IHIMBAZWA RY’UMUSI MUKURU W’IJAMBO RY’IMANA MURI EKLEZIYA IRI I NGOZI

IHIMBAZWA RY’UMUSI MUKURU W’IJAMBO RY’IMANA MURI EKLEZIYA IRI I NGOZI

« Abemera bose bahuzwa n’Ijambo ry’Imana, n’aho boba mu madini atandukanye ».

Mw’isengero Mvyeyi y’i Ngozi, umusi mukuru wahariwe Ijambo ry’Imana warahimbajwe ku buryo budasanzwe mu nkuka y’imisa ya 3 yo kw’igenekerezo rya 26 Nzero 2020, yaherejwe na Nyen’icubahiro Musenyeri Joriji Bizimana, Umwungere wa Diyoseze. Yatangujwe n’urugendo rwarimwo abihebeyimana, abamenyeshamana biga mw’ishure ribategura ry’i Ngozi (ERA), abiga ivyigwa vya Bibliya hamwe n’abandi bakristu batari bake.

Nk’uko Nyenubweranda Papa Fransisko aheruka kubishinga ku wa 30 nyakanga 2019 mw’ikete ryiwe yise « Aperuit illis », umusi w’Imana ugira gatatu mu gihe gisanzwe c’amasabamana wahariwe Ijambo ry’Imana, kugira ngo abantu bashobore kuzirikana ubucuti bagiriranira n’Imana mu kiyago iyo Mana isangira n’igihugu cayo.

Mu nyigisho y’uwo musi, uwo Mwungere yaragarutse ku kamaro k’Ijambo ry’Imana, yibutsa n’ingene Inyigisho ya Vatikano ya kabiri yerekeye Ijambo ry’Imana (Dei Verbum) igaruka ku gaciro karyo. Kukaba nkako, abemera bose bahuzwa n’Ijambo ry’Imana, n’aho boba mu madini atandukanye, gutyo bagashobora n’ukugwanya ukwicamwo imice nk’uko vyagiye biribonekeza muri kahise k’abemera.

Yaribukije abakristu ko iryo Jambo ry’Imana rigendana n’Ukaristiya, kubera ko amasakramentu yose ashingiye kw’Ijambo ry’Imana. Yabasavye rero kurisoma barizirikana, atari nk’abasoma ibindi bitabu.

Yasavye abari aho ibintu bitanu bohora bitwararika mu gusoma n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana :


1. Gutunga igitabu c’Ijambo ry’Imana (Bibliya) n’imiburiburi kimwe mu muryango wose ;
2. Gusoma n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana igihe cose, umuntu akabironderera akanya ;
3. Kwinjiza Ijambo ry’Imana mu mibereho y’ubuzima bwa misi yose ;
4. Gusoma n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana mu miryango, mu mibano mito mito y’abakristu, mu muhira n’imigwi y’ubutumwa, … ;
5. Gusaba impanuro mw’Ijambo ry’Imana mu gihe umuntu ari mu madidane y’ubuzima.

Inyuma y’inkuka y’imisa, abamenyeshamana, abasomyi b’Ijambo ry’Imana hamwe n’abariko bariga ivya Bibliya, bo muri paruwase mvyeyi, baciye bakoranira mu nzu y’amanama, babandanya basangira ijambo n’inzimano bari bategekanije uwo musi.


Philbert Miburu