, umuntu wese afise uburengazira bwo gucungererwa umutekano w’amagara yiwe igihe ari ku musego, atewe n’ubumuga, ugupfakara, ageze mu zabukuru,mu gihe ata kazi afise  mbere n’iyo bishitse akabura ivyo kwibeshaho biturutse ku mvo zitamuvuyeko”(n.6).

Impinga iracari ndende kugira ngo iyo mvugo ije mu ngiro cane cane kandi no mw’itunganywa ry’ivy’intwaro n’amategeko bibereye. Nubwo mu ntwaro no mu ndinganizo y’amategeko hatabuzemwo agahonzi gatuma hatabaho kubona ineza rusangi no kuyikora, ese hoboneka muri bene gihugu benshi abitwararika ugushigikirana n’ugufatana mu nda, mu mpande zose, ku neza y’aboro bacu. Harakenewe gukabura no guhimiriza inzego nshingwantwaro kugira zishire mu ngiro ico zijejwe. Yamara bizoba impfagusa kuguma twiteze ibivuye ‘’hejuru’’ gusa. Nico gituma n’aboro dutegerezwa kubafasha bakugurura        amaso nabo nyene bakagira ico baterereye muri iyo ngendo yo guhinduka no kugira uruhara.

7. Birateye agahinda kubona haguma hibonekeza ubundi bwoko bw’ubukene buza bwiyongera kuri ubwo duhejeje kuvuga. Aha ndiyumvira cane cane abantu bari mu turere turimwo intambara, abana batiyumva muri kubu ntibashobore kwiyumvira ko kazoza keza gashoboka. Ntawomenyera akaziri nk’ako, dukomeze nyabuna ingendo yose yotuma amahoro asasagara nk’ingabirano y’Umukama yazutse, nk’icamwa gikomoka ku butungane n’ibiganiro.

Sinokwirengagiza ivyiyumviro vyo mu mpande zitandukanye bituma haba iduzwa ry’ibiciro riteye ubwoba, rigakwegera gutyo imiryango myinshi kuba ntahonikora. Imishahara baronka ntimara akanya; ivyo bigatuma habura ibitari bike vya nkenerwa vyofashije kubaho neza. Igihe umuryango uhitamwo  hagati y’ugufungura no kwivuza, ni ngombwa ko  ijwi ry’abashigikira uburenganzira bwo guharanira ivyo bibiri icarimwe “imfugurwa n’imiti”, naryo nyene ryumvirizwa kubw’agateka ka kiremwa-muntu.

Ni gute twokwirengagiza kubona ingendo itagira ubuntu mu bijanye n’akazi ? Hariho ugucinyizwa ku gitigiri nyamwinshi c’abakozi baba abagabo canke abagore; ibura ry’agahembo kajanye n’igikorwa carangutse; ukutagira icerekezo co muri kazoza;  abatari bake bahitanwa n’amasanganya, ivyo vyose bigaterwa cane cane n’ ivyiyumviro vy’abishakira inyungu mu guhungabanya umutekano…

Amajambo y’umweranda Yohani Paulo II aragaruka mu muzirikanyi aho agira ati : « ishingiro nyamukuru ry’iteka n’agaciro k’igikorwa ni umuntu ubwiwe ( …). Umuntu ahamagariwe gukora kandi igikorwa kiriho « kubw’umuntu » ariko si umuntu ahari «  kubw’igikorwa » (enc. Laborem exercicens, n.6).

8. Ico gitigiri ubwaco giteye ubwoba nticerekana ku buryo bushimishije impande zose z’ubukene turimwo mu buzima bwa misi yose. Sinoreka kuvuga ingene abantu babayeho nabi bigasiga imvune cane cane mu  rwaruka. Ni bangahe   uyu musi baseserewe ku mutima mbere bigatuma urwaruka rwiyahura rumaze guhendwa n’imico n’imigenzo y’ubu gushika naho ruba rutacifisemwo umwizero, maze rukifata nk’uko ataco rwoba rukimaze kuri iyi si. Ni tubafashe bashobore guhangana n’ivyo vyose bibaryosharyosha kugirango umwe wese ashobore gutora inzira y’ukuri yokurikira gutyo bashobore kuronka akaranga keza bakomere, bamenye  kwitanga.

Biroroshe iyo tuvuga abakene, bigaherera gusa mu majambo. Hariho n’uburyo bwo kurwa mu nyoshambi z’ukubesha, tugahereza  mu kurondera ibitigiri gusa. Abakene ni abantu bafise agashusho k’umuntu, bakagira kahise kabo, imitima n’imishaha. Ni basaza bacu na bashiki bacu, bafise ivyo bashoboye n’amagara make nk’abandi bose ;  birakenewe kugiriranira imigenderanire  nabo umwe umwe ukwiwe badafatiwe mu kivunga.

Igitabu ca Tobito kiratwigisha inyifato n’ingiro twogira turi kumwe n’abakene n’ico twobagirira. Nta kindi atari ubutungane bwodutuma twifatira ingingo y’ukurondera ingene twohwana na bo,  bigatuma haba inyifato ibereye kandi ikenewe kugira habe umubano mwiza ubonekamwo ubwo butore. Ukwitaho ba ntahonikora ntibiherera mu mashikanwa dutanga y’akanya gato gusa. Ariko nyabuna bisaba kuvyura imigenderanire y’umwe umwe y’abo baseserejwe n’ubukene.  Nico gituma ukutirengagiza  umworo n’umwe ari ukwironkera akunguko k’ikigongwe, k’urukundo bishobora gutanga insiguro n’agaciro k’ubuzima bw’uwa Kristu.

9. Ese umwitwarariko wacu dufitiye aboro woba imisi yose akaranga nyako k’Inkuru nziza. Ugusabikanya nyakuri gufatira ku bukene bw’uwo dutabara kugira ngo ntiturondere ukwikurako umusesekara ucagutse ku vyo dufise. Aha rero ni ukumenya guhweyutsa no kuzirikana neza dufashijwe na Mutima Mweranda, kugira tumenye ivyo abavukanyi bakeneye vy’ukuri, atari ivyo twebwe twipfuza. “Tumenye ko ivyo bakenye kandi vyihutirwa, ari uko tubereka umutima wacu w’ubuntu, wagutse kandi wuzuye urukundo. Ntitwibagire ko duhamagariwe kubona Yezu Kristu muri bo, no kubashikanira kure akamo kabo. Ariko kandi ni ukuba abagenzi babo, babumviriza kugira twakire ikinyegezwa c’ubwitonzi Imana itumenyesha iciye kuribo (Evangilii Gaudium, n. 198).”

Ukwemera kuratwigisha ko umworo wese  ari umwana w’Imana kandi ko Kristu ari muri we. “Ni ukuri ndabibabwiye, igihe cose mwabigiriye n’umwe muri abo batobato muri benewacu, ni jewe mwabigiriye” (Mt 25, 40).

10. Uyu mwaka ugira uw’i 150 twibuka ivuka ry’umweranda Tereziya w’Umwana Yezu. Muri kahise k’ ubuzima bw’umutima wiwe yaranditse agira ati : “ Ubu ndategera ko urukundo nyarwo rujana n’ukwakira intege nke z’abandi, ntutirimutswe n’amagara make yabo maze ukaremeshwa no kwubakira ku bikorwa bito bito mu kubibonamwo ingabirano zabo; ariko narategereye cane cane ko urukundo rutoguma rwugaraniwe mu mutima w’umuntu Yezu yavuze ati:“ntawudomeka itara ngo ariremekeko umubehe,ariko nyabuma arishira ahakirurutse kugira riboneshereze abari mu nzu bose.”(Ms C, 12 r°: Oeuvres complètes, Rome 1977,247).

Jewe ndabona ko iryo tara ryerekana urukundo rutegerezwa kumurika, kunezereza, atari kuri barya bonyene banshika ku mutima, ariko nyabuna n’abari mu nzu bose ata wukumiriwe.

Muri iyo nzu, ariyo si yacu, bose barafise uburenganzira bw’ukumurikirwa n’ umuco w’urukundo ata n’umwe akumiriwe. Kuri uyu musi mpuzamakungu wahariwe ba ntahonikora, ese uwo mwitwarariko w’urukundo wa Tereziya mweranda w’umwana Yezu, wokabura mitima yacu maze ukadufasha kutagira umworo twirengagiza, ahubwo tubamizeko ijisho duhanze amaso inyonga z’Umukama wacu Yezu Kristu.

Bigiriwe i Roma, ku wa 13 ruheshi 2023 ku Musi Mukuru wa Antoni wi Padu, umuvunyi w’aboro.

Papa Fransisko

 

 

Iyi nyigisho izosomwa ku Musi Mpuzamakungu ugira 7 wahariwe aboro, ku musi w’Imana  wa 33 wo mu mwaka A. Yahinduwe mu Kirundi n’igisata kijejwe Ubutumwa n’Inyigisho ndoramana.