Itangazo ry'Inama y'Abepiskopi gatolika b'i Burundi rihimiriza abakristu kwikingira n'ugukingira abandi ikiza ca "Coronavirus"


1. Haraheze imisi hadutse ikiza ruhonyanganda citwa CORONAVIRUS camutse mu gihugu c’Ubushinwa none ubu kikaba kimaze gukwiragira mu bihugu vyinshi vyo kw’isi gisasika inganda kubera candukira cane.

2. No ngaha iwacu i Burundi, baraherutse kutumenyesha ko camaze kuhashika. N’uwoba rero yahora afata ico kiza minenerwe kuko yacumvira kure, niyikubite agashi nyabuna, dusangire urugamba rwo kukirwanya. Turashimira abashinzwe intwaro y’Igihugu cacu ku ngingo bariko barafata muri iyo ntumbero.

3. Na twe ka Bungere bagize Inama imwe y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi, twagomba guhimiriza Abakristu tujejwe ngo bafate nkama izo ngingo, bongere bazishire mu ngiro. Dushaka kandi kubatomorera ingingo rusangi zunganira izari zimaze gufatwa na bamwe bamwe muri twebwe.

Ingingo zerekeye Inkuka y’Imisa n’Isakaramentu ry’Ikigongwe

1° Mu bibanza vyose muhuriramwo, ku masengero canke ku nyubakwa z’inama, nihabe amazi n’isabuni yabigenewe kandi abakristu baje gusenga canke abo bose baje mu nama bakarabe neza imbere y’ukwinjira, bongere babigire basohotse.

2° Abakristu mwese, kubw’urukundo mufitaniye no kubw’umwitwarariko w’uko uwanduye atokwanduza abandi, nimwirinde kuramukanya mukorana mu minwe canke mugwana mu nda, muramukanye gusa mu majambo canke mu gukiriza ikiganza.

3° Mu kwicara canke guhagarara mw’isengero canke mu nzu y’inama, aho hose bishoboka, nimwirinde kwegerana rwose kuko bishobora kuba intandaro yo kwanduzanya.

4° Mu Nkuka y’Imisa, muri ca gihe gitegekanijwe co guhana amahoro, Umusaseredoti ntatumirire abakristu kugira ikimenyetso co kuyahana.

5° Mu gihe co gusangira, abasangizi bose nibabanze gukaraba neza n’isabuni, babone kuza gufasha Umusaseredoti kugaburira igihugu c’Imana umubiri wa Kristu. Uwusanzwe arwaye inkorora n’ibindi bisa n’ivyo, nabangire, ntakore ubwo butumwa uyo musi.

6° Muri ico gihe nyene c’ugusangira, abakristu na bo bashitse imbere y’umusaseredoti canke umusangizi, nibaramvure amaboko batege ibiganza, bakirane icubahiro cinshi umubiri wa Kristu, ntihagire uwuhava awuhumanya. Kuva ubu rero birabujijwe gusangirira ku rurimi.

7° Ku bapatiri naho, mu gihe bahereza inkuka y’imisa barenga umwe, mu gusangira, bazodimba ihostiya nyeranda mu maraso ya Kristu.

8° Mu gihe c’uguhimbaza isakaramentu ry’Ikigongwe, abasaseredoti nibatondeshe neza abakristu, bareke kwegerana kandi n’uwirega ntiyegere rwose umusaseredoti.

9° Umwepiskopi wese muri Diyoseze yiwe, mu gihe abona bikenewe, ashobora kuzoshinga ingingo zindi zunganira izi dushikirije.

10° Izi ngingo zizokurikizwa gushika hashinzwe izindi zizisubirira.

Ingingo zerekeye Indwi nyeranda ya Pasika

11° Ku musi mukuru w’Ibisanda, umugirwa wo guhezagira ivyo bisanda uzobera mw’isengero, abakristu bamaze gufata ibibanza, kandi bizohezagirwa mu misa zose uko zingana hamwe hamwe hose. Nta rugendo rero rwo kuva hanze twinjira mw’isengero ruzobaho nk’uko vyahora.
12° Imisa bahezagiramwo amavuta meranda, izoba nk’uko bisanzwe, hakurikijwe indinganizo ihasanzwe muri Diyoseze imwe yose.

13° Ku musi wa kane mweranda, Imisa y‘aho Umukama yafungura ubwa nyuma ari kumwe n’abigishwa biwe izoherezwa nk’uko bisanzwe muri Diyoseze imwe yose, mugabo nta mugirwa wo kwoza ibirenge uzorangurwa.

14° Ku musi wa gatanu mweranda ari wo w’ukubabara kw’Umukama :

- Ihimbazwa ry’uko kubabara rizoba nk’uko bisanzwe. Mugabo, mu gihe c’igisabisho rusangi, ku rutonde rw’abo basabira hazokwongerwako abafashwe n’iyo ngwara iterwa n’umugera CORONAVIRUS iriko irasasika inganda hirya no hino kw’isi. Hazoca mbere hakoreshwa amajambo twateguriwe n’Igisata co ku Kirimba kwa Papa kijejwe indinganizo y’igisabisho c’icese c’Ekleziya be n’iy’uguhimbaza amasakaramentu.

- Muri iryo Himbazwa nyene ry’ukubabara kw’Umukama, musanzwe muzi ko igisabisho rusangi giheze hakurikira ugusenga icese Umusaraba mweranda. Muri uwo mugirwa rero, nk’uko bishinzwe muri Liturjiya y’Ekleziya Gatolika, hazokoreshwa umusaraba umwe rudende, uwo Umwepiskopi canke Umusaserdoti arongoye ihimbaza azoba ahejeje kwerekana. Mu kuwusenga, uwo nyene arongoye ihimbaza ni we musa azowusoma. Hanyuma ace aja ahakirurutse awufate awukirije yerekeye ishengero ry’abakristu baje mw’Ihimbaza ry’ukubabara kw’Umukama. Abasaseredoti bazoba baje muri iryo Himbazwa, bazopfukama imbere yawo bawunamire mu gacerere k’umwanya muto. Hanyuma, abasigaye bose, Abihebeyimana n’Abakristu balayike, baheze na bo nyene bapfukame aho basanzwe bari, bawunamire mu gacerere k’umwanya muto, imbere yuko abaririmbiramana batera ururirimbo rubereye rufasha abari aho bose kubandanya gusenga uwo musaraba mweranda.

15° Ku musi wa gatandatu mweranda, Igiteramo ca Pasika kizohimbazwa nk’uko bisanzwe mu ma Diyoseze yose. No ku musi w’Imana wa Pasika nyene ni ko kw’uko, mugabo hose hubahirijwe ingingo twahereyeko kubashikiriza.


4. Dusozereye tubasaba kurushirizaho gutakambira Imana ngo iremeshe abamaze kugwara maze bashobore gukira, ikomeze abaganga bariko bita mu ziko bavura abamaze kwandukirwa, yunganire abashakashatsi hashobore kuboneka vuba umuti wo gutuza ico kiza, twongere tuyisabe ngo yakire mu Bwami bwayo abo ico kiza kimaze guhitana.

Bigiriwe i Bujumbura, kw’igenekerezo rya 02 Ndamukiza 2020

Abepiskopi Gatolika b’i Burundi

Télécharger ce Communiqué en cliquant sur  Itangazo