PATIRI CELESTINO NTIRANDEKURA YARAYE AHEREJE INKUKA YA MISA Y’UMUKWANGURO HARIYA I BUTAHANA MURI PARUWASI MABAYI

PATIRI CELESTINO NTIRANDEKURA YARAYE AHEREJE INKUKA YA MISA Y’UMUKWANGURO HARIYA I BUTAHANA MURI PARUWASI MABAYI

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 8/8/2021, hariya i Butahana muri Paruwasi ya Mabayi, niho patiri Celestino NTIRANDEKURA, umwe mu basaserdoti batiwe kw’igenekerezo rya 31/7/2021 hariya mu CIBITOKE, yahereza Inkuka ya Misa ya mbere benshi bakunze kwita iy’umukwanguro! Muri uwo munezero, yari kumwe na Patiri Marselo Modesto NIGANZE yigina imyaka 25 iheze ari mw’iryo banga, akaba yari kumwe kandi na Mama Lusiyana NDERICIMPAYE yigina imyaka 50 iheze yihebeye Imana mu muryango wa Bene Tereziya! Ivyo birori rero vyabereye mu Nkuka ya Misa yaherejwe na Nyenicubahiro Musenyeri Yohani NTAGWARARA yari yaje kubashigikira. Hakaba hari n’abasaserdoti batari bake, abihebeyimana, abatumire n’isinzi ry’abakristu.

Mu nyigisho yatanze, afatiye ku bisomwa vya liturjiya vyo kuri uyo musi w’Imana wa 19 umwaka B nk’uko bisanzwe bitegekanijwe muri Ekleziya, uyo mwepiskopi wa Diyoseze ya Bubanza, yarashimikiye cane ku kwemera! «Ukwemera ni ingabirano imwe muri zimwe zitatu twaronka igihe twabatizwa: ukwemera, ukwizigira n'urukundo. Ukwemera ni ka kabuto gatewe mw'ivu ryiza, kamwe gategerezwa gukura, kakabagarirwa n'ijambo ry'Imana, indero y'abavyeyi, hamwe n’inyigisho za Ekleziya. Ukwemera rero kudusaba guhinduka, tukarwana intambera iri muri twebwe. Yezu ati : “Uwunyemera arafise ubuzima budahera”. None ukwemera kwanyu kwavuye he? Ukwemera gutosoye, ni Yezu yaje kukutumenyesha. Kuko “ntawuzi Data atari Yezu yamutumenyesheje”».

Mu gushimangira iyo nyigisho yari ishimikiye ku kwemera, yaragarutse gato ku kahise k'amadini aho yerekanye neza ko amadini nka yose yatanguye inyuma ya Yezu Kristu. «Uwenyemera arafise ubuzima budahera». Ukwemera ntikugurwa ni ukwo gusaba ku Mana. Rero ibisomwa vyo kuri uyu musi w’Imana bitwigishe ibintu bitatu: kwama tuzirikana Ijambo ry'Imana kugira turitegere twongere turigendere; kwama dukundisha Ijambo ry'Imana mu kuryigisha neza tutarigabanya, tukamenyesha Yezu tubanje kuryiga, kuryemera no kurigendera kuko ni igikorwa ca Mutima Mweranda; kwama dukunda Ukaristiya, umusaserdoti ategerezwa gufasha abantu gukunda Ukaristiya kuko niryo shimikiro ryiwe. Yasozereye iyo nyigisho atumirira abari aho gukunda kwakira Yezu mw'isakramentu ry'Ukaristiya, kuramutsa Yezu muri iryo sakramentu. Ati nitwubure iyo ngabirano y'agakura, yo idushikiriza ubuzima budahera.

Inyuma y’igisabisho co gusozera Inkuka ya Misa, patiri Celestino yarashikirije ijambo kw’izina ryabo bari kumwe mu gukenguruka, ijambo ryari rigizwe ahanini n’ugukenguruka nyen aho yakengurukiye imirwi itandukanye y’ababafashije gushika kuri iryo hangiro eka mbere n’ababafashije kugumya ibanga!

Twobamenyesha ko patiri Celestino agize umusaserdoti wa gatanu avuka kuri ico gisata ca Butahana, imbere yiwe hakaba hari bakurube Musenyeri Serapiyo BAMBONANIRE, patiri Marselo Modesto NIGANZE, patiri Egide Bukuru hamwe na patiri Gilberto. Ivyo birori bikaba vyasozerewe mu kanyamuneza ntangere aho abatumire baciye basangirira hamwe akarahuri k’uyo musi mukuru!

 

Patiri Romano NDIHOKUBWAYO