UMWIHERERO W’URWARUKA RUHURIKIYE MU MUGWI W’ITORWA
«Imbere y'uko ndakurema mu nda y'uwakwibarutse nari ndakuzi» (Yeremiya 1, 5).
Kuva kuwa kane igenekerezo rya 22/8/2024 gushika kuw’Imana igenekerezo rya 25, muri Paruwase KAYOGORO Yo muri Diyoseze RUTANA, harabereye umwiherero w'urwaruka ruhurikiye mu murwi w'itorwa. Urwo rwaruka rukaba rwabifashijwemwo n'umusaserdoti Jean de Dieu GAHUNGU asanzwe arangurira ubutumwa muri Paruwase KIGUHU, ariko kandi akaba ari no mu murwi w’abajejwe itorwa ku rwego rwa Diyoseze.
Urwaruka rushika 139 nirwo rwitavye uwo mwiherero, rukaba rwaje ruva mu bisata bitandukanye bigize Paruwuse KAYOGORO. Umukristu mulayike Emerimana Yohani Claude niwe yatanze intangamarara y'inyigisho zatanzwe muri uyo mwiherero. Yashimikiye cane ku nyifato nziza yoranga uwuri mu murwi w'itorwa: guca bugufi, kugendera indero nziza, gukunda gusenga no gukurikiza impanuro zitangwa n'abavyeyi, abarezi, abihebeyimana, n’abandi. Yaranamenyesheje ibitosekaza itohoza ry'umuhamagaro ari navyo urwaruka rwokwirinda: akaborerwe, ukutubaha, ubuhumbu, ubunebwe, amarigara, ibiyayura mutwe, n’ibindi.
Ivyigwa nyezina bikaba vyabandanije bitangwa n’umusaserdoti Jean de Dieu GAHUNGU. Mu nyigisho yiwe yatanguye asigura ko Imana Muremyi itumenya imbere yuko dusamwa mu nda y’abatwibarutse aho yagize ati: ku ruhande rumwe umengo iteye ubwoba kuko ibikorwa n'ububasha bwayo burengeye ubwenge bwacu ariko ku rundi ni Imana Rukundo, iturema idufitiye umugambi mwiza, igashaka ko turangura ishaka ryayo, ari naho umuntu imutora ikamuha ubutumwa. Muri ubwo butumwa niho hava umuhamagaro wa muntu. Yaribukije ko Imana yaremye abantu mu budasa, irema abahungu n'abakobwa, ko umwe wese rero yotegerejwe kuninahaza Imana muri kamere yiwe bwite. Yaribukije kandi ko Imana itaremye abantu badasangiye imero ngo baje mu busambanyi nk'uko abenshi bavyibaza canke babibamwo ariko ngo bagume mu mugambi wayo.
Kubwa Patiri Jean de Dieu, imihamagaro ni ibiri: hari abubaka izabo hakaba n'abihebera Imana. Iyo mihamagaro yose ni myiza igihambaye ni uko umuntu yotohoza neza ngo amenye aho yotumbera. Yaranatanze n’uturorero twinshi tw'ingene umuntu yomenya umuhamagaro umurindiriye: gukunda gusenga, gukunda kwihebera abarwaye, gukunda ijambo ry'Imana, n’ibindi. Ukwihebera Imana rero ni umuhamagaro w'ukwigana Imana mu bantu, ati: «Uwihebeye Imana aba umunwa, amaso, amatwi ya Yezu Kristu. Uwihebeye Imana kandi ategerezwa gukurikiza ingendo zitatu nyamukuru: ubugamburutsi, ubworo n'ubwerentegerwa».
Twobamenyesha ko mu kurangiza inyigisho yasavye urwaruka kubandanya rukunda Imana mu gukunda igisabo ca misi yose no mu kugendera ku mpanuro nziza baronswa n'abihebeye Imana. Inyigisho zirangiye hakurikiye gutanga isakramentu ry'ikigongwe hanyuma Inkuka ya Misa yo gusozera umwiherero.
Anicet NININAHAZWE