ISABUKURU IGIRA 175 Y’UBUTUMWA BW’IMIKANGARA Y’IMANA MURI EKLEZIYA

ISABUKURU IGIRA 175 Y’UBUTUMWA BW’IMIKANGARA Y’IMANA MURI EKLEZIYA

 

Muri diyoseze ya Rutana umunsi mukuru wa Epifaniya warahimbajwe. Ku rwego rwa diyoseze wahimbarijwe mu ma paruwase atatu : Gitanga, aho nyenicubahiro Musenyeri Bonaventure NAHIMANA umwungere wa diyoseze yagiye guhereza inkuka y’Imisa mu ntumbero yo guhimbaza kumwe n’imikangara iyo sabukuru y’imyaka 175 iheze ubutumwa bw’imikangara y’Imana butanguye muri Ekleziya yo kw’isi. Musenyeri Léonidas NTAKARUTIMANA icegera c’umwungere nawe yahereje inkuka ya Misa mw’isengero nkuru y’Umwungere. Umuyobozi w’ibikorwa vya Papa mur’iyo diyoseze nawe yari muri paruwase ya Musongati.



                     

Mwomenya ko iyo paruwase ya Musongati ariyo yiteguriye cane uwo munsi kuko niyo yari yatanze n’ubutumire kandi vyarabonekera mu birori (inyambaro, intambo, mu guhereza amashikanwa ajanye n’uwo munsi yaragizwe n’ibimenyetso hamwe n’ibisimbo, n’ibindi). Mbere inkuka ya Misa isohotse hakaba haciye haba umugirwa wo kurungika abo bana mu butumwa bw’urugendo rw’inyenyeri.

       

Hanyuma vyose vyarangijwe n’agatutu k’abana batari bake n’indemesha zabo. Hakaba haravugiwe amajambo yo gukengurukira Imana iguma ituronsa ivyiza hamwe no kuyigina mu ndirimbo n’intambo, kari agahimbare ntiworavye.

Mwomenya kandi ko n’igihe uwo munsi wahimbazwa ku rwego rwa Ekleziya y’i Burundi hariya i mugera, diyoseze ya Rutana nk’izindi diyoseze yari yaserukiwe mw’itunganywa no mu guhimbaza ivyo birori. Abari bahari bariboneye intambo irimwo indirimbo ivuga kahise ka Ekleziya y’Uburundi kuva turonka abamisiyonari ba mbere. « Kristu amenyekane kw’isi yose ».

                    

                                                      Evariste  NDAYISHIMIYE