PARUWASE RUSAMAZA: ABORO NI BO TUNGA RY'EKLEZIYA

PARUWASE RUSAMAZA: ABORO NI BO  TUNGA RY'EKLEZIYA

Abakristu ba Paruwase Rusamaza yo muri Diyoseze Nkuru ya Gitega, barifadikanije n'ayandi maparuwase mw'ihimbazwa ry'umusi mpuzamakungu wahariwe aboro. Hari kw'igenekerezo rya 19/11/2023.

Aboro baregeranirijwe ku bisata bine bigize iyo Paruwase: Rusamaza, Bihembe, Gasenyi na Kayogoro baragirirwa umusi mukuru; 32 muri bo  bararonswa amakarata yo kwivurizako.

 

Paruwase Rusamaza yararonkeje abakene imbuto n'umwavu mu gihe c'irima. Twibutse ko muri iryo ci riheze Caritas RUSAMAZA yubakiye aboro inzu 13, umunani zisakajwe n'amabati izindi amategura. Yarongeye isanura n'izindi 3. Abari bitavye urwo rubanza barakengurutse ukuntu umuryango ubashigikira.

Twibukanye ko urukundo dufitaniye ari rwo ruzoturanga ko turi abana b'lmana. Yezu nawe ati: “Nagenda gusa muranyambika, nari nshonje murampa ico ndya”.  Ababikoreye abandi babaye abatoni ba Data baraheza bagabana ubwami bw'lmana (raba Mat 25, 31-41).

Innocent Ndihokubwayo