UMURYANGO WA BENE-BIKIRA WARAYE UGABANYE ABABIKIRA BASHASHA

UMURYANGO WA BENE-BIKIRA WARAYE UGABANYE ABABIKIRA BASHASHA

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Gitugutu 2020, Umuryango w’ababikira Bene-Bikira wari wuzuye akanyamuneza k’aho  wari uramukanye umusi mukuru w’Indagano za mbere z’ababikira bashasha batatu n’umwe yigina Yubire yiwe y’Imyaka 25 amaze muri iryo banga. Ibirori bikaba vyabereye mw’isengero ya paruwase Rugari mu nkuka ya Misa yari irongowe n’Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga, Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE.

Mu nyigisho yiwe, uyo mwungere yaribukije abo babikira ubutumwa bahamagariwe : « Kumenyesha Inkuru Nziza hose. Inkuru Nziza y’Urukundo rw’Imana rutumenyesha ko duhamagariwe twese kuba beranda. Umuhamagaro rusangi w’Ubweranda, nimwe mushinzwe kuwutwibutsa. Uko mwakirana akanyamuneza Ijambo ry’Imana mu mibano yanyu, niko muhamagariwe gutamura akanyamuneza k’Urukundo rw’Imana ngo ako kanyamuneza musayangana, kamenyeshe abababona bose urwo rukundo  naho mwosohoka impome zigize inzu z’imibano yanyu mutajanywe n’ukumenyesha iryo  Jambo ».

Ni kuri uyu w’Imana rero, aho aba Novisi Mariya Solina ABIZEYE,  Mariya Hyacinthe NINGABIYE na Mariya Jeanne Françoise de Chantal bashikirije Umukama indagano zabo za mbere,   zakirwa na Mama Mariya  Carine Diane NSAVYIMANA ashinzwe intara y’Ubutumwa y’Uburundi mu Muryango  wa Bene-Bikira, akaba ari nawe   yaserukiye Mama Mukuru w’Umuryango Mama Mariya Thierry Dominique MUKANZIGIYE atashoboye kuhishikira kubera ikiza ca Corona virusi. Barahawe kandi umwitwikiro wera usanzwe uranga abari muri wo, baraheza bemerera Umukama indagano zabo z’umwaka umwe ariko kandi bipfuza kumutura ubuzima bwabo bwose umusi urizina. Hambavu y’abo batatu, Mama Mariya Yozofina MUKUNDANKASE, yariko arigina yubile yiwe y’imyaka mirongo ibiri n’itanu amaze ari mw’ibanga ry’ukwiheberimana muri uyo Muryango wa Bene-Bikira.

Twobamenyesha ko uyo Muryango wa Bene-Bikira wahimbaje Yubile yawo y’Inzahabu  kuwa 8 Myandagaro 2019. Uyo Muryango wa Bene-Bikira ukaba watanguriye mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu mwaka w’1929. Mu Burundi bakaba bahafise imibano cumi harimwo Inovisiya iri ngaho nyene muri Paruwase ya Rugari.

 

Patiri HARERIMANA Evariste, umuyobozi wa SAVACOM