Ijambo ry’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi rimenyesha Ikete-nyigisho Umuvyeyi Papa Fransisiko aherutse kwandikira Abagatolika n’Abantu bose bo kw’isi

DUHIMBAZE NOHELI DUSHAKA KWUBAKA IGIHUGU CACU MU MUVUKANO UDAKUMIRA

Bavukanyi dusangiye ukwemera, eka na mwe mwese Imana ikunda mukayikundira!

  1. Twebwe Abungere banyu turabaramukije tubipfuriza amahoro ya Jambo yigize umuntu. Tuzananye urweze kubipfuriza umusi mukuru mwiza wa Noweli, tukawubipfuriza twifatanije n’umuvyeyi wacu Papa Fransisiko aduhamagarira kugendera umuvukano dukura ku Mana mu kwubaka imibano yacu dushingiye ku rukundo rwayo. Mw’ikete-nyigisho uwo muvyeyi aherutse gushikiriza isi yose kw’igenekerezo rya kane ry’ukwezi kw’icumi kw’uno mwaka w’i 2020, Papa Fransisisko yarashimitse rwose mu kwibutsa ko abantu bo kw’isi yose bakeneye muri iki gihe gusubira kuzirikana n’ugutsimbataza umuvukano mu bantu, maze bakaboneraho n’ugutunganya imibano, amategeko n’inzego, bashingiye ku rukundo. Iyo nyigisho ya Papa irahuye neza n’ivyiza amaza y’Umukama atuzanira kuri Noheli.
  2. Umuvyeyi wacu Papa, ashingiye kw’Ijambo ry’Imana rya wa mugani w’umunyasamariya w’ikigongwe, aremeza ko umuntu nya muntu ari uwitangira abandi arondera ineza ya bose. Aremeza kandi ko urukundo rumutuma yitangira abandi rutarangukira mu migenderanire y’umuntu n’uwundi gusa, ariko rutegerezwa no kurangukira mw’itunganywa rw’imibano, be n’ubutegetsi bw’igihugu. Aho ni ho afatira mu kunegura ibitari vyo no mu kwerekana inzira twofata kugira ngo dushike ku muvukano wugurukiye bose.
  3. Ahereye ku vyo abona hirya no hino kw’isi, mu bihugu bitunze, canke bikenye, Papa Fransisko atangura inyigisho yiwe yerekana ibintu biteye amakenga, mbere binateye n’agahinda, akanegura cane cane abiyita ko bari kumwe n’abanyagihugu, ariko bariko bironderera inyungu zabo. Aravuga ko aho kwugurukira abandi, usanga abantu bashaka kwiyugarana nka nyabumba, bakubaka impome z’ubwoko butandukanye ngo bakingire ivyabo nk’uko umenga ivyo Imana yaremye ntiyabigeneye abantu bose. Umuntu uwo ari we wese ntaba akibaye ikiremwa gifise agateka ntangere gategerezwa kwubahirizwa n’ugukingirwa igihe cose. Aboro, abagendana ubumuga, abana bataravuka, canke abageze mu za bukuru nta kibanza baba bagifise. Papa Fransisko araca irya n’ino ibintu bitari bike bikwiye gutuma isi isubira kwisuzuma, haba mu bijanye n’irondoka, itunganywa ry’ibijanye n’ubutunzi, ukugabanya ibirihwa mu vy’akazi, amacakubiri atandukanye, ukutubahiriza agateka ka zina muntu, ugufata abantu nk’abaja, ingwano n’ukwitwaza igikenye. Iterambere mu vy’ubuhinga bwo gukwirakwiza amakuru nta bwo ryatumye abantu begerana mu kuri. Kenshi usanga abantu basigaye biyugaranira mu gihari c’abo basangiye ivyiyumviro n’abo bahuje gusa. Papa asozera ivyo anegura avuga ko ivyobaye iterambere vyatumye ugutekanirwa ku mutima n’ukwumviriza ico uwundi ashikirije bitituka. Aratwereka ko ivyo bituma twibaza ngo turi mu mwidegemvyo, ariko vy’ukuri turiko dukwegerwa mu buja bw’ubwoko bushasha.
  4. Mugabo n’aho biri uko, Papa Fransisiko ntashaka ko kwihebura. Arashima ko muri ibi bihe turimwo, hakiriho abantu bafise ivyiyumviro vyubaka ibirama, biremesha imitima kandi bikerekeza ku kuri, ku bwiza, ku butungane nyabwo no ku rukundo. Niho aca ashika kuri rya Jambo ry’Imana riri mu mugani w’umunyasamariya w’ikigongwe (raba Luka 10, 25-37). Umuhinga w’amategeko yibutse ko ibwirizwa ry’Imana rikuru ari ugukunda Imana kuruta vyose no gukunda umugenzi nk’uko yikunda wenyene, yabajije Yezu ati: “Mbega mugenzanje ni nde?” (Luka 10, 29). Ico kibazo kirahambaye cane. Yezu rero aca amucira uwo mugani. Muri uyo mugani, abantu baserukira inzego mw’idini n’abandi bose botegerejwe kubera abavukanyi umuntu yaguye mu minwe y’abambuzi bamuciye hambavu barirenganira. Ariko umuntu ava mu bwoko bwakengerwa bugakumirwa ni we yerekanye urukundo rubereye ku muntu atazi na gatoyi, aremera arahindura indinganizo y’imigambi yarimwo, aramwegeranya, arakora no mu mufuko wiwe ngo amurihire indaro, aramwishinga muri vyose gushika akire. Uwo mutima mwiza w’ukwerekana ubuvukanyi n’ukwitaho umuntu awo ari we wese ni wo Yezu Kristu aduhamagarira.
  5. Papa Fransisiko rero yitsa Yezu mu kuduhamagarira ashimitse kushinga indinganizo y’imibano ku rukundo no ku kwitwararikana, mu kibano, mu gihugu no kw’isi yose. Arahimiriza ko abantu bose bubahirizwa mu gateka kabo, ak’imiryango yabo n’ikibano cabo. Aremeza ko ivyo bitegerezwa kugaragara haba mu vy’intwaro canke mu vy’ubutunzi, kuko na none Imana yabuhaye abantu bose ngo babusabikanye. Ashaka ko mu gihugu ico ari co cose hakomezwa umutima wo gufatana mu nda n’uwo gufashanya, ata gukumira umuntu n’umwe yaba umusangwa canke umunyamahanga, inyambukira canke impunzi.
  6. Papa abandanya ashimangira rwose ko politike nziza ari iyiremesha uwo muvukano w’abantu bose, igategekanya ku rugero rubereye ukuntu ibijanye n’akazi vyogwizwa kugira ngo umuntu yumve muri we no mu biwe agateka ko gutungwa n’ivyo yakoze. Asaba rero ko abarangura amabanga ya politike bokwitwararika gushiraho indinganizo yorohereza abashoramari n’abandi bashaka gushinga amashirahamwe y’iterambere kugira ngo haboneke ubuzi hanyuma itunga rigwire kuri bose. Papa aremeza ko politike nziza ari iyiha ikibanza kibereye aboro ata muntu n’umwe akumirwa canke ngo ahonyorwe ku gakanu. Mu vyo ashikiriza, urukundo muri politike rurahambaye cane. Aradufasha gutegera ko n’aho urukundo rushobora kubonekera mu mutima n’ibikorwa vy’umuntu umwe umwe, iyo abanyepolitike barwisunze rubatuma bitaho itunga rusangi, bagashingira ku butungane n’ingingo, gutyo amategeko bashinga, indinganizo y’ikibano, itunganywa ry’inzego, vyose bigatsimbataza umutima n’ingiro yo kwubakira hamwe ku neza ya bose.
  7. Papa arabandanya kandi avuga ko ingendo nk’iyo isaba ko abantu bamenyera kuremesha umutima wo kuja inama n’ingingo mu biganiro vy’ukuri, aho umuntu uwari we wese agira uruhara n’ijambo mw’itunganywa ry’aho abaye. Abantu bamenyereye iyo ngendo niho banashobora gushikira ukuri mu budasa bwabo kuko umwe wese aterera afatiye ku vyo azi, ivyo yabayemwo n’inyigisho yabikuyemwo, maze babishize hamwe ukuri babwirijwe kuyoboka kukaboneka, abantu bakaboneraho kuremeshanya n’ukwuzuzanya. Ivyo bisaba ko umuntu yemera akugurukira ukuri kuri mu vyiyumviro vy’abandi, ntatinye canke ngo yanke guhindura ivyiwe mu gihe bikenewe. Gurtyo niho abantu bashobora kwubakira hamwe ikibano n’igihugu kandi bakama baronderera ukuri hamwe.
  8. Mu nyigisho ya Papa iyo ni yo nzira y’amahoro ishingiye ku muvukano w’abantu bose, ku gateka ka zina muntu no ku butwari bwo kutaba sindabibazwa. Ni yo nzira kandi yerekeza umutima ku bikorwa vyo kurekuriranira no gusubiza hamwe. Muri iyo ntumbero Papa yigishako ubu ata ngwano n’imwe umuntu yoba akigira ngo iremewe. Ahabaye ingwano ni politike hamwe n’umutima w’ubuntu biba vyatsinzwe. Ni na ho Papa aca ahera mu kwiyamiriza igihano c’ukwicwa co kimwe n’igihano c’ugupfungwa ubuzima bwose, kuko umuntu ataba agihawe akaryo ko kwihanura ngo agarukane ubuntu mu muryango w’abantu.
  9. Imbere yo gusozera inyigisho yiwe, Papa ahamagarira abemera Imana bose bo mu madini atandukanye kugira urunani rwo kwubaka umuvukano udakumira, ari na wo uvyara amahoro y’ukuri. Arazi ko urugendo rwo kwegeranya amadini ngo aganire, aje inama n’ingingo ku ntererano yotanga mu gihugu rutama rworoshe, ariko aremeza ko rukenewe rwose. Ashingira ku bihe, we n’abandi imbere yiwe, bagiye barahura n’abayoboye ayandi madini baganira ijambo ryo kuremesha umuvukano n’amahoro kuko amadini afise intererano ntasubirizwa. Nk’uko umweranda Fransisko w’i Asizi yigoye rwose aja kuganira na Sultani Malik-el-Kamil wo mu Misiri mu kinjana c’icumi na gatatu mu gihe kitari coroshe, Papa Fransisko aca afatira ku kanyamuneza yagize mu guhura na Imam Ahmad Al-Tayyeb w’I Kairo mu Misri kw’igenekerezo rya kane ruhuhuma 2019 ngo yemeze urwo ruhara rw’amadini mu kuremesha amahoro.
  10. Nyen’ubweranda Papa Fransisiko arangiza inyigisho yiwe aturagiza Umuvyeyi wacu Bikira Mariya, we atwerekeza ku Muvukanyi Yezu Kristu, Umwana w’Imana vyose vyaremewemwo. Uwo muvyeyi Yezu yanadushikiririje ku musalaba ni we turi kumwe mu kuremesha umuvukano w’ukuri w’abana b’Imana, mu kwubaka isi nshasha n’ijuru rishasha, ata n’umwe akumiriwe, aho ubutungane n’amahoro vyiganza.
  11. Bavukanyi dusangiye ukwemera na mwe mwese Imana ikunda mukayikundira, turavyumvise! Iyo nyigisho ya Papa ku muvukano n’indinganizo y’imibano ishingiye ku rukundo irahambaye. Uku kubaye uguca ku mayange ngo tubakaburire akanyota ko kuyisomera no kuyizirikana. Muri uko kuyisoma no kuyizirikana, birakwiye ko mwibaza ingene aha iwacu turiko turaterera ngo uyo muvukano udakumira kandi uvyara amahoro y’ukuri Papa adutumirira kuremesha ntutebe kuboneka. Nk’uturorero:
    - Mbega ko tuvuga ko twashize Imana imbere, ubwo ubuyobokamana bwacu buradushikana ku mutima wugurukiye bose udutuma twitwararika bose ata numwe akumiriwe?
    - Ko Papa aduhimiriza kwinjiza umwambiro w’urukundo rudakumira muri politike, ubwo vyoba biriko biraranguka mu gihugu cacu?
    - Ko Papa anegura cane cane abiyita ko bari kumwe n’abanyagihugu, ariko bariko bironderera inyungu zabo, iyo ngiro igayitse twoyirwanya gute ng’aha iwacu?
    - Iyo ngendo yo kuja inama n’ingingo umuntu uwo ari we wese akagira uruhara n’ijambo mu gutunganya igihugu ciwe, ubwo irakurikizwa bikwiye?
    - Papa aduhumiriza kurekuriranira no gusubiza hamwe kandi natwe twarabishize mu ngingo z’inama z’umuryango wa diyoseze, none iyo ngendo turiko turayitaba   twese mu kuri?
  12. Bavukanyi dusangiye ukwemera na mwe mwese Imana ikunda mukayikundira, ku bitwerekeye, twebwe Abepiskopi banyu, turabemereye ko umwe wese, muri diyoseze ashinzwe, azogerageza kunywanya iyo nyigisho ya Papa n’indinganizo y’ubutumwa yari ihasanzwe kugira ngo umuvukano udakumira n’amahoro vyongerekane mu madiyoseze yacu no mu gihugu cacu. Turangije dusubira kubipfuriza Noheli nziza n’umwaka mushasha muhire w’2021. Uze utubere twese umwaka wo gukomeza umuvukano udakumira, w’ugusubiza hamwe n’uwamahoro twagabiwe na Jambo yigize umuntu. Imana, Data Mwana na Mutima Mweranda nibahezagire!