ALTARI N'ITABERENAKURO VYA PARUWASE KARUSI VYARASUBIRIYE GUHEZAGIRWA

ALTARI N'ITABERENAKURO VYA PARUWASE KARUSI VYARASUBIRIYE GUHEZAGIRWA

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18/5/2023, ku musi mukuru cane w'Iyurira mw’ijuru ry'Umukuma wacu Yezu Kristu, niho Musenyeri Bonaventura NAHIMANA Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya GITEGA, yishikira muri Paruwase KARUSI yitiriwe Umushaha mweranda wa YEZU, mu rugendo rw’ubutumwa aho yahereje Inkuka ya misa y’uwo musi.

Kuri uyo musi, hari hategekanijwe ko ahezagira Altari n'Itaberenakuro vyasubiwemwo gushasha kugira ku ruhimbi haguke; hari hategekanijwe kandi n’ibirori vyo kurungika icese mu butumwa umurwi w’iterambere.

Imbere yo gusigurira abakristu Ijambo ry'Imana, uyo Mwungere yabanje guhezagira ameza y'Ijambo ry'Imana. Mu nsiguro yaribukije igihugu c'Imana cari aho ko imibiri n'imitima yacu yamaze kuninahazwa kuko Yezu Kristu yuriye mw’ijuru. Hakurikiye kurungikwa mu butumwa abagize umugwi w'iterambere rya Paruwase bari mu migwi itandukanye ariyo yiyi: uburimyi n'ubworozi, indero, amagara meza, uburaro bwiza, ibidukikije, ubutungane n'amahoro. Ibirori vyo guhezagira bikaba vyarangijwe n'uguhezagira Itaberenakuro.

Inkuka y'imisa irangiye hakurikiye agatutu ahashikiririjwe amajambo atari make!  Mu bafashe amajambo hatanguye Patiri mukuru wa Paruwase KARUSI; hakurikira uwurongoye inama nkuru ya Paruwase; hanyuma uwurongoye umugwi w'iterambere wari uhejeje kurungikwa, mw’ijambo ryiwe akaba yamenyesheje ko hari igitabu c'imigambi y'imyaka itanu bagiye kwandika. Amajambo yasozerewe n’iry’Umwungere mukuru. Nka bose bakaba barashimye cane ihinyanyugwa rya Paruwase KARUSI.

Tubamenyeshe ko ivyo birori vyari vyatewe iteka na buramatari w'Intara ya KARUSI hamwe n’uwuserukira igihugu cacu muri Amerika.

Juvenal HAVYARIMANA na Grégoire RUSUKU