MUSENYERI SIMONI NTAMWANA YARAYE AHIMBAJE YUBILE Y’IMYAKA 75 IHEZE UMUKAMA AMUHAYE UBUZIMA
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 5/6/2021, Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA yari aramukanye urubanza rukomeye cane rw’aho yibuka imyaka 75 iheze avutse! Ibirori bikaba vyabereye ku kirimba ca Bikira Mariya citiriwe Umugabekazi w'i Fatima kiri i Kavumu muri Paruwase ya Bikinga, mu Nkuka ya misa yaherejwe n’uwo mwepiskopi nyene ahagatiwe n’abepiskopi, abasaserdoti, abihebeye Imana, n’abakristu isinzi.
«Akanyamuneza k’umuvyeyi niko kanyamuneza k’abana, akanyamuneza k’umwungere niko kanyamuneza k’ubusho»; ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyenicubahiro Musenyeri Bonaventure NAHIMANA, umwungere wa Diyoseze ya Rutana akaba n’icegera c’uwurongoye Inama y’Abepiskopi katolika b’i Burundi, yari yaje kumushigikira mu guhimbaza iyo yubile. Musenyeri Simoni ntamwana akaba yavukiye muri Paruwase Mukenke iri mu ntara ya Kirundo, Diyoseze ya Muyinga kw’igenekerezo rya 3/6/1946.
Mu bashitsi b’iteka bari baje kumushigikira, twovuga Musenyeri Gervazi BANSHIMIYUBUSA, Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura; Musenyeri Bonaventuro NAHIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Rutana; Musenyeri Bulaziyo NZEYIMANA, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ruyigi; n’abandi batari bake bari baje baserukiye inzego zitandukanye!
Mu nyigisho yiwe, Musenyeri Simoni Ntamwana yagize ati uno musi ni akaryo keza ko guhereza Umukama ku vyo yampaye kuko yampaye ingabire y’imyaka 75. Ati nje kubwira Umukama nti nzokwama ninahaza izina ryawe, nkenguruke nivuye inyuma kuko ataco nashoboye atari ico nahawe na Rugira. Ati kenshi, Mutima wa Kristu niwe yantabaye muvyo naba ndimwo, ati rero nta rubanza na rumwe rugitsinda abari muri Kristu Yezu. Ati ninaba mfise Mutima wa Kristu, ntabwoba urupfu rushobora kuntera. Ati nakuzaniye rero iri turo ngo urihezagire. Imyaka maze ndayishize mu biganza vyawe,… Harageze rero ko Imana inyishuza ingabirano zayo !
Icegera c'uwurongoye Inama y'Abepiskopi katolika b'i Burundi yarashimye ubutwari bwaranze Musenyeri Simoni Ntamwana igihe yari arongoye iyo nama.
Inyuma y'Inkuka ya misa, abatumire baragiye mu gatutu ahabandanirije igice ca kabiri c'urwo rubanza, aho banasangiriye ikirahuri n’ikiyago.
Twobamenyesha ko utuganuke tutari duke twahawe uwo Mwungere, nawe akaba yarashimiye cane abaje kumushigikira bose.
Ese Umukama yobandanya kumuzigama kumwe n’ubusho bwiwe yamuragije !
Patiri Vianney NSHIMIRIMANA