IJAMBO RYA NYENUBWERANDA PAPA FRANCISCO KU MUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABORO

13 MUNYONYO 2022 IDOMINIKA YA 33 UMWAKA C

 Yezu Kristu yarigize umworo kubwanyu (2 Co 8, 9)

 

1. Yezu kristu (...) yarigize umworo kubwanyu (2 co 8,9). Ni yo majambo umutumwa Paulo akoresha mu gihe yigisha abakristu ba mbere b’i Korenti, kugira abahe umushinge kuvyo biyemeje mu gushigikira abavukanyi bari mu bukene. Umusi mpuzamakungu w’aboro ugarutse uyu mwaka kandi nk’uwushaka kuduhimiriza ngo udufashe kuzirikana ingene tubayeho no kubukene butandukanye bwo mu bihe vya none.

Haraheze amezi, isi yose ivuye muri ca gihuhusi c’ikiza ca Korona Virusi mu kwerekana ibimenyetso vyo gusubira kuvyura ubutunzi bwabwirizwa kuremurura abantu isinzi basinzikajwe n’ubukene bivuye ko bahatakarije akazi. Hatanguye agahengwe, tutirengagije ububabare bwavuye ku kubura ababo, kadufasha mu kugaruka ku migenderanire dufitaniye hagati yacu, gusubira guhura mu mwidegemvyo.

None raba haje ikindi caduka kisubiye guhungabanya isi mu yindi shusho nshasha. Indwano yo mu gihugu ca Ukrene ije yiyongera ku zindi ndwano hirya no hino iriko ituma muri ino myaka hapfa abantu benshi hakongera hakononekarira vyinshi. Ubu witegereje neza usanga iyi ndwano ari akayobera bahinga kuko yaciye ituma hisukamwo igihangange kw’isi gishaka gutanga amategeko yaco kandi ateye kubiri n’ubwigenge bw’abantu. Ibihe bitwibutsa kahise kabi biguma bigaruka, bigatuma ukunyinyurana kw’ibihangange kw’isi binigira mu menshi ijwi ry’abaharanira amahoro.

2. Abakene izo ntambara zitagira insiguro zituzanira bangana iki! Hirya no hino aho tugeza amaso tubona izo ndwano zihitana cane cane abatagira ikibarwanira na bantahonikora ; isinzi ry’abantu batwarwa nk’imbohe bakabajanwa ahantu hatazwi cane cane abahungu n’abigeme, kugirango babakure mu mico n’imigenzo yabo, mu ntumbero yo kubashiramwo ku nguvu akandi karanga. Amajambo y’umuririmvyi w’izaburi kw’isenyuka rya Yeruzalemu no gutwarwako imbohe kw’urwaruka rw’abayahudi nivyo vyagarutse : « Ku nkengera z’inzuzi za Babilone, niho twari twicaye, tukarira twibutse Siyoni. Inanga zacu twari twazimanitse ku biti vy’aho hantu. Aho ni ho abari batugize imbohe badusabira ngo tubaterere ururirimbo, abaduturubika bakadusaba kunezerwa, batubwira bati : « turirimbire akaririmbo mu tw’i Siyoni. Mbega twari kuririmba gute ururirimbo rw’umukama turi kubutaka bw’abanyamahanga? » Ps 137 ,1-4

Isinzi ry’abakenyezi, abana n’abageze mu zabukuru barategerezwa kwita bongera bahunga ibisasu bikomeye baja kurondera ubuhungiro mu bihugu bihana imbimbe, bakaba impunzi. Abasigaye mu ntara zirimwo ingwano na bo babaho mu bwoba butagira izina, batagira ico barya, batagira amazi, badashobora kwivuza eka batagira n’uwubereka umutima w’urukundo. Muri ivyo bihe, akenge karazimata, kandi ni abantu basanzwe bahitanwa n’izo ngaruka z’intambara biza kwiyongera ku gitigiri kinini cane  c’abakene bari bahasanzwe.Twotanga gute inyishu ibereye, ikwiye, ishobora kuzanira agahengwe n’amahoro abo bantu bose bugarijwe n’umwiheburo n’ubuzima bubi?

3. Umusi mpuzamakungu w’aboro ugira gatandatu ushitse turi mu gihe c’amayoberane, mu kudutumirira, nk’umutumwa Paulo mweranda, kuguma duhanze amaso Yezu we « n’aho yari umutunzi yarigize umworo ku bwanyu kugirango muhinduke abatunzi ku kubera ubworo bwiwe. » (2co8, 9). Mu gihe yariko aragendera Yeruzaremu, Paulo yarahuye na Petero, Yakobo na Yohani, bamusavye ko atokwibagira aboro. Muri ico gihe Ekleziya y’i Yeruzalemu yari mu ngorane nyinshi ziturutse ku nzara yari yateye mu gihugu. Uwo mutumwa yaciye yitwararika kuringaniza uburyo bwo kwegeranya ivyo bofashisha aboro. Hakurikijwe intumbero y’umutumwa Paulo, umusi wa mbere w’indwi, baregeranya bagashira hamwe utwo baziganije kandi babikorana umutima mwiza.

Nkuko vyamye bikorwa kuva ico gihe mu bakristu ba mbere, na twebwe ku musi w’Imana mu gihe co guhereza Ukaristiya Nyeranda, turakora ico kimenyetso mu gushira hamwe amashikanwa yacu kugirango abanyamuryango bashobore gufasha abakenye gusumba abandi. Ni ikimenyetso abakristu bamye barangurana akanyamuneza n’umwitwarariko mwinshi kugirango ntihagire n’umwe mubo bavukana abura ivyankenerwa.

Ivyanditswe na Yustino Mweranda wo mu kinjana ca 2 asigurira umwami Antonino le Pieux ivyerekeye uguhimbaza umusi w’Imana kw’abakristu,  vyaravyerekana : « Umusi batazira « umusi w’izuba », abantu bose bo mu bisagara n’abo mu gihugu hagati, barahurira hamwe bagasoma ivyakozwe n’abatumwa n’inyandiko z’abahanuzi, nkuko umwanya ubibakundiye […..]. Hanyuma bagasabikanya ivyeranda umwe wese akaronka hanyuma abadiyakoni bagashira abataje ibibagenewe. Abafise vyinshi, kandi bafise umutima wo gutanga, baratanga ku gushaka kwabo ico bipfuje hama ivyo begeranije barabihereza uwurongoye Inkuka ya misa. Nawe agaheza agatabara impfuvyi, abapfakazi, abarwaye, ba ntahonikora, abapfunzwe, ba kavantara, mw’ijambo rimwe atabara abo bose bari mu bukene » (Première Apologie, LXVII, 1-6).

4. Tugarutse kuri Ekleziya y’i Korenti, umwete watanguye kugabanuka ubwo nyene inyuma y’akanyamuneza bari bavyakiranye, hama ico gikorwa ciza ca Paulo mweranda kiraheza gitakaza akariro. Nico catumye Paulo asubira kubandikira mu rukundo n’igishika kugirango bagarukane ubwira bwo kwegeranya amashikanwa : « Ubu rero nimuheraheze ico gikorwa, kugirango ingoga z’ukubishaka zirangukire mubwira bw’ukubiheraheza kuvyo mufise » (2 Co8, 11).

Ndibaza muri kino gihe ukwitanga kw’abantu b’isi yose, bo muri iyi myaka iheze buguruye amarembo kugira bakire ibihumbi n’ibihumbi vy’impunzi zataye izabo kubera intambara zo muri Aziya y’ubuseruko, muri Afrika yo hagati, ubu naho hiyongeyeko abo muri Ukrene. Imiryango yaruguruye amarembo kugira bahe ikibanza iyindi miryango iriko irahunga, imibano nayo yarakiriye n’umutima mwiza igitigiri kinini c’abakenyezi n’abana kugira babereke ko bagifise iteka.

Ariko uko izo ndyane zibandanya, ni ko n’ingaruka zazo zibandanya ziba mbi ukuruta. Abantu babakira barafise ingorane zituma badashobora kubandanya babakira no kubafasha ;  iyo miryango n’iyo mibano batanguye kwumva ko baremererewe cane n’ivyo bihe birengeye ugutabara gusanzwe. Ni co gihe co kudacika intege no gusubirana rya shaka rishasha. Ico twatanguye tubwirizwa kukirangiza dufise iryo shaka.

5. Gufatana mu nda ni : ugusangira bike dufise n’abataco bafise kugirango ntihagire umuntu numwe agorwa. Uko umutima wo kubana neza no gusabikanya utera imbere ni ko n’ugufashanya bitera intambwe.

Bisubiye, turategerezwa kumenya ko muri iyi myaka iheze, hariho mu bihugu bitari bike imiryango myinshi yashikiriye urugero rwo hejuru mu kubaho neza. Ni intambwe yakomotse mu bwira bw’abantu no mw’ishingwa  ry’amategeko meza yashigikiye iterambere ry’ubutunzi, hamwe n’inyigisho zunganira indiganizo yerekeye imiryango  n’ukwitwararika imibano. Abamaze gushika ku rugero rushimishije mu vy’umutekano no mu vy’intwaro bashobora kubisabikanya n’abo bateshejwe izabo n’ibihugu vyabo bagahunga kugira barabe ko boba barabayeho. Nk’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu n’ivyicaro vya politike, niduharanire uwo muhamagaro wo kubungabunga imigenzo myiza yo kwidegemvya, yo kwitwararika ivyo dushinzwe, y’umuvukano no gushigikirana. Nk’abakristu, ni tuvome mu rukundo, mu kwemera no mu kwizigira  ingene tubaho n’uko dukora.

6. Biraboneka ko umutumwa Paulo adashaka guhatira abakristu ku gikorwa c’urukundo. Na none handitswe ngo « Si ibwirizwa nshinze » (2 Co 8,8). Ahubwo ashaka kubibutsa umwete w’abandi kugira urukundo rwabo rube urw’ukuri mu kwitwararika no mu kwakira amaborogo y’aboro (cfr ibid.). Ico Paulo yishimikije mu vyo asaba ni imfashanyo ikenewe kandi iboneka, mugabo icipfuzo ciwe gishika kure. Aratumirira kwegeranya imfashanyo ngo ibe ikimenyetso c’urukundo, nk’uko Yezu Kristu we nyene yabishingiye intahe. Mu ncamake, umutima w’urukundo werekeye aboro wamuka muguhitamwo Umwana w’Imana yigize umworo .

Umutumwa rero, ntatinya kwemeza ko ukwo guhitamwo Kristu, « ukwo kwiyambura vyose » ari «  inema y’Imana » ikaba kandi « umwidegemvyo w’Umukama wacu Yezu Kristu » (2 Co 8,9), ni mu kumwakira gusa dushobora guha insiguro ifadika kandi itumbereye ukwemera kwacu. Inyigisho dukura mu Bwuzure bushasha iranywana kandi n’Ijambo ry’imana dusanga mw’ibaruwa ry’Umutumwa Yakobo : « Nimube abarangura ijambo, ntimube abaryumva gusa mwibesha, kuko uwumva iryo jambo ntarikore, ameze nk’umuntu arabira mu cirore isura yavukanye, amaze kwiraba akagenda, ubwo nyene agaca yibagira uko yasa. Ariko uwuzigama rya tegeko ribushitse ritugira abidegemvya akaryihambirirako, ntamere nk’uwuryumva agaca aryibagira, ariko akaba uwurirangura, uwo aba ahiriwe muvyo akora. » (Jc 1, 22-25)

7. Imbere y’aboro ntiturondera kuvuga amajambo menshi, ariko dutegerezwa kwihatira gushira ukwemera kwacu mu ngiro, umwe wese atarondera gutuma uwundi. Rimwe na rimwe ubunebwe burashobora kudutera bugafata ikibanza ca mbere, bigakwega inyifato zitabereye, nk’ukwirengagiza aboro. Birashobora gushika kandi ko abakristu bamwe bamwe kubera umunoho w’amafaranga, bakoresha ibitari vyo itunga ryabo. Bikerekana ukwemera  n’ukwizigira guke kutabona intumbero. Turazi ko ikibazo atari ayo mafaranga ubwayo, kuko arafasha cane umuntu mu kubaho kwiwe kwa misi yose no mukwunga ubucuti mu kibano.

Ico tubwirizwa gushingirako ivyiyumviro, ni ugutegera agaciro k’amafaranga : ntashobora kuba ikigirwamana  nk’uko womengo ni yo aha ihangiro ubuzima bw’umuntu. Ukwo kwumira ku mafaranga bibuza kubona ukuri kuri mu buzima bw’umuntu, kugahuma amaso kugira umuntu ntabone ico abandi bakeneye. Nta kindi kintu kibi gishobora gushikira umukristu canke umubano coza kiruta kugira ubutunzi ikigirwamana gikwegera  mu ntumbero y’ubuzima bubi. Ico tubwirizwa kumenya ni uko ugufasha aboro atari ukugumiza mu ngendo yo gutega amashi nk ‘uko ahenshi babikora ; ahubwo ni ukwiyemeza ko ata muntu yotuburana ico akeneye. Si ibikorwa bica mu kwirukanga bikiza, ariko ukwiyemeza kuvuye ku mutima w’urukundo utuma twegera umworo nk’ umuvukanyi ateze iminwe, ankura mu nyifato yo kuba sindabibazwa narimwo. Nico gituma « ata muntu yokwubahuka kuvuga ko ari kure y’aboro kuko uguhitamwo ibindi bigize ubuzima bwiwe bimushikana kwitwararika n’ibindi.

Ivyo bikunda gushika cane cane mu bari mu mashure, mu mashirahamwe canke mu buzi ubwo aribwo bwose, mbere no mu nzego z’amashirahamwe nyene y’Ekleziya […]. Nta muntu yoshobora kwigira sindabibazwa mu gikorwa co kwitwararika aboro n’ugutsimbataza ubutungane mu mibano » ( Exhort.ap. Evangelii gaudium, n. 201). Birihutirwa gutora intumbero nshasha irengeye iringanizwa ry’ibikorwa  n’imigambi yo gufasha aboro batabagishije inama, kenshi idatumbera abo boro, canke naho ngo babashire mu nteguro y’ imigambi ihuza abantu bose (Fratelli tutti, n.169). Ahubwo nyabuna ni ugufata ingendo y’umutumwa Paulo yandikiye Ekleziya y’i Korenti : « Erega abandi ntibotora mitende namwe ngo mugwe mu bukene ; ariko ikibwirizwa ni ukungana » (2 co 8,13).

8. Hariho ibintu bigoye kwemera, uno musi nko muri kahise, kuko bitinjira neza mu bwenge bwa muntu  : hari ubworo bushobora kuvyara itunga. Mu kwibutsa inema ya Yezu Kristu, Paulo ashaka gushimangira ico wenyene yigishije ko ubutunzi nyabwo atari ukurundarunda amatungo kw’isi aho umuswa n’ingese biyayogeza, aho ibisuma bimena kandi bikiba» (Mt 6, 19), ariko riri mu rukundo magiriranire rufasha gutwazanya imitwaro, kugira ngo ntihagire n’umuntu n’umwe aba ruhebwa canke ngo akumirwe. Amagara make n’intege nke twabayemwo muri iyi myaka iheze, ubu naho tukaba turi mu magorwa y’indwano n’ingaruka mbi zayo zikwira isi yose, birategerezwa kutwigisha ikintu shimikiro : ntituri kw’isi kugira ngo twibereho gusa, ariko tuhari kugira umwe wese aronke ubuzima bw’iteka kandi buhimbaye. Inyigisho ya Yezu iratwereka inzira kandi ikadufasha kubona ko hariho ubworo butetereza kandi bwica, ariko ko hariho kandi n’ubundi bworo, nka bumwe bwa Yezu nyene bubohora kandi butuma umuntu yiyumva agatekana ku mutima.

Ubworo bwica,  ni amarushwa avuye ku karenganyo, gafatiye kukugira umuntu igikoresho, ku midurumbanyo, no mu kudasabikanya mu butungane itunga rusangi. Ni ubworo bushingiye ku kwihebura, ata kazoza ubona imbere kubera bushimikiye ku mico yo kugira umuntu intabwa atababona iyo ava niyo aja. Ni amarushwa atuma umuntu aba ntahonikora birenze urugero, gushika vyonone umutima wiwe, naho kenshi tuvyirengagiza birabaho. Iyo rero intumbero y’ubuzima ibaye gusa iyo kwironderera inyungu, nta kibuza ko umuntu acika igikoresho c’abandi. Agahembo kabereye, amasaha y’akazi ntibiba bikibayeho ; hagaca havuka ubwoko bushasha bugira abaja abantu batagira ayandi masaganirizo, bakabwirizwa kwemera ako karenganyo kabishe kugira bashobore kuronka n’utwo duke dutuma baba baramaze kabiri.

Ubworo bubohora nabwo, ni burya buza imbere yacu nk’uguhitamwo ku gushaka kwawe bikagufasha kwihatira ku kintu nyamukuru nkenerwa wahisemwo. Mu vyukuri, urumva ko hari ico ubura, abantu bagategera ko hari igikomeye babura, bagenda barondera batabona iyo baja. Baguma bipfuza icobamara inyota, barakeneye rero ko hagira umuntu abarangira ahari abantu batobato, abantu ba ntantege, aboro kugira bashobore gutahura ico bakeneye vyukuri. Guhura n’aboro biratuma umuntu avavanura n’umubabaro mwinshi hamwe n’ubwoba yari afise ataho bufatiye, bigatuma ashikira ikintu ngombwa mu buzima kandi atamuntu ashobora kumukurako : urukundo rw’ukuri kandi rutarondera akunguko. Mu vy’ukuri, aboro, imbere yuko baba abo duhamagariwe gufasha kubafasha, ni abantu badufasha kwibohora imigozi y’ibiduhagarika umutima no kuba abantu b’akazuyazi.

Umusaserdoti akaba n’umwigisha w’Ekleziya, Yohani krizostome mweranda, mu nyandiko ziwe ariyamiriza ashimitse inyifato itabereye abakristu berekana imbere y’aboro . Yandika ati « Ni mwaba mutemera ko abworo buvyara itunga, ibuka Umwigisha Mukuru wanyu, ntimuzosubira gukekereza. Kuko iyo atigira umworo ntimwari kuba abatunzi. Igitangaje mugabo, ko ubworo bwongereza itunga!  N’aha dutegera ijambo « itunga » Paulo avuga ko ari ubumenyi mu vy’ukwemera, gutyororwa ibicumuro vyacu, ubutungane, ugutagatifuzwa n’ibindi vyiza vyinshi Imana yaduhaye » (Homélies sur la deuxième lettre aux corintiers, 17, 1).

9. Ibaruwa fatiro ry’umutumwa Paulo kuri uyu musi mpuzamakungu ugira gatandatu w’aboro rirerekana ikinyegezwa kiri mu buzima bw’ukwemera : ubworo bwa Kristu buradutungisha. Niba Paulo yarashoboye gutanga iyo nyigisho, Ekleziya nayo ikayisamiriza hama ikayigisha uko imyaka yagiye irakurikirana, niho twotegerera Imana, mu Mwana wayo Yezu, yahisemwo yongera akurikirana iyo nzira. Niba yarigize umworo kubwacu, ubuzima bwacu bwaramurikiwe bwongera burahinduka, buronka kandi agaciro isi itazi kandi idashobora gutanga. Itunga rya Yezu ni urukundo rwiwe rwugururiwe bose, rwakira bose rudacagura cane cane  abo bose bitwa intabwa batagira ikibafasha . Kubw’urukundo, yigize ubusa afata kamere y’abantu. Ku bw’urukundo yaragamburutse gushika apfe kandi urupfu rwo ku musalaba (Ph 2, 6-8). Kubw’urukundo yarihinduye « umukate w’ubuzima» (Jn 6, 35), kugira ntihagire umuntu numwe abura ico akeneye ariko aronke imfungurwa y’ubuzima budahera. Hanyuma no muri iki gihe, biraboneka ko bigoye kwakira iyo nyigisho nk’uko vyagendeye abigishwa ba Yezu(Jn 6, 60) ; ariko ijambo rya Yezu riratomoye. Nitwaba dushaka ko ubuzima butsinda urupfu kandi ko iteka ry’umuntu rizira akarenganyo ryubahirizwa, inzira ni iya Yezu : ijanye no guca mu makanda y’ubworo bwa Yezu mu gusangira ubuzima mu rukundo, mu kumanyura no mu gusangira umukate w’ubuzima  nk’abavukanyi, duhereye kubo dukumira, abatagira ivya nkenerwa, kugirango twerekane ko tunganya iteka, kugira abakene baremururwe amagorwa, abatunzi nabo babohorwe umutima w’ubwishime, kuko bose bituma bihebura.

10. Igenekerezo rya 15 z’ukwezi kwa Rusama guheze, narashize mu Beranda Furera Karori Foucauld, umuntu yavutse ari umutunzi, yahevye vyose kugirango akurikire Yezu araheza ahinduka umworo nka Yezu, yigize umuvukanyi wa bose. Ubuzima bwiwe bw’umuhangamana, ubwa mbere yabayemwo i Nazareth hanyuma mu bugaragwa bwa Sahara, mu gacerere, mu gusenga no mu gusabikanya ni akarorero k’ubworo bukristu. Vyotuberavyo tuzirikanye aya majambo : ntitugasuzugure aboro, abantu batobato ; kubera atari abavukanyi bacu gusa mu Mana, ariko ni bo kandi bazi  kwisunga neza Yezu mu biboneka mu buzima : baturangira Yezu uwo ari we, Umukozi w’i Nazareti. Ni bo mfura mubatowe, abambere bahamagawe mu bwami bw’umucunguzi. Nibo bagendanyi  bamanye  na Yezu kuva akivuka gushika apfe. Tububahe, twubahe muri bo agashusho ka Yezu n’ak’abavyeyi biwe beranda [...]. Nidufate akaranga yafashe we nyene […]. Ntiduhengeshanye na rimwe kuba aboro muri vyose, abavukanyi b’aboro, abagenzi b’aboro, twicishe bugufi mu kwigira aboro nya boro nka Yezu,  kandi nka we tube abagenzi b’aboro, tubakunde twongere tubabe hafi » [1]. Mu ciyumviro ca Furera Karori, ntiyabaye amajambo gusa, ariko yabaye ingendo ifadika yafashe y’ubuzima imushikana k’ugusangira na Yezu ingabirano nyene y’ubuzima.

Twipfuza ko uwu musi mpuzamakungu w’aboro ugira 6 wotubera akaryo ko kugabana inema yodufasha kwisuzuma, kuri umwe umwe no ku muryango wose w’Ekleziya, turaba y’uko ubworo bwa Yezu ari ingendo yacu ya misi yose.

 

 

Bigiriwe i Roma, i Laterano, kw’ igenekerezo rya 13 Ruheshi,

umusi duhimbarizako Umweranda Antoni w’i Paduwa.

 

Fransisco