TWUBAKE, DUTEZE IMBERE PARUWASE YACU KANDI DUSHIGIKIRANE

TWUBAKE, DUTEZE IMBERE PARUWASE YACU KANDI DUSHIGIKIRANE

Kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2022, muri Paruwase NYAKERU yo muri Diyoseze Nkuru ya Gitega, harabereye isabukuru y'urwaruka. Ivyo bikorwa vyari birongowe n'umwibutsamana muri iyo Paruwase, patiri Déo BIGIRIMANA. Hari mu ntumbero yo gusigurira urwaruka n'abandi bakristu icokorwa kugira ngo uwo muryango w'abakristu utere imbere kandi ushobore gufasha n’abandi.

Mu ntangamarara, uyo Mwibutsamana yaribukije abari aho ko mu Kirundi bavuga bati: « Ushengera ata mpamba ugashenguruka ata jambo ». Ivyo vyerekana ko kuva na kera uwagenda i bwami afise ico asabayo yagenda afise ico yitwaje. Aha twovuga nk’ico bita “inturire”. Tugereranije, dusanga no muri Ekleziya iyo migirwa ihari. Rero, abakristu turakwiye gutahura ko uwushikaniye Imana ataba ataye, ahubwo ari ukwongereza imigisha, kanatsinda uwukengurutse aba yongeje.

Mu nyigisho yiwe nyezina, yashimikiye ku bintu bibiri: ugutanga ishikanwa mu Nkuka ya Misa hamwe n'ugutanga ic'icumi. Mu Nkuka ya Misa, mu mwanya wo gukenguruka, abakristu baratanga agashikanwa kabo. Aho umwe wese atanga ico afise kugira ngo yunganire Ekleziya-muryango mukuyiteza imbere canke kugira ngo afashe abakene bari muri uwo Muryango. Gutyo, gutanga ishikanwa ni igikorwa ngombwa, mbere ni n'itegeko ry'Umukama ku muntu wese. Umukristu araheza akabona ko muvyo abwirizwa guhereza atari imicaca, ahubwo ko ari ivyerano vya mbere, birya nyene bimufitiye akamaro. Nkako, iyo atanze ibifise akamaro ninaho yumva ko n'uwo yabihaye bizomunezera bikagira ico bimumariye.

Yarabandanije agira ati: « Ariko bavukanyi, kenshi dufise ingeso itari nziza yo guhereza ibicagutse kuvyo tuba dufise, mbere n’uwitwa ko ari umukristu akagenda kubanza kuvunjisha amahera kugira ashobore kuronka ikingorongoro canke inoti y'ijana azotangako ishikanwa kuko bitari bumukundire ko ashikana ayasumba. Ukamengo ayatanze yose yoba ayataye, avunye amaboko, yambuwe. Bavukanyi turibagira ko ivyo dufise vyose biva ku Mana. Umuntu agashogomanga imbere y’Uruhimbi rw’Imana afise mu minwe inoti ya mirongo ibiri nayo nyene yatabutse. Bavukanyi, twikebuke kuko n'Imana igira aho imaniye kandi ngo gutanga bizana imigisha »!

Kuvyerekeye ivy’ugutanga ic'icumi naho yagize ati: « Bavukanyi haraho tugendera mukutamenya bigatuma twitiranya ibintu n'ibindi. Benshi muri twebwe ntidutahura ico ic'icumi gisigura n'ico arico, mbere tugashaka kuvyitiranya n'amashikanwa, imperezwa n’ibindi. Ic'icumi si ishikanwa risanzwe haba namba, kuko ishikanwa ni ico umuntu atanga yiyumviriye afatiye kuvyo akeneye nivyo yosaba canke mbere afatiye kuvyo Imana yamuhaye agaheza agashogomangana iryo shikanwa.

Ic'icumi si imperezwa namba dutanga kuri Paruwase bakadushirira ku makete y'ubukristu nk’uko tubigira ku mwaka ku mwaka ndetse ko hariho n’abavyirengagiza. Ico twomenya ni uko ic'icumi ari itegeko ry’Imana. Umukama adutegereza gutanga ic'icumi kandi akagishimikako. Ic'icumi si amananiza Umukama yaduhaye, ahubwo ni akaryo ko gusuzuma no guharura neza ivyo utunze nk’ivyo Umukama yakugiriye. Ic'icumi kiroroshe guharura naho kugitanga bitatworohera cane. Niwaba wimbuye ibigori cumi, icenda ni ivyawe, ikigira cumi naco ni ic'Umukama. Niwaba woroye imbeba, inkoko, ingurube, inka, n’ibindi, harura neza icenda bibe rwawe; ivy'icumi si ivyawe namba ni ivy'Umukama. Ukaba ukorera amafaranga igihumbi, amajana icenda ni rwawe, iryo jana naryo ni iry'Umukama. N’ibindi vyose ni ukwo biharurwa».

Twobamenyesha ko iyo sabukuru yarimwo inyigisho zikomeye nk’izo, yasozerewe n’Inkuka ya Misa yahererejwe muri iyo Paruwase nyene.

NIYONZIMA Pacifique