IMPUNDU Y’INDAGANO MU BABIKIRA-BAHANGAMANA BENE DOMINIKO B’I RWEZA

IMPUNDU Y’INDAGANO MU BABIKIRA-BAHANGAMANA BENE DOMINIKO B’I RWEZA

« Abihebeyimana bagira indagano z’ubugamburutsi, ubworo n’ubwerentegerwa, ngo bakomeze muri bo kandi basasagaze ivyamwa vy’ibatisimu » (Musenyeri Joriji Bizimana).

Kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 30 rusama 2020, kari akanyamuneza mu kigo c’Ababikira-Bahangamana bo mu muryango w’abigisha b’Ijambo ry’Imana (Bene Dominiko). Ico kigo kiri muri Paruwase ya Gashikanwa, muri Diyoseze ya Ngozi. Inkuka y’imisa yari irongowe n’Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ngozi, Musenyeri Joriji Bizimana, ahagatiwe n’abafurera Bene Dominiko, abasaserdoti baje bava irya n’ino, abihebeyimana hamwe n’abakristu bagizwe cane cane n’Abanyagashikanwa, abaryango n’incuti z’ababikira bari baramutse bitura Imana mu ndagano za mbere n’iza burundu.

Mu kwitsa Ijambo ry’Imana ry’uwo musi (Ukwibutsa Amategeko 7,6-11; Zabuli 102; Matayo 11,25-27), Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi, yaribukije abari aho insiguro n’iteka vy’ukwihebera Imana ati : « Ibanga ry’ukwihebera Imana rirahambaye, kandi riragoye gutegera, kuko ridategerwa n’abanyabwenge, nk’uko na Yezu abivuga, ariko ritegerwa n’abari n’umutima wicisha bugufi, bakākīra iry’Imana nyene nk’ibitazi. Hambavu y’ubunywanyi abakristu bose bagiriranira na Yezu Kristu mw’ibatisimu, abihebeyimana bo, mu miryango itandukanye ku bw’akarangamutima n’ingabirano zitandukanye Umukama acisha ku bayishinze n’abayinjiramwo, bagira indagano z’ubugamburutsi, ubworo n’ubwerentegerwa, ngo bakomeze muri bo kandi basasagaze ivyamwa vy’ibatisimu. Baraheza bakabera akarorero n’abandi mu kwimatura ku vy’isi kuko itunga ryabo riri mu Mana, bakirinda ivyo vyose bihenda amaso, hamwe n’ibiyago bitabubakira umutima, gutyo bakaba ibimenyesto bizima bifasha gutegera ko ubuzima bwacu budaherera kw’isi ».

Abagize indagano za mbere z’imyaka itatu ni Novisi Espérance Kwizera avuka muri paruwase Gashikanwa (Diyoseze Ngozi) yaciye atorana izina rya Mama Espérance w’Umushaha Mweranda wa Yezu mu kugira indagano, Novisi Marie-Ange Tuyisenge avuka muri paruwase Masanganzira (Diyoseze Muyinga) yabaye Mama Marie-Ange, na Novisi Patricia Niyonkuru nawe avuka muri paruwase Kiremba (Diyoseze Ngozi) atorana izina rya Mama Patricia w’Umuryango Mweranda. Mama Consolata w’Umushaha utatyoye wa Bikira Mariya avuka muri paruwase ya Rubungu (Diyoseze ya Ngozi) nawe yagize indagano burundu, yemerera Imana, Bikira Mariya, Dominiko Mweranda, Umukuru w’Umuryango w’Abigisha b’Ijambo ry’Imana hamwe na Mama Mukuru w’i Monasteriyo Mugabekazi w’Amahoro ko azokurikiza amategeko ya Agostino Mweranda hamwe n’amabwirizwa yagenewe Ababikira-Bahangamana wo mu muryango w’Abigisha b’Ijambo ry’Imana (Bene Dominiko) ubuzima bwiwe bwose.

Urwo rubanza rw’iteka rwasozerewe n’akanyamuneza k’ugusangira ijambo n’inzimano, aho abafashe amajambo bose bakengurukiye Imana kuri ivyo vyiza isangiza abayo, bongera bakeza abo bateye intambwe mu kugira indagano z’ukwihebera Imana.

 

Patiri Lamberto RIYAZIMANA

Igisata c’Ukumenyesha n’uguhanahana Amakuru                                                                                                 

muri Diyoseze Ngozi