UGUSOZERA UKWEZI KWAHARIWE BIKIRA-MARIYA, RUSAMA 2021

UGUSOZERA UKWEZI KWAHARIWE BIKIRA-MARIYA, RUSAMA 2021

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 30 Rusama 2021, umwungere wa Diyoseze ya Rutana, Nyenicubahiro musenyeri Bonaventura Nahimana, yarasozereye icese ukwezi kwa Bikira-Mariya hariya ku kirimba  kiri muri Paruwase Kiguhu, ku mutumba wa Rugeregere. Ku wa mbere naho igenekerezo rya 31 ukwo kwezi nyene awusozerera muri Paruwase Gihofi. Hose ibirori bikaba vyabereye mu Nkuka za misa!

Nk’uko uyo mwepiskopi yari yavyemereye abakristu mu kwugurura ukwo kwezi hariya i Gihofi, mu kugusozera yaraye mu giteramo kumwe n’ubusho yashinzwe, abigisha, yongera kandi anabiregesha kugira bitegurire neza uyo musi. Mu nkuka za misa zaherejwe n’uyo mwungere ku w’Imana i Rugeregere no ku musi wa mbere igenekerezo rya 31/5/2021, i Mwuzye, umwungere ahagatiwe n’ubusho yashinzwe, barishikanye ku Muvyeyi Bikira-Mariya, bongera bamushikanira Diyoseze yose kugira ngo Imana ishishikare kuyironsa ivyiza vyayo ibicishije mu minwe y’uwo muvyeyi.

Uwo mwepiskopi yarakengurukiye cane abakristu bose bitangiye ubwo butumwa bwo gusabira isi ngo Umukama ayikize ikiza ca korona Virusi, yongera abasaba ko batoca barera amaboko ngo n’uko ukwezi kwa Bikira-Mariya gusozerewe, ariko ko boguma bitura kenshi  uwo muvyeyi, kugira ngo nawe  abandanye kubasabira ku mwana wiwe ivyiza vyinshi, ivy’umutima n’ivy’umubiri;  kugira ngo kandi bashobore kuba abakristu nyabo bahimbara Imana muri vyose. Abakristu nabo barakengurukiye cane umwungere wabo kukungene ababa hafi cane, bongera banamusaba ko yobandanya abagendera kenshi kuko ngo biheza bikabaremesha.

Twobamenyesha ko Inkuka ya Misa irangiye, abakristu bahejeje gusezerana n’umwungere, baciye bitahira iwabo mu mahoro no mu kanyamuneza ntangere. Ese Imana yobandanya ihezagira Diyoseze yacu ya Rutana kumwe n’umwungere wayo!

Patiri Benedikto KABURA