INYIGISHO Y’ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI KU MUSI W’IMANA UGIRA GATATU WA PASIKA
« Yezu araza, ahagarara hagati yabo, ababwira ati : ʺNimugire amahoro !‶ »
(Lk 24,36)
Ku musi w’Imana ugira gatatu wa Pasika, Abungere b’Ekleziya Gatolika y’i Burundi barashikirije abakristu bose n’abo bose Imana ikunda bakayikundira nyigisho ibahamagarira kwakira mu mitima yabo, mu ngo zabo, mu mibano no mu mabanga yabo ya misi yose amahoro twagabiwe na Yezu yazutse: “Nimugire amahoro’’ ( Lk 24 , 36). Baboneyeho kudoma urutoke ku bintu twoshira imbere kugira ngo ayo amahoro ya Yezu adusage: Gutsimbataza umwizero mu ntwaro iha ijambo igatunganiriza bose, gukomeza inagurwa ry’urwego rw’ubutungane,gutsimbataza umutekano ukingira ubuzima bwa zina kiremwa muntu no kubandanya twitaho ikibazo c’ubukene mu benegihugu. Imbere yo gusozera baramenyesheje ko ku wa 09/05/2025 Umuvyeyi wacu Papa Fransisko azokugurura icese umwaka wa Yubire y’imyaka 2025 y’Ekleziya.
1.Bavukanyi dusangiye ukwemera, na mwe mwese Imana ikunda mukayikundira,Twebwe Abungere b’Ekleziya Gatolika, turabipfurije amahoro Umukama wacu Yezu Kristu yaduciriye, mu gutsinda urupfu kw’i Pasika. Itsinzi ya Pasika ni intsinzi y’ubuzima ku rupfu, intsinzi y’urukundo ku rwanko, intsinzi y’ukuri ku kinyoma, intsinzi y’ineza ku nabi.
2. Yezu amaze kuzuka, yaramaze igihe aza arabonekera abigishwa biwe kugira abakomereze ukwemera, na kare ubutumwa bwari bwamuzanye bwategerezwa kubandanywa n’abo bigishwa. Igihe cose ababonekeye, indamutso yama ari ya yindi, ati: “Nimugire amahoro!” Yezu yabipfuriza amahoro abasanze ku kivi cabo ca misi yose, aho baba bariko bararonderera ikibatunga. Yarabasanga n’aho bakoraniye batekewe n’ubwoba, batinya ko na bo nyene babaziza ukumukurikira.
3.Bakristu dukunda, mbega uyu musi turakeneye amahoro ? Ni ibiki bitubuza gutekanirwa mu mitima yacu, mu ngo, mu kibano no mu gihugu ? Kunde dusubire tuzirikane iyi ndamutso y’amahoro ya Yezu Kristu yazutse, tuhakure n’ingingo twokwishingira kugira ngo twebwe n’igihugu tubamwo tuzukane na Yezu[1].
I. Indamutso y’amahoro ni indamutso ihumuriza igakomeza ukwemera
4. Iyi ndamutso ya Yezu Kristu irumvikana umuntu yibutse ivyari vyabereye i Yeruzalemu, maze agakubitiza agatima ku rubanza rwa Yezu, ku nzira y’umusaraba no ku rupfu rwiwe ku musaraba. Umwizero wose w’abatumwa n’abandi bigishwa wari wayonze nk’uko tubibona muri ya nkuru y’abigishwa b’i Emawusi[2]. Imitima y’abigishwa yari yahababutse. Vyari nkenerwa ko ahaciye intuntu, amaganya n’ukwihebura hasubira gutunganywa igikorwa co kuremesha imitima. Yezu yazutse, yamaze imisi abonekera abigishwa biwe abazaniye umwizero mushasha. Yaza abugururira amaso n’umutima ngo bahindure ukuntu bahora babona Imana n’ihangiro baha ubuzima bwabo. Izuka ryiwe ryaje nk’umushinge mushasha wo kwubakirako ubuzima.
5.Iyo ndamutso y’amahoro ya Yezu izana umwizero mushasha. Ishikana amahoro y’Imana mu mitima y’abatumwa n’abigishwa kuko batahura ko muri Yezu Kristu Imana yatsinze ibintu vyose bifutanya ubuzima bwa muntu gushika ku gicumuro n’urupfu. Iyo ndamutso y’amahoro isubira kurema gushasha ingabirano y’ukwemera. Yezu yararungikiye Mutima Mweranda abigishwa biwe kugira aremeshe imitima yabo, baheze babone ko umuntu afise iyo ava n’iyo aja; aho na ho hakaba ari ku Mana. Amaso y’abigishwa amaze kwuguruka kubw’ububasha bwa Mutima Mweranda, baciye biyumvamwo ubutumwa bwo gushikana ayo mahoro ya Yezu mu bantu bose, harimwo n’abari bigize abansi biwe gushika n’aho bamubamba ku musalaba.
II. Indamutso y’amahoro ni indamutso iremesha ikerekeza kuri kazoza
6.Turakenera iyo ndamutso y’Imana ituremesha mu kwemera, na cane cane iyo turi mu bihe bisimbisha umutima, hamwe twumva umengo inabi iriganje : ikinyoma, akarenganyo, urwanko, ubwicanyi n’ubundi bubisha bigasasirwa indava. Hari igihe tumera nka ba bigishwa babiri b’i Emawusi, tukihebura, tugatakaza umwizero mu migambi twarimwo turiko turaharanira kazoza, tukarondera iyo tuja kunyegera ngo tube turikinze urupfu. Ni mu gihe nk’ico Yezu yazutse atwiyegereza, akaduherekeza mu rugendo turimwo, agasubira kudufasha gutahura urukundo rw’Imana yigize umuntu, maze Yezu Kristu agaca mu vyo twese ducamwo kugira ngo atwereke ko tworema kuko Imana ari yo ifise intsinzi irama, yo ishobora no gutsinda urupfu. Muri Yezu Kristu, turabona ko Imana idashobora guheba intungane yayo. Tumaze gutahura ukuri kw’Imana, duca tubona ko urupfu rudashobora gutsinda ubuzima, ko ikinyoma kitotsinda ukuri, ko urwanko rutonyikiza urukundo. Iyo ndamutso ngo “Nimugire amahoro!” ni yo ihuza imyitwarariko y’ubuzima twaciyemwo bukadusigarana ibikomere n’imvune hamwe n’umwizero Yezu yazutse atuzanira ngo duhangare kazoza turemye.
III. Indamutso y’amahoro ni indamutso Abarundi n’ababa mu Burundi dukeneye
7.Kuri twebwe abemera Kristu turi mu mirimo itandukanye mu buzima bw’igihugu, birabereye ko twibuka kandi tukibutsanya ko Pasika ijanye n’inaguka ry’ubuzima mu mice yose y’ubuzima bw’umuntu n’ubw’igihugu. Intsinzi ya Yezu Kristu nitubere umwambiro mushasha, twemere kwiyambura wa muntu wa kera[3], tube bashasha muri Kristu yadupfiriye ngo atunywanishe n’Imana yongere atunywanishe nk’abavukanyi. Imana ni yo Dawe wa twese adusaba na ntaryo kubana nk’abavukana bamukomokako, ata n’umwe avuyemwo.
8.Ngaha mu Burundi, ihimbazwa ry’iki gihe ca Pasika rihuriranye n’uko igihugu cacu kiriko kirarondera kwubakira ku kuri, mu kurondera ugusubiza hamwe n’ukurekuriranira. Ni igikorwa gisaba ubwitonzi n’umutima w’urukundo. Twipfuza gukomeza umwizero ushingiye ku ngendo y’amahoro no gusubiza hamwe dufatiye no ku makuba Uburundi bwagiye buracamwo. Dusanzwe turiko turanegereza amagenekerezo imigwi itari mike y’Abarundi yibuka ababo bagiye barahitanwa n’ivyo vyago Uburundi bwagiye buracamwo. Iki gihe gihuriranye kandi n’uko turiko turitegurira amatora yo mu mwaka uza w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na gatanu. Ni igihe ciza rero co gusubira kunagura ubuzima, twisunga inzira Yezu Kristu yaduciriye n’akarangamutima gashingiye kuri ayo mahoro. Twebwe abemera Yezu Kristu yapfuye akazuka, turategerejwe gutanga intererano yacu kugira ngo amahoro ya Kristu abe ari yo dushira imbere. Ni muri iyo ntumbero twagomba tugaruke ku bintu bine bijanye n’ibihe turimwo twosaba ko bimurikirwa n’akarangamutima gashingiye kw’Ijambo ry’Imana.
Ica mbere: Gutsimbataza umwizero mu ntwaro iha ijambo igatunganiriza bose
9.Muri kahise k’iki gihugu cacu, turazi ukuntu Uburundi bwaguye kenshi mu kaga bivuye ku gatima ko gukumirana n’ukwikwegerako ubutegetsi bwose. N’ubu tugumana umwitwarariko, kuko hibonekeza ibimenyetso vy’uko hariho abipfuza intwaro yotugarukana ku ndinganizo ishingiye ku mugambwe umwe. Birakenewe rero ko hatsimbatazwa intwaro iha ikibanza imigambwe yose, harimwo n’iyidahuje ivyiyumviro n’uwuri ku butegetsi, gurtyo Abarundi bose bagashobora gushikiriza iryo bafise ku mutima no mu bimenyeshamakuru vy’igihugu, bagatunganya amanama bakurikije amategeko, ata kuburagizwa. Gutunganya amanama n’ugushikiriza icese ivyiyumviro ntibihagije, mu gihe Abarundi batoba bafise umwidegemvyo wo gutunganya ukuntu baja hamwe bakiteza imbere bateza imbere n’itunga rusangi. Ivyo bishizwe mu ngiro, ni ho twoba turiko turitegurira neza amatora twimirije kugira ngo abe amatora atawe akumira, akorewe ahabona kandi mu mwidegemvyo, ibiyavuyemwo bikemerwa ata gahigihigi.
10.Amajambo n’ingingo zishingwa ntibishirwe mu ngiro bituma abenegihugu batizera inzego, na cane cane ko abashinzwe amabanga badaheza ngo baze barashikiriza icese ingene bariko bararangura amabanga bashinzwe n’ivyo bariko barashikako. Ko Leta yashimye kwitwa « Leta Mvyeyi », yotsimbataza ako karangamutima gute idashoboye kwumviriza n’ugutunganiriza bose, kugira ntihahave haba bamwe bumva ko bakumiriwe ? Mu gihe abatari kumwe n’umugambwe uri ku burongozi bw’igihugu bafatwa nk’abansi maze ntibashobore n’ugushingwa amabanga ngo baronke akazi kandi babifitiye ubumenyi n’ubushobozi, biraheza bikagorana guharanira itunga rusangi. Birakenewe rero ko Abarundi basubira kuganira neza ingene intwaro yoha ijambo bose, igatunganiriza bose, gurtyo ikagenda iremesha umwizero mu burongozi.
Ica kabiri : Gukomeza inagurwa ry’urwego rw’ubutungane
11.Abarongozi b’igihugu, uhereye ku Mukuru w’igihugu, ntibasiba gushikiriza ingaruka mbi z’ukudahana. Uko ukudahana kwimonogoza, ni ko abanyagihugu bata umwizero mu rwego rw’ubutungane, maze bakagenda bacika intege, bakihebura, bagatangura kugomba kwihanira, ugasanga baraguye no mu vyaha bikomeye. Hariho rero n’abacamanza canke abandi bo mu bisata vy’urwego rw’ubutungane bafitiye ubwoba umutekano wabo, kubera igitsure ca bamwe bamwe mu bategetsi, maze bagahava bemera guhemuka kw’ibanga aho guhagararira ukuri n’ingingo.
12.Ikibazo c’ubutungane kiranafatiye no ku kuntu amabanga n’akazi bitangwa n’inzego za Leta. Turumva abantu batari bake bidoga ko mw’itangwa ry’akazi hatarabwa ubumenyi, ubukerebutsi, ubuhinga n’ubushobozi, ariko ko harabwa cane cane umwete wo gukorera umugambwe uri ku butegetsi canke ugutanga ibiturire. Ivyo bituma irangurwa ry’imirimo umuntu ashinzwe ridafatira ku bumenyi, ubukerebutsi n’ubushobozi, ivyo vyose bikagira ingaruka ku mwimbu, ugasanga igihugu giha agahembo ibinebwe n’abariko baragisahura, maze ukurya igiturire kukagenda kwimonogoza.
13.Birabereye ko indongozi be n’abajejwe ubutungane ku nzego zose, bava hasi bagakora, kugira ngo Umurundi eka n’uwuba mu Burundi wese atunganirwe, uwarenganijwe arenganurwe, atekanirwe mu biwe no mu vyiwe. Nkako nk’uko twabivuze, uko kwose habaye akarenganyo ntigahanwe, ni ko agahinda n’umwikomo bikomera mu bantu bigahava bivyara induru n’indwano.
Ica gatatu: Gutsimbataza umutekano ukingira ubuzima bwa zina kiremwa muntu
14.Umutekano ni itunga rihambaye ku muntu uwari we wese. Kwumva mu gihugu cacu hakiriho abantu bicwa bunyamaswa canke bakagenda amazimayongo kubera politike canke izindi nyungu izo ari zo zose, ni ibintu biteye agahinda. Tuboneyeho akaryo ko gusubira guhoza ababuze ababo mu bihe bishize. N’iyo umuntu yoba afashwe n’inzego zibijejwe, bitegerezwa gukorwa hisunzwe amategeko, umuntu agapfungirwa ahantu hazwi kandi hashobora gushikwa n’abo mu muryango wiwe.
15Gucungera umutekano muri ya ndinganizo y’inyabune ni nkenerwa mu gihugu. Ariko inzego z’umutekano zibwirijwe kwumva ko ari zo za mbere zishinzwe gukingira abenegihugu n’utwabo.
16.Ntitwovuga ivy’ugutsimbataza umutekano ngo tureke gutera akamo abantu bagifise iciyumviro co gusesa amaraso y’abantu bitekaniye, ivyo bakabigira nk’uburyo bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo canke guharanira ivyicaro vya politike. Turahamagariye uwo wese yoba afise ako gatima gutumbera inzira zubaka igihugu zubahirije ubuzima bw’umuntu n’agateka kiwe, hagakomezwa ibiganiro n’ukuja inama n’ingingo.
Ica kane : Kubandanya twitaho ikibazo c’ubukene mu benegihugu
17.Turashima ko inzego z’igihugu zikora uko zishoboye ngo umwimbu mu burimyi n’ubworozi ugende wiyongera. Mugabo biraboneka ko ubutunzi bw’igihugu butarifata neza. Nkako, iduga ry’ibiciro, ifaranga ry’Uburundi ribandanya rita agaciro, ukubura kw’ibitoro n’ibindi bisumwa nkenerwa mu buzima bwa misi yose, ubushomeri, biri mu bintu bituma abantu batari bake baba mu bukene kandi buguma bwiyongera. Birakenewe ko ikibazo c’ubukene kibandanya cigwa neza, maze inzira z’ukuva mu bukene zishikirijwe muri ivyo vyigwa n’ibiganiro zigashirwa mu ngiro, kandi hakaza harasuzumwa ingene ibintu biriko biratera imbere.
18.Kugira turonke amahoro mu mitima yacu, abantu bave mu mwiheburo, ni ngombwa ko itunga rusangi ricungerwa neza n’inzego zibijejwe, rigakoreshwa ku neza ya bose, abanyonozi bagasubiza ivyo bivye kandi bikamenyekana ko bafashe bagahanwa.
IV. Indamutso y’amahoro ni indamutso idutuma kuremesha amahoro n’umwizero
19.Bakristu dusangiye ukwemera, na mwe mwese Imana ikunda mukayikundira, n’uno musi Yezu Kristu arasubiriye kutubwira ati: “Nimugire amahoro!” Ni we kandi atubwira ati: “hariwe abaremesha amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana”[4]. Ko turiko turahimbaza Pasika, nidusubize itoto, niturushirizeho gukomeza igikorwa co kuremesha amahoro no gusubiza hamwe nk’abana b’Imana. Ico gikorwa na co kugira ngo kirame, gishingira k’ukuri, ubutungane, urukundo n’umwidegemvyo.
20.Dusabe rero Imana ibandanye ituba hafi mu bihe vyiza no mu bihe bigoye, itugire intwari mu kuremesha amahoro mu ngo zacu mu kibano, mu gihugu cacu, mu bihugu bigize kano karere k’ibiyaga binini, eka no kw’isi yose.
21.Ntitwosozera tutabamenyesheje ko Umuvyeyi wacu Papa Fransisko azokwugurura icese umwaka wa Yubile y’imyaka 2025 ya Ekleziya kw’igenekerezo ry’ 9 Rusama 2024. None turabatumiriye mwese kwinjira neza muri iyo Yubile no kuyihimbaza mu mwizero ukomoka ku ntsinzi ya Kristu Umwami w’amahoro.
22.Bikira Mariya Umugabekazi w’amahoro twaragije Uburundi, natubere mu ngoro, maze inema y’Umukama wacu Yezu Kristu, urukundo rwa Mana Data n’ingabirano ya Mutima Mweranda bihorane natwe muri ibi bihe vyose twimirije.
Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 21 ntwarante 2024
Abepiskopi banyu
Menya neza : Iyi nyigisho nisomwe kw’idominika ya 3 ya Pasika mu kibanza c’inyigisho y’umusaserdoti.
[1] Raba Abanyakolosi 3, 1.
[2] Raba Luka 24,13-35.
[3] Raba Abanyefezi 4, 22.
[4] Matayo 5, 9.
/