ITANGAZO RY’INAMA Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI
-
Kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika igenekerezo rya 18 Ntwarante 2023, Abepiskopi barongoye amadiyoseze gatolika y’i Burundi baragize urugendo rweranda i Roma ku Kirimba c’Ekleziya Gatolika.
-
Muri urwo rugendo barabonanye n’Umuvyeyi w’Ekleziya Nyenubweranda Papa Fransisko bongera barabonana n’abarongoye ibisata bitandukanye vy’ubutumwa bwa Papa bikurikira: ikijejwe iterambere rirama kumwe n’ubutungane n’amahoro; ikijejwe abakristu balayike, ingo n’ubuzima; ikijejwe imiryango y’abihebeyimana; ikijejwe kumenyesha Inkuru nziza; ikijejwe liturjiya n’ihimbazwa ry’amasakramentu; ikijejwe indero, ubumenyi n’imico; ikijejwe ukwemera; ikijejwe kumenyesha amakuru. Baragendeye n’Ubunyamabanga bwa Leta y’i Vatikano hamwe na Sentare nkuru y’Ekleziya.
-
Abepiskopi baboneyeho akaryo ko gusengera ku ntatemwa z’aberanda Petero na Paulo, inkingi z’Ekleziya. Baherereje Inkuka y’Imisa mu Masengero makuru y’i Roma ane: Isengero nkuru yitiriwe Petero Mweranda, Isengero nkuru yitiriwe Paulo Mweranda, Isengero nkuru y’i Laterano yitiriwe Yohani Mweranda ahari intebe ya Papa nk’Umwepiskopi wa Diyoseze y’i Roma, n’Isengero nkuru yitiriwe Bikira Mariya Nyina w’Imana. Barakenguruka ko abasaserdoti, abihebeyimana n’abakristu balayike basanzwe baba i Roma bagiye barifatanya na bo muri izo Nkuka z’Imisa.
-
Kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2023, Abepiskopi b’i Burundi barahawe umubonano na Nyenubweranda Papa Fransisiko, abakirana igishika yongera abaganiriza nk’umuvyeyi akikijwe n’ibibondo vyiwe.
-
Muri uwo mubonano, bararonse akaryo ko kuganira na Papa ivyerekeye ubuzima bw’Ekleziya mu Burundi, baramwiganira ivyiza Ekleziya mu Burundi yagabanye kandi ikenguruka kuva mu 2014 aho baheruka kugira urugendo rweranda i Roma, bongera kandi barashikiriza n’ingorane Ekleziya mu Burundi ifise mu kurangura ubutumwa bwayo bwo kumenyesha Inkuru Nziza. Baboneyeho kumumenyesha ko Ekleziya iri muri Yubile y’imyaka 125 iheze Inkuru Nziza isamiranye mu Burundi kandi ko bashimye ko iyo Yubile yoshimikira ku butumwa bw’ingo, ngo urugo rukristu rube Ekleziya yo haziko imenyesha bose Inkuru Nziza. Baramwibukije kandi ubutumire bamurungikiye ngo azoze gusangira na bo akanyamuneza k’iyo Yubile nk’uko n’umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yamutumiye.
-
Yarabashimiye ku ntambwe iboneka Ekleziya mu Burundi igezeko, yongera arabashikiriza impanuro kivyeyi, araheza aranabaremesha mu butumwa bwabo. Arashima kandi ubumwe n’umuvukano birangwa hagati yabo na we, agashaka ko ubwo bumwe bwokwama bukomera kugira ngo Ubutumwa bw’Ekleziya buranguke neza.
-
Umuvyeyi wacu Papa arasaba Abepiskopi b’i Burundi kwama bitanga batiziganya mu kwitangira no mu kwihebera ubusho Imana yabashinze, no mu kuba imboneza mu kuremesha amahoro, mu kunywanisha abarundi.
-
Vyongeye yabasavye kwitwararika kwigisha urwaruka kuko ari rwo Ekleziya y’uyu musi n’ejo, hamwe no kugira umwitwarariko udasanzwe mu gutegura abaseminari mu vy’ubumenyi, mu vy’ubuzima bw’umutima n’umubiri, mu vy’imibano no mu vy’ubutumwa ngo bazobe abasaserdoti b’ibanga bahimbara Imana n’igihugu cayo.
-
Ku bijanye n’indyane zasinzikaje igihugu c’Uburundi n’ibikomere vyatewe n’izo ndyane bitarakira; Papa atumirira abarundi kurengera ibibatandukanya bagashira imbere ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe, kugira ngo babane mu mahoro mu budasa bwabo kuko ari naho n’iterambere rishoboka.
-
Papa yarangije atumirira Abepiskopi n’abarundi bose kutihebura, bakamana umwizero ushingiye k’ukwemera Imana Mushoboravyose. Yongera arabahezagira abarungikana n’umuhezagiro bazoshikiriza igihugu c’Imana.
Bigiriwe i Roma ku wa 18 Ntwarante 2023.
Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi
† Banaventure NAHIMANA
Umwepiskopi mukuru w’i Gitega, ahagarariye Papa muri Diyoseze ya Rutana akaba
n’Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi.