UMUKURU W’IGIHUGU YARAYE AGABIYE PARUWASI GITONGO INYANA Y’INKA YITWA «YABUKI»

UMUKURU W’IGIHUGU YARAYE AGABIYE PARUWASI GITONGO INYANA Y’INKA YITWA «YABUKI»

Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE, Umukuru w'Igihugu cacu, aserukiwe n’intumwa yiwe umushingantahe Eliya MANIRAKIZA, kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2023, yarashikirije Paruwasi GITONGO inyana y’inka yitwa YABUKI.

Patiri mukuru w’iyo Paruwase yari asanganywe ubugenzi na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu mw’ishingwa rya Kaminuza y’ubuhinga ya GITEGA, kubera bari basangiye umurwi mw’itegurwa ryayo. Ubwo bugenzi rero buri burame buteko bunarangukire muri iyo ngabire.

Umugenzi w’umugenzi wawe aca ahinduka ubwo nyene umugenzi wawe. Nico gituma iyo ngabire yahawe Paruwase, ikakirwa na Patiri mukuru wayo Ignace MBONINYIBUKA ari kumwe na komite y'Inama nkuru ya Paruwasi, bituma abakristu bose b’iyo Paruwasi baba abagenzi ba Nyenicubahiro. Kw’izina ry’abo bakristu rero, patiri mukuru yarashimye bimwe vy’imvamutima iyo ngabire kuko igaragaza ko Nyenicubahiro abahetse ku mutima.

Twobamenyesha ko patiri mukuru yaciye agirako atanga umuhezagiro kuri Nyenicubahiro no kubashoreye iyo ngabire. Mwomenya kandi ko iyo Paruwasi yimirije guhimbaza yubire y'imyaka 100 mu mwaka wa 2033, ikaba yaramaze gutangura gusanura inyubakwa zimwe zimwe mbere ikaba igiye gutangura isengero.

Claver GATOGATO