UMWAKA W’UBUTUMWA W’2021-2022 MURI DIYOSEZE YA NGOZI UGIYE GUHARIRWA INGO N’IMIRYANGO

UMWAKA W’UBUTUMWA W’2021-2022 MURI DIYOSEZE YA NGOZI UGIYE GUHARIRWA INGO N’IMIRYANGO

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14/9/2021, muri Diyoseze Katolika ya Ngozi, ihimbazwa ry’Umusi Mukuru w’Ininahazwa ry’Umusaraba Mweranda ryahuriranye n’ukwugurura umwaka w’ubutumwa 2021-2022 muri Diyoseze. Inkuka y’imisa yaherejwe na Nyenicubahiro Musenyeri Joriji BIZIMANA, Umwungere wa Diyoseze, ku mutumba wa Mukinya, muri komine ya Ngozi, ahasanzwe hashinzwe umusaraba w’ikigongwe c’Imana ku musi w’Imana ukurikira Pasika y’uwu mwaka turimwo.

Nkako, Diyoseze ya Ngozi yarasavye Inama y’Abepiskopi Gatorika b’i Burundi ko Umusaraba w’urwaruka usanzwe uhererekanywa n’amadiyoseze wogira icicaro muri Diyoseze ya Ngozi, kandi yaravyemerewe. Hari rero umugambi w’ukwubaka ikirimba c’Ikigongwe c’Imana kuri uwo musozi wa Mukinya, kandi ibikenewe kugira ngo ico kibanza cegukire Diyoseze biriko birakorwa n’ababijewe.

Inkuka y’ Imisa yari irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Joriji Bizimana, Umwungere wa Diyoseze Ngozi, igihe c’isaha zine n’igice, akikijwe n’abasaserdoti, abihebeyimana, n’abakristu baserukiye abandi, baje bava mu maparuwase yose agize Diyoseze ya Ngozi. Hari kandi abajejwe amabanga atandukanye mu buzima bw’igihugu, mu vy’intwaro.

Mu nsiguro yiwe, Umwungere wa diyoseze Ngozi yagize ati : « Dukoraniye ng’aha ngo twifatanye na Ekleziya yo kw’isi yose, mu guhimbaza umusi mukuru w’ininahazwa ry’Umusaraba, ariko kandi ngo twugurure kandi umwaka w’ubutumwa w’2021-2022. Mu guhimbaza uwo musi mukuru, twibuka ko Yezu yemeye kubambwa ku musaraba, n’aho ico gihe urupfu rwo ku musaraba rwari rugenewe abaja batagira iteka nk’iry’Abaromani.  Twibuka rero ko aho ariho hari ishingiro y’ikinyegezwa c’urukundo rwa Yezu akunda abantu yaje gucungura, kuko yaje asa natwe, abaho nk’abandi, avukira mu muryango ubayabaye kandi ari Imana mushobora vyose. Amaze gukura yariyegereje ba nyarucari n’abakumirwa, ivyo vyose akabigira kugira akure abantu mu buja bw’igicumuro».

Ni ho rero Umwungere  yamenyesha ko muri Diyoseze  ya Ngozi,   uwu mwaka uzoharirwa ingo, ubona ko n’Umuvyeyi wacu Papa asanzwe yaraduhaye n’iyo ntumbero mw’Ekleziya yose ikwiye kw’isi. Nkako, mu ngo niho hari ishingiro ry’indero, maze ivyononekara canke ibikira bigahera mu ngo. Urugo rwiza narwo rwisunga umuryango mweranda w’i Nazareti.  Yasavye rero abagabo ko bokwama bigana Yozefu Mweranda, abagore bakigana akarorero ka Bikira Mariya, abana nabo bakigana Yezu Kristu.

Yisunze iyo nyigisho n’iyo ntumbero, yaciye amenyesha icivugo c’uwu mwaka w’ubutumwa w’2021-2022, kigira giti: « Tumurikiwe n’ukwemera : ni twubake Ekleziya muryango wacu, mu gukomeza ubukristu mu rugo, twisunze umuryango mweranda w’i Nazareti ». Ico civugo caje cisunga ico abanyamuryango bari bisunze mu mwaka uheze, aho batumirirwa kwakira Kristu ngo abungire ubumwe, abafashe kwitangira iterambere ry’Ekleziya-Muryango, iry’umutima n’iry’umubiri.

Yarangije asaba abasaserdoti, cane cane abarongoye amaparuwase, ko bokwitaho bimwe bidasanzwe ingo n’imiryango, mu gutegura inyigisho zizoronswa abakristu mu mice itandukanye y’abanyamuryango mw’iparuwase : urwaruka (abiga n’abatiga), abashimanye bitegurira kwubaka rukristu, abubakanye ariko batararenza imyaka cumi, abari mu ma yubile y’imyaka 25 na 50, ariko kandi bakitwararika ku buryo budasanzwe ingo ziri mu ngorane.

Ibirori vyabandanirije mu nzu y’amanama ya Diyoseze, aho abaserukiye amaparuwase n’abandi batumire babandanirije gusangira ijambo n’inzimano. Abafashe amajambo bose barakengurukiye Imana yabahaye umwaka iciye k’Umwungere wa Diyoseze Ngozi. Bikaba vyasozerewe mu kanyamuneza ntangere  ku muhezagiro wa Nyenicubahiro Umwungere wa Diyoseze  Ngozi.  

                             

Philbert MIBURO, ibiro vy’ukumenyesha n’uguhanahana amakuru muri Diyoseze.